Kuvayo
20 Imana iraheza ivuga aya majambo yose iti+:
2 «Ndi Yehova Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misiri, igihugu wabayemwo uri umushumba*+. 3 Ntukagire izindi mana umbangikanya*+.
4 Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho y’ikintu ico ari co cose kiri hejuru mw’ijuru, canke hasi kw’isi canke mu mazi+. 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubisenga*+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba gusengwa* yonyene+. Mpanira abana ikosa rya ba se gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka, 6 mugabo nkagirira ubuntu* urunganwe rugira igihumbi rw’abankunda bakagumya amabwirizwa yanje+.
7 Ntugakoreshe nabi izina rya Yehova Imana yawe+, kuko Yehova atazoreka guhana uwo wese akoresha nabi izina ryiwe+.
8 Wibuke kwubahiriza umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda+. 9 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 10 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, igitungwa cawe canke kavamahanga aba mu mahema yawe+. 11 Kuko Yehova yaremye ijuru n’isi, ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo mu misi itandatu, agatangura kuruhuka ku musi ugira indwi+. Ni co gituma Yehova yahezagiye umusi w’isabato, akawugira mweranda.
12 Tera iteka so wawe na nyoko wawe+ kugira urambire mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+.
16 Ntukagirize ibinyoma mugenzawe+.
17 Ntukipfuze inzu ya mugenzawe. Ntukipfuze umugore wa mugenzawe+, umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yiwe, indogobwa yiwe canke ikintu ico ari co cose ca mugenzawe+.»
18 Ico gihe abantu bose barumva imituragaro n’ijwi ry’inzamba, kandi barabona imiravyo n’umusozi uriko urafumba umwotsi. Babonye ivyo bintu, baca barajugumira maze bahagarara kure+. 19 Nuko babwira Musa bati: «Ba ari wewe utubwira natwe turumviriza, ariko Imana ntibandanye kuvugana natwe, ahandiho twopfa+.» 20 Musa aca ababwira ati: «Ntimutinye, kuko Imana y’ukuri yaje kubageza+ kugira mubandanye kuyitinya, ntimucumure+.» 21 Abantu baguma bahagaze kure, ariko Musa yegera ca gicu c’umuzitanya aho Imana y’ukuri yari+.
22 Maze Yehova abwira Musa ati: «Ubwire Abisirayeli uti: “Mwariboneye ko navuganye namwe ndi mw’ijuru+. 23 Ntimuze muhingure imana z’ifeza mumbangikanya, kandi ntimuze mwihingurire imana z’inzahabu+. 24 Muze munyubakire igicaniro c’ivu, abe ari co mutangirako amashikanwa aturirwa, ibimazi vyo gusangira* be n’ibitungwa vyanyu. Ahantu hose nzohitamwo ko izina ryanje ryibukirwa+, nzohabasanga ndabahezagire. 25 Nimwanyubakira igicaniro c’amabuye, ntimuze mucubakishe amabuye abajwe+. Nimwagikozako icuma* muzoba mugihumanije. 26 Ntimuze muduge ku gicaniro canje muciye ku ngazi, kugira ubwambure* bwanyu ntibuboneke muri kuri co.”»