14 Umugore w’ubwenge vy’ukuri yubaka inzu yiwe+,
ariko umugore w’ikijuju ayisambuza amaboko yiwe.
2 Uwugendera mu bugororotsi bwiwe aratinya Yehova,
ariko uwugendera mu nzira zigoramye aramusuzugura.
3 Amajambo y’ubwibone ikijuju kivuga ameze nk’inkoni,
ariko akanwa k’abanyabwenge karabakingira.
4 Ahatagira inka ubwato bw’ibitungwa buba busukuye,
ariko inguvu z’impfizi z’inka zituma haboneka umwimbu mwinshi.
5 Icabona cizigirwa ntikibesha,
ariko icabona c’ikinyoma kivuga ububeshi gusa+.
6 Umuntu w’ikigaba ararondera ubukerebutsi akabubura,
ariko umuntu afise ugutegera aronka ubumenyi bitagoranye+.
7 Nuce kure umuntu w’ikijuju,
kuko ata bintu birimwo ubwenge yigera avuga+.
8 Ubukerebutsi bw’umuntu yiyubara butuma amenya inzira acamwo,
ariko ibijuju bihendwa n’ubujuju bwavyo+.
9 Ibijuju birasuzugura amakosa yavyo+,
ariko abagororotsi baripfuza gusubiza hamwe.
10 Umuntu ni we ashobora gutahura umubabaro wiwe,
kandi n’umunezero wiwe nta wundi ashobora kuwutahura.
11 Inzu y’ababisha izosamburwa+,
ariko ihema ry’abagororotsi rizosagamba.
12 Hari inzira umuntu yibwira ko igororotse+,
ariko amaherezo igashikana ku rupfu+.
13 Umuntu arashobora gutwenga ariko ababaye mu mutima,
kandi umunezero urashobora kurangirira mu mubabaro.
14 Umuntu w’umutima w’umuhemu azobona ingaruka z’ingeso ziwe+,
ariko umuntu mwiza azoronka impembo y’ibikorwa vyiwe+.
15 Umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose,
ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe+.
16 Umunyabwenge ariyubara kandi agaca kure ikibi,
ariko ikijuju nta co kinezwe kandi kiriyizigira birenze.
17 Umuntu ashavura ningoga akora ivy’ubupfu+,
ariko umuntu azirikana yitonze baramwanka.
18 Abantu batagira ubwenge batorana ubupfu,
ariko abantu baciye ubwenge bambikwa urugori rw’ubumenyi+.
19 Abantu babi bazokwunamira abantu beza,
kandi ababisha bazokwunama ku marembo y’abagororotsi.
20 Mbere n’ababanyi b’umukene baramwanka+,
ariko umutunzi agira abagenzi benshi+.
21 Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye,
ariko uwugirira ubuntu abantu batobato arahiriwe+.
22 Mbega abategura imigambi mibi ntibazozimira?
Ariko abiyemeje gukora ivyiza barakundwa kandi bakizigirwa+.
23 Akigoro kose umuntu agize karavamwo ivyiza,
ariko uwishinga akarimi gusa atahira ubukene+.
24 Urugori rw’abantu b’abanyabwenge ni itunga ryabo,
ariko ibijuju bizotahira ubupfu bwavyo+.
25 Icabona c’ukuri kirarokora ubuzima,
ariko icabona c’ikinyoma kivuga ububeshi gusa.
26 Umuntu atinya Yehova aramwizigira cane+,
kandi ivyo bizobera ubuhungiro abana biwe+.
27 Gutinya Yehova ni isoko ry’ubuzima.
Birarinda umuntu kugwa mu mitego y’urupfu.
28 Abanyagihugu benshi batuma umwami agira iteka+,
ariko umutegetsi atagira abo atwara aba atemvye.
29 Uwuteba gushavura aba afise ugutahura kwinshi+,
ariko uwutihangana ashira ahabona ubupfu bwiwe+.
30 Umutima utekanye utuma umubiri ugira amagara meza,
ariko ishari ni nk’indwara ituma amagufa abungwa+.
31 Uwuzuruma umuntu mutoyi aba asuzuguye Uwamuremye+,
ariko uwugirira akagongwe umukene aba aninahaje Imana+.
32 Umubisha azotembagazwa n’ikibi ciwe,
ariko umugororotsi azokizwa n’ugutungana kwiwe+.
33 Ubukerebutsi bwihishije mu mutima w’umunyabwenge+,
ariko mu bijuju butegerezwa kwiyerekana.
34 Ubugororotsi butuma igihugu gishirwa hejuru+,
ariko igicumuro gituma ihanga rimaramara.
35 Umwami ahimbarwa n’umusuku akorana ubwenge+,
ariko uwukora ibintu biteye isoni aramushavuza+.