Imigani
2 Nukurikize amabwirizwa yanje maze ubandanye kubaho+,
uzigame itegeko* ryanje nk’imbone y’ijisho ryawe.
4 Bwira ubukerebutsi uti: «Uri mushikanje»,
ugutahura na kwo uguhamagare uti: «Ncuti yanje»,
6 Igihe nari kw’idirisha ry’inzu yanje,
nararavye hasi ncishije mu kayungiro.
8 Nuko aca iruhande y’ikorosi ry’ibarabara uwo mugore abako,
agenda atumbereye inzu abamwo.
9 Hari ku mugoroba buhwibiriye+,
ijoro n’umwiza vyegereje.
11 Avugira hejuru kandi ni intagondwa+.
Ntiyigera arangwa muhira*.
12 Umwanya umwe aba ari hanze, uwundi akaba ari mu kibanza rusangi*.
Aguma yitembereza ku masanganzira yose+.
13 Nuko aramufata akamusoma,
akamubwira ata n’udusoni ati:
14 «Natanze ibimazi vyo gusangira+.
Uyu musi nashikije indagano zanje.
15 Ni co gituma nasohotse kugusanganira.
Naje kukurondera, none nagutoye.
16 Igitanda canje nagishasheko ibisaswa vyiza cane,
17 Namotesheje igitanda canje, ndakimijagirako imira*, ingagari na kanele*+.
18 Ingo turyamane* burinde buca,
twinovore urukundo rusosa,
19 kuko umugabo wanje atari muhira,
yafashe urugendo rwa kure.
21 Aramuzimiza akoresheje ukujijura gukomeye+,
akamuryosharyosha akoresheje akarimi gasosa.
22 Ubwo nyene aca amukurikira nk’impfizi y’inka igiye ku macuniro*,
nk’ikijuju babohesheje amapingu* kugira bagihane+,
23 gushika umwampi umutobekeranije mu gitigu.
Nka kurya kw’inyoni yita mu mutego, ntamenya ko azohasiga ubuzima+.
24 Ubu rero bane banje, nimunyumvirize
kandi mutege ugutwi ivyo mvuga.
25 Ntimureke ngo abatware umutima*,
kandi ntimwiyerereze mu nzira ziwe+,
26 kuko abo amaze kugandagura ari benshi+.
Emwe, abo amaze kwica ntibagira igitigiri+.
27 Inzu yiwe ni inzira ija mu kuzimu,
kandi igushikana mu mwiza w’urupfu.