ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 38
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Igitero ca Gogi kuri Isirayeli (1-16)

      • Ishavu Yehova afitiye Gogi (17-23)

        • «Amahanga azomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova» (23)

Ezekiyeli 38:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «wa muganwa mukuru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 38:15
  • +Yes 66:19; Ezk 27:13; 32:26
  • +Ezk 39:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    5/2020, rup. 15

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    9/2019, rup. 11

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2007, rup. 9

    1/3/1997, rup. 24

Ezekiyeli 38:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «wewe muganwa mukuru.»

Ezekiyeli 38:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.

  • *

    Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 19:20, 28; Ezk 29:3, 4; 39:2
  • +Ezk 38:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/1997, rup. 29-31

Ezekiyeli 38:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 1:8

Ezekiyeli 38:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 10:2, 3; Ezk 27:14
  • +Ezk 39:2

Ezekiyeli 38:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umurinzi.»

Ezekiyeli 38:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uzotumwako.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 23:5, 6; Ezk 28:25, 26; 34:25

Ezekiyeli 38:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «c’uturere tutazitiye two mu gihugu hagati.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2015, rup. 29

    Ubwami bw’Imana buraganza!, rup. 227

Ezekiyeli 38:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 33:12
  • +Zk 10:8
  • +Yes 60:5; 61:6

Ezekiyeli 38:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 27:22
  • +Ezk 27:15
  • +Ezk 27:25

Ezekiyeli 38:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 38:8

Ezekiyeli 38:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 39:2
  • +Zf 3:8

Ezekiyeli 38:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yw 3:2
  • +Kv 14:4; 2Bm 19:17-19; Zb 83:17, 18; Ezk 39:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2015, rup. 19

    15/9/2012, rup. 5-6

    15/3/2009, rup. 18-19

Ezekiyeli 38:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yw 3:16; Nah 1:2; Zk 2:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Ubwami bw’Imana buraganza!, rup. 227

Ezekiyeli 38:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Nah 1:5

Ezekiyeli 38:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 20:23; Hg 2:22; Zk 14:13

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Ubwami bw’Imana buraganza!, rup. 227

Ezekiyeli 38:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzoburana na we.»

  • *

    Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 14:12
  • +Kv 9:22; Yos 10:11
  • +Yes 30:30
  • +It 19:24
  • +Yr 25:31

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 38:2Ezk 38:15
Ezk. 38:2Yes 66:19; Ezk 27:13; 32:26
Ezk. 38:2Ezk 39:1
Ezk. 38:42Bm 19:20, 28; Ezk 29:3, 4; 39:2
Ezk. 38:4Ezk 38:15
Ezk. 38:51Ng 1:8
Ezk. 38:6It 10:2, 3; Ezk 27:14
Ezk. 38:6Ezk 39:2
Ezk. 38:8Yr 23:5, 6; Ezk 28:25, 26; 34:25
Ezk. 38:11Kv 15:9
Ezk. 38:12Yr 33:12
Ezk. 38:12Zk 10:8
Ezk. 38:12Yes 60:5; 61:6
Ezk. 38:13Ezk 27:22
Ezk. 38:13Ezk 27:15
Ezk. 38:13Ezk 27:25
Ezk. 38:14Ezk 38:8
Ezk. 38:15Ezk 39:2
Ezk. 38:15Zf 3:8
Ezk. 38:16Yw 3:2
Ezk. 38:16Kv 14:4; 2Bm 19:17-19; Zb 83:17, 18; Ezk 39:21
Ezk. 38:18Yw 3:16; Nah 1:2; Zk 2:8
Ezk. 38:20Nah 1:5
Ezk. 38:212Ng 20:23; Hg 2:22; Zk 14:13
Ezk. 38:22Zk 14:12
Ezk. 38:22Kv 9:22; Yos 10:11
Ezk. 38:22Yes 30:30
Ezk. 38:22It 19:24
Ezk. 38:22Yr 25:31
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 38:1-23

Ezekiyeli

38 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe Gogi wo mu gihugu ca Magogi+, wa mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizomushikira+. 3 Uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nkurwanye, ewe Gogi, wewe mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali. 4 Nzotuma uhindukira, nshire ingobe* mu mibangabanga yawe+, ndagusohorane n’ingabo zawe zose+, amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye impuzu nzizanziza. Ni isinzi rinini ryitwaje inkinzo zagutse n’inkinzo ntonto*, bose bakaba barwanisha inkota. 5 Bazoba bari kumwe n’Ubuperesi, Etiyopiya na Puti+, bose bafise inkinzo ntonto n’inkofero. 6 Hazoba kandi hari Gomeri n’ingabo zaho zose, abakomoka kuri Togaruma+ bo mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko, n’ingabo zabo zose. Amahanga menshi azoba ari kumwe nawe+.

7 Itegure, mwitegure mwe n’ingabo zawe zikoraniye aho uri, ubabere umukuru*.

8 Haheze imisi myinshi, ivyawe bizokwitabwaho*. Mu myaka ya nyuma, uzotera igihugu kibamwo abantu bakize inkota, bagaruka kubayo. Bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga menshi, bazanwa ku misozi ya Isirayeli yari imaze igihe kirekire yaratikijwe. Ababa muri ico gihugu bagarukanywe bakuwe mu mahanga, kandi bose bibera mu mutekano+. 9 Uzoza kubatera nka kurya kw’igihuhusi, upfuke igihugu nk’ibicu, mwe n’ingabo zawe zose be n’amahanga menshi ari kumwe nawe.’”

10 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi hazoza ivyiyumviro bibi mu mutima wawe, utegure umugambi mubi. 11 Uzovuga uti: ‘Ngira ntere igihugu c’ibigwati bidakingiye*+. Ngira ntere abibereye mu mutekano, ata kibahungabanya, bose bakaba bibera mu bigwati bidakingijwe inzitiro, ivyugazo canke amarembo.’ 12 Uzobikora kugira ngo usahure ibintu vyinshi ubinyage, ngo utere ibibanza vyatikijwe bisigaye bibamwo abantu+ be n’ihanga ry’abantu bagarukanywe bagakoranirizwa hamwe bakuwe mu mahanga+. Ni abantu bafise amatungo n’ibintu vyinshi+, bakaba bibera hagati na hagati y’isi.

13 Ab’i Sheba+ n’i Dedani+ n’abadandaza b’i Tarushishi+ n’abarwanyi* baho bose bazokubwira bati: ‘Uje gutera kugira uronke ibintu vyinshi usahura? Mbega wakoranije ingabo zawe kugira ngo unyage ifeza n’inzahabu, utware amatungo n’ibintu, usahure ibintu vyinshi cane?’”

14 Vuga rero ubuhanuzi, mwana w’umuntu, ubwire Gogi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umusi abantu banje b’Abisirayeli bazoba bibereye mu mutekano, ugira ngo ntuzobimenya+? 15 Uzoza uvuye ahantu hawe, mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+, wewe n’amahanga menshi ari kumwe nawe, bose bagendera ku mafarasi. Ni isinzi rinini, emwe ingabo nyinshi cane+. 16 Uzoza gutera abantu banje b’Abisirayeli nka kurya kw’ibicu bipfutse igihugu. Mu misi y’iherezo, nzokuzana gutera igihugu canje+, kugira ngo amahanga amenye jewe, ninerekana ko ndi mweranda imbere yayo biciye ku vyo nzogukorera, ewe Gogi+!’”

17 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega nturi wa wundi nyene navuga mu misi ya kera biciye ku basavyi banje, abahanuzi ba Isirayeli? Bamaze imyaka myinshi bamenyesha yuko woje gutera Abisirayeli.”

18 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi, umusi Gogi yaje gutera igihugu ca Isirayeli, uburake bwanje bwinshi buzoca buduga+. 19 Nzovugana ishaka n’uburake bwaka umuriro. Kuri uwo musi, hazoba nyamugigima ikomeye mu gihugu ca Isirayeli. 20 Kubera jewe, amafi yo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyo mw’ishamba, ivyikwega hasi vyose n’abantu bose bari kw’isi, bizojugumira. Imisozi izotemba+, imanga zisenyuke n’inzitiro zose zigwe hasi.”

21 “Nzohamagara inkota imutere ku misozi yanje yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Umwe wese azokoresha inkota yiwe mu kwica mwenewabo+. 22 Nzoshitsa urubanza namuciriye*, ndamuteze ikiza+, ntume haseseka amaraso. Nzogwisha kuri we imvura y’isegenya, urubura+, umuriro+ n’amazuku*+, ndabigwishe no ku ngabo ziwe no ku mahanga menshi ari kumwe na we+. 23 Nzokwininahaza koko, nerekane ko ndi mweranda, nongere nimenyekanishe imbere y’amahanga menshi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika