20 Umuvinyu utuma umuntu acokorana+, inzoga ituma atera akajagari+.
Uwuzimizwa na vyo wese ntagira ubwenge+.
2 Iterabwoba ry’umwami rimeze nk’ukuroha kw’intambwe+.
Uwumushavuza wese arahakwa kuhasiga ubuzima+.
3 Uwirinda ibihari aba yiteye iteka+,
ariko abantu b’ibijuju bavyisukamwo+.
4 Ikinebwe ntikirima mu rushana.
Mu gihe c’iyimbura gica gisegerereza kuko ata co kiba gifise+.
5 Ivyiyumviro vyo mu mutima w’umuntu bimeze nk’amazi ari kure epfo,
ariko umuntu afise ugutahura arabivoma.
6 Abantu benshi barihayagiza ngo ni intahemuka,
ariko umuntu w’umwizigirwa womukura hehe?
7 Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe+.
Hahiriwe abana azosiga+.
8 Iyo umwami yicaye ku ntebe ngo ace imanza+,
amaso yiwe nta kibi na kimwe kiyacika+.
9 Ni nde yovuga ngo: «Naratyoroye umutima wanje+,
nta gicumuro mfise+»?
10 Amabuye y’umunzane asondetse n’ingero zisondetse,
vyose birashisha Yehova+.
11 Mbere n’ibikorwa vy’umwana
birerekana ko ingeso ziwe zityoroye kandi zigororotse+.
12 Ugutwi kwumva be n’ijisho ribona,
vyose ni Yehova yabikoze+.
13 Ntukunde itiro, ahandiho ubukene buzokwinjirana+.
Kanura amaso yawe, uzoheza uronke ibifungurwa bihagije+.
14 Umuguzi avuga ngo: «Si ciza, si ciza na gato!»,
ariko yamara kurengana akagenda arigamba+.
15 Hariho inzahabu, hakaba n’amabuye y’agaciro menshi yitwa korali,
ariko iminwa ivuga ivy’ubwenge irabirusha agaciro+.
16 Umuntu niyishinga ingurane y’umuntu atazi, uraca ufata impuzu yiwe+,
ariko niyishinga ingurane y’umugore w’igihumbu, uraca umwaka ingwati+.
17 Umukate ubonetse biciye ku bubeshi uraryohera umuntu,
ariko mu nyuma akanwa kiwe kazokwuzura urucekeri+.
18 Iyo habaye ukuja inama imigambi iraroranirwa+,
kandi ukwiye kurwana intambara yawe wisunze impanuro nziza+.
19 Umubeshi agenda aramena ibanga+.
Ntukifatanye n’uwukunda kuvuga urusaku.
20 Uwutuka se na nyina,
itara ryiwe rizozima umwijima ushitse+.
21 Intoranwa umuntu aronse mu nzira mbi,
amaherezo nta muhezagiro ayikuramwo+.
22 Ntuvuge ngo: «Nzokwishura umuntu ikibi+!»
Niwizigire Yehova+, na we azogufasha+.
23 Amabuye y’umunzane asondetse arashisha Yehova,
kandi umunzane wiba si mwiza.
24 Yehova ni we ayobora intambuko z’umuntu+.
None umuntu yotahura gute inzira yiwe?
25 Umuntu aba yiteze umutego iyo yihutiye gusemerera ngo: «Ni ceranda+!»,
maze akaja gusuzuma indagano yagize mu nyuma+.
26 Umwami aciye ubwenge aragosora ababisha+,
maze akabacishako ikurudumu batonoza intete+.
27 Impemu z’umuntu ni itara rya Yehova
rihishura ibiri mu mutima w’umuntu.
28 Urukundo n’ubwizigirwa ni vyo bizigama umwami+.
Urukundo rwiwe ni rwo ashigikiza intebe yiwe y’ubwami+.
29 Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo+,
ubwiza bw’abatama na bwo ni imvi zabo+.
30 Ibipfupfuri n’ibisebe ni vyo bikuraho ikibi+,
kandi inkoni ni zo zityorora ibiri mu mutima w’umuntu.