ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Timoteyo 1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Timoteyo: ibirimwo

      • Indamutso (1, 2)

      • Pawulo ashimira Imana kubera ukwizera kwa Timoteyo (3-5)

      • Nutume ingabirano y’Imana iguma yaka nk’umuriro (6-11)

      • Gumya amajambo ngirakamaro (12-14)

      • Abashigikiye Pawulo n’abatamushigikiye (15-18)

2 Timoteyo 1:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 3:16; 6:40, 44; 1Pt 1:3, 4

2 Timoteyo 1:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 4:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    12/2020, rup. 28

    Umunara w’Inderetsi,

    1/1/2003, rup. 28

2 Timoteyo 1:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2015, rup. 15

2 Timoteyo 1:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Tm 4:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/11/2015, rup. 14

    1/7/1999, rup. 19

    1/6/1998, rup. 8-9

2 Timoteyo 1:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Tm 4:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    12/2020, rup. 28-29

    Urwaruka ruribaza, Igitabu ca 2, rup. 116

2 Timoteyo 1:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 8:15; 1Ts 2:2
  • +Lk 24:49; Ivk 1:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya, ikiganiro 24

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 47

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2013, rup. 23-24

    15/5/2009, rup. 15

    1/10/2006, rup. 22

2 Timoteyo 1:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 1:16
  • +Kl 1:24; 2Tm 2:3
  • +Fp 4:13; Kl 1:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2003, rup. 9-10

2 Timoteyo 1:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ef 1:4; Heb 3:1
  • +Ef 2:5, 8; Tt 3:5

2 Timoteyo 1:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 1:14; Heb 2:9
  • +1Kr 15:54; Heb 2:14
  • +Rm 1:16
  • +Yoh 5:24; 1Yh 1:2
  • +1Pt 1:3, 4

2 Timoteyo 1:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 9:15; 1Tm 2:7

2 Timoteyo 1:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 9:16; Ef 3:1
  • +2Kr 4:2
  • +2Tm 4:8

2 Timoteyo 1:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ntungamagara.»

  • *

    Canke «nk’umugero.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Tm 6:3, 4; Tt 1:7, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2008, rup. 31

    15/8/2008, rup. 24

    15/3/2006, rup. 31

    1/1/2003, rup. 29

    15/9/2002, rup. 16-17

2 Timoteyo 1:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 8:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    12/2020, rup. 29

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    4/2018, rup. 14

2 Timoteyo 1:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 19:10

2 Timoteyo 1:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Tm 4:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2004, rup. 20

2 Timoteyo 1:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Tim. 1:1Yoh 3:16; 6:40, 44; 1Pt 1:3, 4
2 Tim. 1:21Kr 4:17
2 Tim. 1:51Tm 4:6
2 Tim. 1:61Tm 4:14
2 Tim. 1:7Rm 8:15; 1Ts 2:2
2 Tim. 1:7Lk 24:49; Ivk 1:8
2 Tim. 1:8Rm 1:16
2 Tim. 1:8Kl 1:24; 2Tm 2:3
2 Tim. 1:8Fp 4:13; Kl 1:11
2 Tim. 1:9Ef 2:5, 8; Tt 3:5
2 Tim. 1:9Ef 1:4; Heb 3:1
2 Tim. 1:10Yoh 1:14; Heb 2:9
2 Tim. 1:101Kr 15:54; Heb 2:14
2 Tim. 1:10Rm 1:16
2 Tim. 1:10Yoh 5:24; 1Yh 1:2
2 Tim. 1:101Pt 1:3, 4
2 Tim. 1:11Ivk 9:15; 1Tm 2:7
2 Tim. 1:12Ivk 9:16; Ef 3:1
2 Tim. 1:122Kr 4:2
2 Tim. 1:122Tm 4:8
2 Tim. 1:131Tm 6:3, 4; Tt 1:7, 9
2 Tim. 1:14Rm 8:11
2 Tim. 1:15Ivk 19:10
2 Tim. 1:162Tm 4:19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Timoteyo 1:1-18

Timoteyo wa kabiri

1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, hisunzwe umuhango w’ubuzima buboneka biciye kuri Kristu Yezu+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje nkunda cane+.

Ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu bibane nawe.

3 Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda nk’uko ba sogokuruza banje bayikoreye, mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye. Nguma ndakwibuka igihe ntakamba ijoro n’umurango. 4 Nibutse amosozi yawe, nca nkumbura kukubona kugira ngo nuzure umunezero. 5 Kuko nibuka ukwizera kwawe kutagira ubwiyorobetsi+. Nyogokuru wawe Loyisi na nyoko wawe Enise ni bo babanje kugira ukwo kwizera, mugabo ndazi ntakeka ko nawe ugufise.

6 Ni co gituma ndakwibukije ngo utume ingabirano y’Imana iri muri wewe iguma yaka nk’umuriro, imwe waronka igihe nakurambikako ibiganza+. 7 Imana ntiyaduhaye impwemu y’ubwoba+, ahubwo yaduhaye impwemu ituma tugira ububasha+, urukundo n’ubwenge buroranye. 8 Ntuterwe isoni rero n’intahe yerekeye Umukama wacu+, canke ngo uterwe isoni nanje mpfunzwe ku bwiwe, ahubwo niwemere kwihanganira imibabaro+ ku bw’inkuru nziza wishimikije ububasha bw’Imana+. 9 Yaradukijije yongera iduhamagaza umuhamagaro mweranda+. Ntiyabigize kubera ibikorwa vyacu, ahubwo yabigize kubera umugambi wayo n’ubuntu bwayo buhebuje+. Twagiriwe ubwo buntu biciye kuri Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane, 10 ariko ubu bwaribonekeje neza biciye ku kwerekanwa kw’Umukiza wacu Kristu Yezu+, yakuyeho urupfu+ akongera akaduhishurira biciye ku nkuru nziza+ ingene tworonka ubuzima+ n’umubiri utabora+. 11 Kubera iyo nkuru nziza, naragenywe ngo mbe umuvugabutumwa nongere mbe intumwa n’umwigisha+.

12 Ni co gituma kandi nshikirwa n’iyi mibabaro+, ariko ntibintera isoni+. Ndazi uwo nizeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda ico namubikije gushika kuri wa musi+. 13 Amajambo ngirakamaro*+ wanyumvanye ugume uyafata nk’icitegererezo urabirako*, ufise ukwizera n’urukundo biva ku kwunga ubumwe na Kristu Yezu. 14 Rinda iyo mbitso nziza biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe+.

15 Nk’uko ubizi, abantu bose bo mu ntara ya Aziya+ barampevye, harimwo na Figelo na Herumojene. 16 Umukama agirire imbabazi abo mu rugo rwa Onesiforo+ kuko yanduhuye kenshi, kandi ntiyatewe isoni no kuba ndi mu munyororo. 17 Ahubwo igihe yari i Roma yarandondeye hasi hejuru, arantora. 18 Umukama azotume agirirwa imbabazi imbere ya Yehova* kuri wa musi. Kandi urazi neza ibikorwa vyose yakoze i Efeso.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika