Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi ba Nehiloti*. Ni zaburi ya Dawidi.
2 Niwumvirize ugutabaza kwanje,
ewe Mwami wanje ukaba n’Imana yanje, kuko ari wewe nsenga.
3 Ewe Yehova, uzokwumva ijwi ryanje mu gitondo+.
Nzokuganyira mu gitondo+, hanyuma ndakurindire ndabishashaye.
5 Nta muntu yirata yohagarara imbere yawe.
Yehova aranka urunuka abantu bakora ivy’ububisha kandi b’ababeshi*+.
7 Nayo jewe, nzokwinjira mu nzu yawe+ kubera urukundo* rwawe rwinshi+.
Nzokwunama nerekeza ku rusengero rwawe rweranda* kuko ndakwubaha cane+.
8 Ewe Yehova, nunyobore mu nzira yawe igororotse kubera abansi banje.
Numfashe kugendera mu nzira yawe ata kintsitaza+.
Ese wobirukana kubera ibicumuro vyabo vyinshi,
kuko bakugararije.
Uzozibira ababisha kugira ntibabegere,
kandi abakunda izina ryawe uzotuma banezerwa.