Abalewi
11 Yehova abarira Musa na Aroni ati: 2 «Bwira Abisirayeli muti: “Ibi ni vyo bikoko vyo kw’isi mushobora kurya+: 3 igikoko cose gifise ikinono gisatuye kigatana kandi cuza, murashobora kukirya.
4 Ariko mu bikoko vyuza canke bifise ikinono gisatuye, ibi ni vyo mutazorya: ingamiya, kuko yuza ariko ikaba idafise ikinono gisatuye. Irahumanye kuri mwebwe+. 5 Inkezi yo mu bitandara+, kuko yuza mugabo ikaba idafise ikinono gisatuye. Irahumanye kuri mwebwe. 6 Urukwavu rwo mw’ishamba, kuko rwuza ariko rukaba rudafise ikinono gisatuye. Rurahumanye kuri mwebwe. 7 Hamwe n’ingurube+, kuko ifise ikinono gisatuye kandi gitanye ariko ikaba ituza. Irahumanye kuri mwebwe. 8 Ntimuze murye inyama zavyo canke ngo mukore ku mivyimba yavyo. Birahumanye kuri mwebwe+.
9 Ibi ni vyo mushobora kurya mu bintu vyose biba mu mazi: ikintu cose gifise amababa n’ibigaragamba kiba mu biyaga canke mu nzuzi, murashobora kukirya+. 10 Mugabo ikintu cose kiba mu biyaga no mu nzuzi ariko kidafise amababa n’ibigaragamba, haba mu dukoko twose dutoduto* no mu bindi bikoko vyose biba mu mazi, gikwiye kubashisha. 11 Emwe, bikwiye kubashisha. Ntimukwiye kurya inyama zavyo+ kandi n’imivyimba yavyo ikwiye kubashisha. 12 Ikintu cose kiba mu mazi kidafise amababa n’ibigaragamba gikwiye kubashisha.
13 Ibi ni vyo bikwiye kubashisha mu bikoko biguruka. Ntimuze mubirye kuko bishisha: inkona+, kagoma, inkukuma yirabura+, 14 ikinyamwanira gitukura, ubwoko bwose bw’ibinyamwanira vyirabura, 15 ubwoko bwose bw’ibikona, 16 imbuni*, igihuna, inguriguri, ubwoko bwose bw’agaca, 17 agahuna gatoyi, ikirovyi, igihuna c’amatwi maremare, 18 imbata yo mu mazi, inyanana, inkukuma, 19 agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure n’agahungarema. 20 Udukoko twose tw’amababa tugendera ku maguru ane dukwiye kubashisha.
21 Mu dukoko twose tw’amababa tugendera ku maguru ane, muzorya gusa udufise ayandi maguru abiri maremare adufasha gutaruka. 22 Utu ni two mushobora kurya: ubwoko butandukanye bw’inzige ziza zirimuka hamwe n’izindi nzige ziribwa+, imijogoja hamwe n’ibihori. 23 Utundi dukoko twose tw’amababa tugendera ku maguru ane dukwiye kubashisha. 24 Utwo dukoko twotuma muba abahumanye. Umuntu wese akoze ku muvyimba watwo azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 25 Umuntu wese atoye umuvyimba watwo akwiye kumesa impuzu ziwe+. Azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba.
26 Igikoko cose gifise ikinono gisatuye mugabo kidatanye kandi kikaba kituza, kirahumanye kuri mwebwe. Uwugikozeko wese azoca aba uwuhumanye+. 27 Ibikoko vyose bifise amaguru ane bigendera ku majanja* birahumanye kuri mwebwe. Umuntu wese akoze ku muvyimba wavyo azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 28 Umuntu wese ateruye umuvyimba wavyo akwiye kumesa impuzu ziwe+, maze akaba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Birahumanye kuri mwebwe.
29 Utu ni two dukoko duhumanye kuri mwebwe: ifuku, imbeba+, ubwoko bwose bw’imiserebanyi, 30 akaburuburu, ikivumbura*, umuserebanyi wo mu mazi, umuserebanyi wo mu musenyi n’uruvuruvu. 31 Utwo dukoko turahumanye kuri mwebwe+. Umuntu wese akoze ku mivyimba yatwo azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+.
32 Ikintu cose umuvyimba w’utwo dukoko uguyeko kizoca kiba igihumanye, yaba ari igikoresho co mu biti, impuzu, urushato canke igunira. Igikoresho cose uwo muvyimba uguyeko gikwiye kwinikwa mu mazi, kandi kizoba igihumanye gushika ku mugoroba. Inyuma y’aho kizoheza kibe ikidahumanye. 33 Uwo muvyimba niwagwa mu gikoresho c’ibumba muzoca mukimena, kandi ikintu cose cari muri co kizoca kiba igihumanye+. 34 Ibifungurwa vyose bigiyeko amazi yari muri ico gikoresho bizoca bihumana, kandi ikinyobwa cose cari mu co kizoca gihumana. 35 Ikintu cose umuvyimba w’utwo dukoko uguyeko kizoca gihumana. Yaba ifuru canke amashiga, mubwirizwa kukimena. Kizoba gihumanye kandi kizoguma gihumanye kuri mwebwe. 36 Iriba n’itangi y’amazi vyonyene ni vyo bizoguma bidahumanye, ariko umuntu wese akoze ku muvyimba w’utwo dukoko azoca aba uwuhumanye. 37 Umuvyimba watwo niwagwa ku mbuto zo gutera, izo mbuto ntizizohumana. 38 Ariko izo mbuto nizajako amazi hanyuma hakagira igihimba c’umuvyimba w’utwo dukoko kizigwako, izo mbuto zizoca ziba izihumanye kuri mwebwe.
39 Igikoko mwemerewe kurya nicapfa, uwukoze ku muvyimba waco wese azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 40 Umuntu wese azorya ku nyama z’uwo muvyimba akwiye kumesa impuzu ziwe, kandi azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Umuntu wese ateruye umuvyimba w’ico gikoko akwiye kumesa impuzu ziwe, kandi azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 41 Udukoko twose tugendagenda kw’isi dukwiye kubashisha+. Ntimukwiye kuturya. 42 Ntimuze murye igikoko cose gikwega inda hasi, ikigendesha amaguru ane canke agakoko kose kagendagenda kw’isi gafise amaguru menshi. Ni ibintu bishisha+. 43 Ntimuze mureke ngo utwo dukoko dutume muba abashisha. Ntimuze mureke ngo tubanduze, bitume muba abahumanye+. 44 Ndi Yehova Imana yanyu+. Mutegerezwa kwiyeza mukaba beranda+ kuko ndi mweranda+. Ntimukwiye rero kwihumanisha agakoko na kamwe kagendagenda kw’isi. 45 Ndi Yehova, uwabakuye mu Misiri kugira ndabereke ko ndi Imana yanyu+. Mutegerezwa kuba beranda+ kuko ndi mweranda+.
46 Iryo ni ryo tegeko rigenga ibikoko bigendagenda kw’isi, ibiguruka mu kirere, ibigendera mu mazi hamwe n’udukoko two kw’isi, 47 kugira mushobore gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, ibikwiye kuribwa n’ibidakwiye kuribwa+.”»