ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 34
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Yosiya, umwami w’Ubuyuda (1, 2)

      • Ibintu Yosiya yahinduye (3-13)

      • Batora igitabu c’amategeko (14-21)

      • Hulida avuga ivyago bizoba (22-28)

      • Yosiya asomera abantu ibiri mu gitabu (29-33)

2 Ngoma 34:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 13:2; Zf 1:1; Mt 1:10
  • +2Bm 22:1, 2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2005, rup. 21

2 Ngoma 34:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «agendera mu nzira zose za sekuruza Dawidi.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2005, rup. 21

2 Ngoma 34:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

  • *

    Canke «mu cuma bashongesheje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 15:2
  • +2Bm 23:4, 14
  • +2Ng 33:17
  • +2Ng 33:21, 22

2 Ngoma 34:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu cuma bashongesheje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:6

2 Ngoma 34:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 13:2; 2Bm 23:16

2 Ngoma 34:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:19; 2Ng 30:1

2 Ngoma 34:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:41
  • +2Ng 31:1

2 Ngoma 34:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:12
  • +2Bm 22:3-6

2 Ngoma 34:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 30:11, 18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 55

2 Ngoma 34:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 55

2 Ngoma 34:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abahinguzi b’utugenegene.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:11, 12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 55

2 Ngoma 34:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:15
  • +1Ng 23:6
  • +2Ng 20:19
  • +1Ng 25:1

2 Ngoma 34:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bikorera imizigo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 8:14

2 Ngoma 34:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «biciye ku kuboko kwa Musa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:4
  • +Gus 17:18; 31:24-26; Yos 1:8; 2Bm 22:8
  • +Lw 26:46

2 Ngoma 34:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bacuranuye.»

2 Ngoma 34:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:8
  • +Gus 17:18, 19

2 Ngoma 34:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:11-13

2 Ngoma 34:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:22; Yr 40:14

2 Ngoma 34:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:17, 18; 31:16, 24-26; Yos 1:8

2 Ngoma 34:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko yari ajejwe ivyambarwa vy’abaherezi canke vy’umwami.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:20; Abc 4:4; Lk 2:36; Ivk 21:8, 9
  • +2Bm 22:14-20

2 Ngoma 34:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 35:17
  • +Lw 26:16; Gus 28:15; 30:17, 18; Dn 9:11

2 Ngoma 34:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 29:22, 23; Yr 7:20
  • +Gus 28:20
  • +2Bm 21:1, 3, 6; 2Ng 28:1, 3

2 Ngoma 34:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 34:19

2 Ngoma 34:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umutima wawe uca uroroha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 32:26; 33:11, 13

2 Ngoma 34:28

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nzokwegeranya uhamvye ba sogokuruza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 21:29; Yes 39:8

2 Ngoma 34:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:1

2 Ngoma 34:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abato canke abakuze.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:2; 2Ng 17:3, 9; Neh 8:3

2 Ngoma 34:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «asubira gusezeranira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 10:3
  • +Gus 6:5
  • +Gus 31:24-26; 2Bm 22:8

2 Ngoma 34:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 30:1, 12; 33:1, 16

2 Ngoma 34:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibigirwamana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2005, rup. 21

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 34:11Bm 13:2; Zf 1:1; Mt 1:10
2 Ngo. 34:12Bm 22:1, 2
2 Ngo. 34:32Ng 15:2
2 Ngo. 34:32Bm 23:4, 14
2 Ngo. 34:32Ng 33:17
2 Ngo. 34:32Ng 33:21, 22
2 Ngo. 34:42Bm 23:6
2 Ngo. 34:51Bm 13:2; 2Bm 23:16
2 Ngo. 34:62Bm 23:19; 2Ng 30:1
2 Ngo. 34:72Bm 17:41
2 Ngo. 34:72Ng 31:1
2 Ngo. 34:82Bm 22:12
2 Ngo. 34:82Bm 22:3-6
2 Ngo. 34:92Ng 30:11, 18
2 Ngo. 34:112Bm 12:11, 12
2 Ngo. 34:122Bm 12:15
2 Ngo. 34:121Ng 23:6
2 Ngo. 34:122Ng 20:19
2 Ngo. 34:121Ng 25:1
2 Ngo. 34:132Ng 8:14
2 Ngo. 34:142Bm 22:4
2 Ngo. 34:14Gus 17:18; 31:24-26; Yos 1:8; 2Bm 22:8
2 Ngo. 34:14Lw 26:46
2 Ngo. 34:182Bm 22:8
2 Ngo. 34:18Gus 17:18, 19
2 Ngo. 34:192Bm 22:11-13
2 Ngo. 34:202Bm 25:22; Yr 40:14
2 Ngo. 34:21Gus 30:17, 18; 31:16, 24-26; Yos 1:8
2 Ngo. 34:22Kv 15:20; Abc 4:4; Lk 2:36; Ivk 21:8, 9
2 Ngo. 34:222Bm 22:14-20
2 Ngo. 34:24Yr 35:17
2 Ngo. 34:24Lw 26:16; Gus 28:15; 30:17, 18; Dn 9:11
2 Ngo. 34:25Gus 29:22, 23; Yr 7:20
2 Ngo. 34:25Gus 28:20
2 Ngo. 34:252Bm 21:1, 3, 6; 2Ng 28:1, 3
2 Ngo. 34:262Ng 34:19
2 Ngo. 34:272Ng 32:26; 33:11, 13
2 Ngo. 34:281Bm 21:29; Yes 39:8
2 Ngo. 34:292Bm 23:1
2 Ngo. 34:302Bm 23:2; 2Ng 17:3, 9; Neh 8:3
2 Ngo. 34:31Ezr 10:3
2 Ngo. 34:31Gus 6:5
2 Ngo. 34:31Gus 31:24-26; 2Bm 22:8
2 Ngo. 34:322Ng 30:1, 12; 33:1, 16
2 Ngo. 34:332Bm 23:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 34:1-33

Ngoma za kabiri

34 Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 31 aganza i Yeruzalemu+. 2 Yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, akora nk’ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose*, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu.

3 Mu mwaka ugira 8 ari umwami, akaba yari akiri muto, atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi+. Mu mwaka ugira 12 na ho, atangura guhumanura Ubuyuda na Yeruzalemu+, akurayo ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’inkingi nyeranda z’ibiti* n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishusho bikozwe mu cuma*. 4 Vyongeye, basiturira hasi imbere yiwe ibicaniro vyubakiwe za Bayali. Asitura n’ibishirwako imibavu vyari hejuru ya nya bicaniro. Afata inkingi nyeranda z’ibiti, ibishusho bibajwe be n’ibishusho bikozwe mu cuma* arabimenagura abigira ifu, maze ayimijagira ku mva z’abahora babishikanira ibimazi+. 5 Amagufa y’abaherezi ayaturirira ku bicaniro+ vyabo. Ukwo ni ko yahumanuye Ubuyuda na Yeruzalemu.

6 Vyongeye, mu bisagara biri mu karere ka Manase, aka Efurayimu+, aka Simeyoni gushika mu karere ka Nafutali no mu bibanza bihakikuje vyasambuwe, 7 asiturira hasi ibicaniro, amenagura inkingi nyeranda z’ibiti n’ibishusho bibajwe+, abigira ifu. Asitura ibicaniro vyose baturirirako imibavu vyari mu gihugu cose ca Isirayeli+, araheza asubira i Yeruzalemu.

8 Mu mwaka ugira 18 ari umwami, amaze guhumanura igihugu n’urusengero*, atuma Shafani+ mwene Azaliya, Mayaseya umukuru w’igisagara na Yowa mwene Yehowahazi umwanditsi w’ivyaja biraba, ngo baje gusanasana inzu ya Yehova Imana yiwe+. 9 Baza ku muherezi mukuru Hilikiya bamuha amahera yose yari yazanywe mu nzu y’Imana. Abalewi barinda imiryango ni bo bari bayegeranije bayakuye mu bo mu muryango wa Manase, uwa Efurayimu no mu yindi miryango ya Isirayeli+, mu baba mu Buyuda, mu karere ka Benyamini n’i Yeruzalemu. 10 Maze ayo mahera aca ahabwa abatowe ngo bahagarikire ibikorwa vyo ku nzu ya Yehova. Abakora ivyo bikorwa vyo ku nzu ya Yehova na bo baraheza bayakoresha mu gukomeza no mu gusanasana iyo nzu. 11 Bayahaye ababaji* n’abubatsi kugira ngo bagure amabuye abajwe n’ibiti vyo gushigikiza igisenge, no kugira ngo bubakishe ibigiga amazu abami b’Ubuyuda bari bararetse arononekara+.

12 Kandi abo bagabo bari abizigirwa mu gikorwa bajejwe+. Aba ni bo Balewi bari bagenywe ngo babahagarikire: mu Bamerari+ yari Yahati na Obadiya, mu Bakohati+ na ho yari Zakariya na Meshulamu. Abandi Balewi b’abahinga mu vy’indirimbo+ 13 bari bajejwe abakozi basanzwe*, kandi ni bo bari bahagarikiye abantu bose bakora ibikorwa vy’ubwoko bwose. Hari abandi Balewi bari abanyamabanga, indongozi n’abarinzi b’amarembo+.

14 Igihe bariko barasohora amahera yazanywe ku nzu ya Yehova+, umuherezi Hilikiya yarubuye igitabu c’amategeko ya Yehova+ yatanzwe biciye kuri Musa*+. 15 Nuko Hilikiya abwira umunyamabanga Shafani ati: «Natoye igitabu c’amategeko mu nzu ya Yehova.» Hilikiya aca agiha Shafani. 16 Maze Shafani azanira ico gitabu umwami, amubwira ati: «Abasuku bawe bariko barakora ivyo basabwe gukora vyose. 17 Begeranije* amahera yari mu nzu ya Yehova, baca bayaha abatowe ngo bahagarikire ibikorwa be n’abariko barabikora.» 18 Umunyamabanga Shafani yongerako ati: «Hari igitabu umuherezi Hilikiya yampaye+.» Nuko Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami+.

19 Umwami ngo yumve ibivugwa muri ayo mategeko, aca yitaburirako impuzu+. 20 Araheza ategeka Hilikiya na Ahikamu+ mwene Shafani na Abudoni mwene Mika n’umunyamabanga Shafani na Asaya umusuku w’umwami ati: 21 «Nimugende mumbarize Yehova, mubarize n’abasigaye muri Isirayeli no mu Buyuda ibijanye n’amajambo yo mu gitabu catowe. Yehova azodusukako ishavu ryinshi cane kuko ba sogokuruza batashize mu ngiro ijambo rya Yehova. Ntibubahirije ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu+.»

22 Nuko Hilikiya n’abo umwami yarungitse baja ku muhanuzikazi+ Hulida, muka Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi. Shalumu yari ajejwe ivyambarwa*. Hulida yaba mu gace ka kabiri k’igisagara ca Yeruzalemu. Aho ni ho bavuganiye+. 23 Na we ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Mubwire umugabo yabantumyeko muti: 24 ‘Yehova avuze ati: “Ngira nteze ivyago aha hantu n’abahaba+, ndabazaneko imivumo yose yanditswe muri ico gitabu+ basomeye imbere y’umwami w’Ubuyuda. 25 Nzosuka ishavu ryanje aha hantu nk’umuriro udashobora kuzima+, kubera ko abaho bampevye+, bakaba bashikanira izindi mana ibimazi bigafumba umwotsi. Ivyo babigira kugira ngo bambabaze+ biciye ku vyo bakora vyose.”’ 26 Ariko mubwire umwami w’Ubuyuda yabatumye kubaza Yehova muti: ‘Ku bijanye n’amajambo wumvise+, ng’ibi ivyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: 27 “Wumvise ivyo navuze ku bijanye n’aha hantu n’abahaba, biragukora ku mutima*. Waciye wicisha bugufi imbere yanje jewe Imana yawe, uraheza witaburirako impuzu uririra imbere yanje. Nanje rero nakwumvise+, ni jewe Yehova ndabivuze. 28 Ni co gituma nzoreka ukipfira* bakaguhamba mu mva yawe amahoro, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose nzoteza aha hantu n’abahaba+.”’”»

Nuko bazanira umwami iyo nyishu. 29 Maze umwami atumako abashingantahe bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 30 Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu, abaherezi n’Abalewi, ni ukuvuga abantu bose, baba abato canke abahambaye*. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu c’isezerano bari batoye mu nzu ya Yehova+. 31 Umwami ahagarara mu kibanza ciwe, asezeranira*+ imbere ya Yehova yuko azogamburukira Yehova, akubahiriza amabwirizwa yiwe, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yiwe. Asezerana kuzobigira n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose+, agakurikiza ivyanditswe muri ico gitabu+ c’isezerano. 32 Vyongeye, aremesha ababa i Yeruzalemu bose no mu karere ka Benyamini ngo baryemere. Nuko ababa i Yeruzalemu bakurikiza isezerano ry’Imana, Imana ya ba sekuruza babo+. 33 Maze Yosiya akura ibintu bishisha* mu turere twose twegukira Abisirayeli+, afasha ababa muri Isirayeli bose gukorera Yehova Imana yabo. Imisi yose yamaze akiriho, bagumye bakurikira Yehova Imana ya ba sekuruza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika