ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 26
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Uziya, umwami w’Ubuyuda (1-5)

      • Ubuhizi bwa Uziya mu vya gisirikare (6-15)

      • Uziya arwara imibembe kubera ubwibone (16-21)

      • Urupfu rwa Uziya (22, 23)

2 Ngoma 26:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 1:8
  • +2Bm 14:21

2 Ngoma 26:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga se Amaziya.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 9:26; 2Bm 16:6
  • +2Bm 14:22

2 Ngoma 26:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:1; 6:1
  • +2Bm 15:2

2 Ngoma 26:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 14:1, 3

2 Ngoma 26:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 14:7; Zb 1:2, 3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/12/2007, rup. 10

2 Ngoma 26:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 8:1; 2Ng 21:16; Yes 14:29
  • +1Ng 18:1
  • +Yos 15:11, 12
  • +Yos 15:20, 46; 1Sm 5:1

2 Ngoma 26:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 17:11

2 Ngoma 26:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:36, 38; Abc 11:15

2 Ngoma 26:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 14:2, 7
  • +2Bm 14:13; Yr 31:38; Zk 14:10
  • +Neh 3:13

2 Ngoma 26:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ashobora kuba yimvye mu rutare.

  • *

    Canke «mw’itaba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 9:17

2 Ngoma 26:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 24:11
  • +Gh 1:2, 3; 2Sm 24:9

2 Ngoma 26:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 11:1; 13:3; 14:8; 17:14; 25:5

2 Ngoma 26:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 11:5, 12
  • +1Sm 17:4, 5
  • +Abc 20:16; 1Sm 17:49; 1Ng 12:1, 2

2 Ngoma 26:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 14:2, 7

2 Ngoma 26:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 1:51

2 Ngoma 26:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 16:39, 40; 18:7
  • +Kv 30:7; 1Ng 23:13

2 Ngoma 26:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 16:10; 25:15, 16
  • +Gh 12:10; 2Bm 5:27

2 Ngoma 26:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’umwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 13:45, 46; Gh 5:2; 12:14, 15
  • +2Bm 15:5-7

2 Ngoma 26:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:1; 6:1

2 Ngoma 26:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 15:32

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 26:1Mt 1:8
2 Ngo. 26:12Bm 14:21
2 Ngo. 26:21Bm 9:26; 2Bm 16:6
2 Ngo. 26:22Bm 14:22
2 Ngo. 26:3Yes 1:1; 6:1
2 Ngo. 26:32Bm 15:2
2 Ngo. 26:42Bm 14:1, 3
2 Ngo. 26:52Ng 14:7; Zb 1:2, 3
2 Ngo. 26:62Sm 8:1; 2Ng 21:16; Yes 14:29
2 Ngo. 26:61Ng 18:1
2 Ngo. 26:6Yos 15:11, 12
2 Ngo. 26:6Yos 15:20, 46; 1Sm 5:1
2 Ngo. 26:72Ng 17:11
2 Ngo. 26:8It 19:36, 38; Abc 11:15
2 Ngo. 26:92Ng 14:2, 7
2 Ngo. 26:92Bm 14:13; Yr 31:38; Zk 14:10
2 Ngo. 26:9Neh 3:13
2 Ngo. 26:102Bm 9:17
2 Ngo. 26:112Ng 24:11
2 Ngo. 26:11Gh 1:2, 3; 2Sm 24:9
2 Ngo. 26:132Ng 11:1; 13:3; 14:8; 17:14; 25:5
2 Ngo. 26:142Ng 11:5, 12
2 Ngo. 26:141Sm 17:4, 5
2 Ngo. 26:14Abc 20:16; 1Sm 17:49; 1Ng 12:1, 2
2 Ngo. 26:152Ng 14:2, 7
2 Ngo. 26:16Gh 1:51
2 Ngo. 26:18Gh 16:39, 40; 18:7
2 Ngo. 26:18Kv 30:7; 1Ng 23:13
2 Ngo. 26:192Ng 16:10; 25:15, 16
2 Ngo. 26:19Gh 12:10; 2Bm 5:27
2 Ngo. 26:21Lw 13:45, 46; Gh 5:2; 12:14, 15
2 Ngo. 26:212Bm 15:5-7
2 Ngo. 26:22Yes 1:1; 6:1
2 Ngo. 26:232Bm 15:32
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 26:1-23

Ngoma za kabiri

26 Abantu bose bo mu Buyuda baca bafata Uziya+ bamugira umwami mu kibanza ca se Amaziya. Ico gihe yari afise imyaka 16+. 2 Ni we yagaruje igisagara ca Eloti+ gisubira kwegukira Ubuyuda, yongera asubira kucubaka. Ivyo vyabaye inyuma y’aho umwami* apfiriye+. 3 Uziya+ yari afise imyaka 16 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 52 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya, akaba yava i Yeruzalemu+. 4 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Amaziya+. 5 Igihe Zakariya yari akiriho, Uziya yagumye arondera Imana. Zakariya yamwigisha gutinya Imana y’ukuri. Yehova Imana y’ukuri yatumye Uziya atunganirwa muri ico gihe yamurondera+.

6 Yarateye Abafilisitiya+ amena uruzitiro rw’igisagara ca Gati+, urw’igisagara ca Yabune+ n’urw’igisagara ca Ashidodi+. Hanyuma yubaka ibisagara mu karere kegukira Ashidodi no mu tundi turere tw’Abafilisitiya. 7 Imana y’ukuri ibandanya kumufasha kurwanya Abafilisitiya, Abarabu+ baba i Guribayali n’Abamewunimu. 8 Abamoni+ batangura guha ikori* Uziya. Yahavuye aba rurangiranwa gushika mu Misiri, kuko yari asigaye akomeye bimwe bidasanzwe. 9 Vyongeye, Uziya yubaka iminara+ i Yeruzalemu, iruhande y’irembo ryo mu mfuruka+, iruhande y’irembo ryo ku mubande+ n’iruhande y’ahitwa ku rwego, arayikomeza. 10 Yubaka n’iminara+ mu bugaragwa yongera yimba* ibinogo vyinshi vy’amazi (kuko yari afise ibitungwa vyinshi). Agira gutyo no mu karere ka Shefela no mu kiyaya*. Yari afise abarimyi n’abakorera mu mirima y’imizabibu mu misozi n’i Karumeli kuko yakunda uburimyi.

11 Vyongeye, Uziya yahavuye agira ingabo zifise ibirwanisho bikwiye. Izo ngabo zaraja kugaba ibitero ziri mu migwi. Umunyamabanga+ Yeyeli n’umukuru Mayaseya ni bo baharuye izo ngabo bongera barazandika+. Bari bahagarikiwe n’umwe mu ntwazangabo z’umwami yitwa Hananiya. 12 Abo barwanyi b’intwari bari bahagarikiwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Abo bakuru bose hamwe bari 2.600. 13 Ingabo bari bahagarikiye zari zigizwe n’abagabo 307.500 biteguriye urugamba. Zari ingabo zikomeye cane zafasha umwami kwivuna umwansi+. 14 Izo ngabo zose yazironkeje inkinzo, amacumu+, inkofero, amakoti y’ivyuma+, imiheto n’amabuye bateresha umugozi+. 15 Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara vyatunganijwe n’abahinga. Babishize ku minara+ no mu mfuruka z’uruzitiro, bikaba vyarasa imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko aba rurangiranwa mu mihingo yose kuko yafashijwe mu buryo budasanzwe, arahava arakomera cane.

16 Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone, bimukwegera akarambaraye. Yarahemukiye Yehova Imana yiwe, yinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+. 17 Ubwo nyene umuherezi Azariya n’abaherezi 80 ba Yehova b’umutima rugabo baca barinjira baramukurikira. 18 Bahangana n’umwami Uziya bamubwira bati: «Ewe Uziya, guturirira imibavu Yehova+ si igikorwa cawe. Abaherezi ni bo bonyene barekuriwe guturira imibavu kuko bakomoka kuri Aroni+ kandi Imana ikaba yarabejeje. Sohoka uve aha hantu heranda kuko wahemutse, kandi nta cubahiro biguhesha kuri Yehova Imana.»

19 Mugabo Uziya aca arashavura cane+. Yari afise agapanu batuririramwo imibavu, agira ayiturire. Muri uwo mwanya yari agishavuriye abaherezi, imibembe+ isesa mu ruhanga rwiwe aho nyene imbere y’abaherezi, mu nzu ya Yehova hafi y’igicaniro c’imibavu. 20 Umukuru w’abaherezi Azariya n’abaherezi bose bahindukiye bakamuraba, babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga. Nuko baranyaragasa bamukura ng’aho, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamuhanye.

21 Umwami Uziya yagumye arwaye imibembe gushika apfuye. Yagumye aba mu nzu ya wenyene kubera iyo mibembe+. Ntiyari yemerewe kuja mu nzu ya Yehova. Umuhungu wiwe Yotamu ni we yaraba ivyo ku kirimba*, agatunganiriza abanyagihugu+.

22 Ibisigaye ku vyerekeye Uziya, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe n’umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi. 23 Maze Uziya arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza. Mugabo bamushize ukwiwe mw’itongo bahambamwo abami, kuko bavuga bati: «Ni umunyamibembe.» Umuhungu wiwe Yotamu+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika