Petero wa kabiri
2 Ariko rero harabayeho n’abahanuzi b’ikinyoma mw’ihanga ry’Imana, nk’uko no muri mwebwe hazobaho abigisha b’ikinyoma+. Bazorema mu mpisho utugwi dusambura ukwizera, bihakane na shebuja yabaguze+, bikwegere gutikizwa ningoga. 2 Vyongeye, benshi bazokwigana inyifato yabo iteye isoni kandi y’akagagazo*+, kandi inzira y’ukuri izotukwa kubera bo+. 3 N’ikindi kandi, bazokoresha amajambo y’uruhendo, babarye imitsi babigiranye umwina. Mugabo urubanza baciriwe kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.
4 Vy’ukuri Imana ntiyaretse guhana ba bamarayika bacumuye+. Ahubwo yabatereye muri Tarutaro*+, ibashira mu minyororo* y’umwiza w’umuzitanya ngo bagumeyo gushika igihe c’ugushitswako urubanza+. 5 Ntiyaretse no guhana isi ya kera+, mugabo yarazigamye Nowa, umwe yamamaza ubugororotsi+, imuzigamira hamwe n’abandi indwi+ igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batubaha Imana+. 6 Kandi igihe Imana yatikiza ca gisagara ca Sodomu n’ica Gomora ikabihindura iminyota, yarabiciriye urubanza+, iba ihaye abantu batayubaha akarorero k’ibizoza+. 7 Yararokoye na wa mugororotsi Loti+ yatuntuzwa cane n’inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo* y’abagarariji. 8 Uko bukeye uko bwije, uwo muntu w’umugororotsi yamana akababaro mu mutima wiwe ugororotse, kubera ibikorwa vy’ubugarariji yabona kandi yumva igihe yabana na bo. 9 Yehova* arazi rero kurokora mu kigeragezo abantu bamwihebera+, mugabo abatagororotse akababika ngo bazotikizwe* ku musi w’urubanza+, 10 na canecane abarondera guhumanya imibiri y’abandi+, bagakengera n’ubukuru*+.
Barubahuka kandi ni intagondwa. Ntibatinya no gutuka abo Imana yateye iteka*. 11 Ariko abamarayika bobo, naho babarusha inkomezi n’ububasha, ntibabagiriza bakoresheje amajambo y’ibitutsi, kubera ko bubaha Yehova*+. 12 Mugabo abo bantu bavuga nabi ivyo batazi, bakaba bameze nk’ibikoko bitagira ubwenge bigenza itima vyavukiye gufatwa no kwicwa+. Bazoshikirwa n’agatikizo bakwegewe n’ingendo yabo ijana ku gatikizo, 13 baronke impembo yo kumererwa nabi kubera ubukozi bw’ikibi bwabo.
Bahimbarwa no kubaho biryohera+, n’igihe aba ari ku murango. Abo bantu ni ibirabagu n’utunenge kw’ishengero, abantu baryohererwa* inyigisho zabo z’uruhendo igihe baba bariko basangira namwe inzimano+. 14 Amaso yabo yuzuye ukurenga ibigo+ kandi ntashobora kuvavanura n’igicumuro. Bararyosharyosha abadashikamye*. Bafise umutima wamenyerejwe kugira umwina. Ni abana bavumwe. 15 Barataye inzira igororotse, barazimira. Bakurikiye inzira ya Balamu+ mwene Beyori, umwe yakunze impembo y’ubukozi bw’ikibi+, 16 mugabo agakosorwa kubera yarenze ku bigororotse+. Igitungwa c’igitwazi kitavuga caravuze n’ijwi ry’umuntu, kirabuza nya muhanuzi gukora ivy’ubusazi+.
17 Abo ni amasoko atagira amazi, bakaba n’ibipfungu bitwarwa n’igihuhusi gikaze. Babikiwe umwiza w’umuzitanya kuruta iyindi yose+. 18 Bavuga amajambo yo kwihambaza ata co amaze. Barafatira ku vyipfuzo vy’umubiri+, bagakora n’ibintu vyerekana inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*, kugira baryosharyoshe abakiva mu vyara vy’abantu babayeho mu buryo butabereye+. 19 Naho babasezeranira umwidegemvyo, bo ubwabo ni abaja b’ukubora+. Nakare umuntu aba umuja w’uwumurushije* ububasha+. 20 Mu vy’ukuri, nimba bamaze kuva mu buhumane bw’isi+ kubera bamenye neza Umukama Yezu Kristu akaba n’Umukiza wacu, hanyuma bagasubira kwisuka muri ivyo bintu nyene kandi bikabarusha inguvu, iherezo ryabo riba ribaye ribi gusumba uko ivyabo vyari mu ntango+. 21 Vyari kubabera vyiza kutamenya neza inzira y’ubugororotsi, hako bayimenya hanyuma bagaha umugongo amabwirizwa meranda bahawe+. 22 Ivyababayeko ni bimwe bivugwa muri wa mugani w’ukuri uvuga ngo: «Imbwa igarutse kurya ivyo yadashwe, n’ingurube yuhagiwe igarutse kwivurunga mu rwondo+.»