Imigani
5 Mwananje, nutege ugutwi amajambo yanje y’ubukerebutsi.
Niwumvirize neza ivyo ndakwigisha ku bijanye n’ugutahura+,
2 kugira uzigame ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira
kandi wame uvuga ibintu bihuye n’ukuri+.
3 Kuko iminwa y’umugore w’igitandero* itonyanga nk’ikimamara c’ubuki+,
kandi akanwa kiwe kanyerera kuruta amavuta+.
5 Ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu,
kandi intambwe ziwe zishikana neza na neza mu kuzimu.
6 Ntiyitaho na gato inzira y’ubuzima.
Aguma ayerera atazi n’iyo ariko araja.
8 Numuce kure,
kandi ntiwegere umuryango w’inzu yiwe+,
9 kugira ntuhave uha abandi icubahiro cawe+
canke ngo wimbure imibabaro mu myaka usigaje kubaho+,
10 kugira abantu b’ivyaduka ntibakumarireko utwawe*+,
ngo ivyo wabiriye akuya biherere mu nzu y’umunyamahanga.
11 Ahandiho uzoboroga mu mpera y’ubuzima bwawe,
igihe inyama zawe n’umubiri wawe bizoba biriko birashira+,
12 maze ukavuga uti: «Ese ukuntu nanse gutozwa indero!
Ese ukuntu umutima wanje wanse gukosorwa!
13 Naranse kwumviriza abanyigisha
kandi sinateze ugutwi abampanura.
Amabere yiwe nakubumbe* ibihe vyose.
Urukundo rwiwe rwame rugutwara umutima+.
23 Azopfa kubera yanka gutozwa indero,
kandi azozimira kubera ubujuju bwiwe burenze.