Zaburi
Ni indirimbo* ya Dawidi.
32 Hahiriwe umuntu Imana ihariye ikosa ryiwe, igapfuka* igicumuro ciwe+.
3 Igihe naguma ncereje, amagufa yanje yarashize kubera nirirwa ndaniha+.
4 Ukuboko kwawe* kwaguma kundemera+ ijoro n’umurango.
Utuguvu twanje twaratumutse nk’amazi atumurwa n’ubushuhe bwo mu ci. (Sela*)
Navuze nti: «Nzokwaturira amakosa yanje Yehova+.»
Nawe warahariye ikosa ryanje n’ibicumuro vyanje+. (Sela)
Mbere n’amazi y’umwuzurira ntazobashikira.
Uzonkikuza indirimbo zo kwigina ubukiriro utanga+. (Sela)
8 Wambwiye uti: «Nzogucisha ubwenge*, nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+.
Nzokugira inama, ndakugumizeko ijisho+.
9 Ntumere nk’ifarasi canke indogobwa* bitagira ubwenge*+,
ivyo babanza kubohesha imigozi* kugira bitekane,
imbere y’uko vyegera umuntu.»
11 Nimuhimbarwe kubera Yehova kandi munezerwe, yemwe bagororotsi.
Nimuvuze impundu, mwese ab’umutima ugororotse!