Abaheburayo
5 Kuko umuherezi mukuru wese atowe mu bantu agenwa kugira akorere Imana ku neza yabo+, ashikane amashikanwa n’ibimazi ku bw’ibicumuro+. 2 Arashoboye kugirira impuhwe* abakora amakosa* kubera ukutamenya kuko na we nyene ahanzwe n’ubugoyagoye* bwiwe bwite. 3 Kandi kubera ubwo bugoyagoye, abwirizwa gushikana amashikanwa y’ibicumuro vyiwe bwite nk’uko ashikana ay’ibicumuro vy’abandi bantu+.
4 Umuntu si we yiha iryo teka ahubwo arironka gusa igihe Imana irimuhamagariye, nk’uko vyabaye kuri Aroni+. 5 Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.» 6 Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»
7 Igihe Kristu yaba kw’isi*, yaratakambiye Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu yongera aramusaba, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi+, kandi yarumviwe kubera ko yatinya Imana. 8 Naho yari umwana wayo, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye+. 9 Aho amariye kugirwa uwutagira akanenge+, yacitse uwujejwe kuronsa ubukiriro bw’ibihe bidahera abamugamburukira bose+, 10 kuko Imana yamugize umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki+.
11 Turafise vyinshi twomuvugako kandi biragoye gusigura kuko musigaye muteba kwumva. 12 Naho ubu* mwari mukwiye kuba muri abigisha, murakeneye kandi uwubigisha guhera ku ntango ibintu vy’ishimikiro*+ vy’amajambo meranda y’Imana, kandi mwasubiye kuba abantu bakeneye amata, aho kurya ibifungurwa bigumye. 13 Erega umuntu wese abandanya gutungwa n’amata aba atazi ijambo ry’ubugororotsi, kuko aba ari umwana mutoyi+. 14 Mugabo ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, bamwe bakoresha ububasha bwabo bwo gutahura bakabumenyereza gutandukanya iciza n’ikibi.