9 Ubukerebutsi nyakuri bwariyubakiye inzu,
bwibazira n’inkingi indwi zayo.
2 Bwarateguye neza inyama,
buravanga umuvinyu wabwo
bwongera burategura imeza.
3 Bwarungitse abasukukazi babwo
ahantu hataramutse mu gisagara, kugira basemerere+ bati:
4 «Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.»
Bubwira abantu bose batagira ubwenge buti:
5 «Nimuze murye ku bifungurwa vyanje,
munywe no ku muvinyu navanze.
6 Nimuhebe ubujuju bwanyu maze mubeho+.
Nimutere muja imbere mu nzira y’ugutegera+.»
7 Uwukebuye umucokoranyi aba yikwegeye agateterwe+,
kandi uwukosoye umubisha ntabura kugira ingorane.
8 Ntukosore umucokoranyi, ahandiho azoca akwanka+.
Urakosora umunyabwenge, na we azogukunda+.
9 Niwigishe umunyabwenge, na we azorushiriza kugira ubwenge+.
Niwigishe umugororotsi, na we azokwongereza ubumenyi bwiwe.
10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+,
kandi kumenya wa Mweranda cane+ ni kwo gutegera.
11 Kuko ubukerebutsi buzotuma imisi yawe iba myinshi+,
kandi imyaka y’ubuzima bwawe izokwongerekana.
12 Niwaca ubwenge, ni wewe bizogirira akamaro,
ariko niwaba umucokoranyi uzokwibonerako.
13 Umugore w’imburabwenge avugira hejuru+.
Ni ikijuju kandi nta kintu na kimwe azi.
14 Yicara ku muryango w’inzu yiwe,
ku ntebe, ahantu hataramutse mu gisagara+,
15 agasemerera abwira abarengana,
abagenda batumbereye inzira yabo ati:
16 «Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.»
Abwira abantu bose batagira ubwenge+ ati:
17 «Amazi bivye arasosa,
kandi ibifungurwa umuntu ariye yinyegeje biraryoha+.»
18 Ariko ntibazi ko inzu yiwe yuzuyemwo abapfuye,
ko abatumire biwe bari epfo mu kuzimu+.