ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Esiteri 2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Esiteri: ibirimwo

      • Barondera uwundi mwamikazi (1-14)

      • Esiteri aba umwamikazi (15-20)

      • Morudekayi ahishura umugambi mubi (21-23)

Esiteri 2:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 1:1
  • +Est 1:12
  • +Est 1:19

Esiteri 2:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

  • *

    Canke «Suza.»

  • *

    Canke «babasige.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 8:9
  • +Est 2:15

Esiteri 2:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 1:19

Esiteri 2:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

  • *

    Canke «Suza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 4:9; Neh 1:1; Est 1:2; Dn 8:2
  • +Est 3:2; 10:3
  • +It 49:27; 1Sm 9:21

Esiteri 2:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu 2Bm 24:8 yitwa Yehoyakini.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:14, 15; 1Ng 3:16; 2Ng 36:9, 10; Yr 22:28; 24:1; 37:1; 52:31; Mt 1:11

Esiteri 2:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina rikomoka kw’ijambo «umuhadasi.» Umuhadasi ni agati k’amababi ayagayaga n’amashurwe yera amota.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 127

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 19

Esiteri 2:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

  • *

    Canke «Suza.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:3

Esiteri 2:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amukunda urukundo rudahemuka (rudahera).»

  • *

    Canke «ivyo bazomusiga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:12

Esiteri 2:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 3:8
  • +Est 2:7
  • +Est 4:12-14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 129

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 20

Esiteri 2:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.

  • *

    Canke «babasiga.»

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

  • *

    Canke «babasiga n’ibindi bisigwa abagore.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 7:17; Ind 3:6
  • +It 43:11; 1Bm 10:2; 2Bm 20:13

Esiteri 2:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:3
  • +Est 4:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 2:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 9-10

Esiteri 2:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B15.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 1:3

Esiteri 2:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amukunda urukundo rudahemuka (rudahera).»

  • *

    Canke «igisharizo c’umwamikazi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 4:14
  • +Est 1:19

Esiteri 2:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko Morudekayi yakorera ku kirimba.

  • *

    Canke «inkumi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:3, 4

Esiteri 2:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 2:5, 6; 3:8
  • +Est 2:7, 10

Esiteri 2:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gushorera ukuboko ku mwami.»

Esiteri 2:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «atumwe na Morudekayi.»

Esiteri 2:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 6:1, 2

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Est. 2:1Est 1:1
Est. 2:1Est 1:12
Est. 2:1Est 1:19
Est. 2:3Est 8:9
Est. 2:3Est 2:15
Est. 2:4Est 1:19
Est. 2:5Ezr 4:9; Neh 1:1; Est 1:2; Dn 8:2
Est. 2:5Est 3:2; 10:3
Est. 2:5It 49:27; 1Sm 9:21
Est. 2:62Bm 24:14, 15; 1Ng 3:16; 2Ng 36:9, 10; Yr 22:28; 24:1; 37:1; 52:31; Mt 1:11
Est. 2:7Est 2:15
Est. 2:8Est 2:3
Est. 2:9Est 2:12
Est. 2:10Est 3:8
Est. 2:10Est 2:7
Est. 2:10Est 4:12-14
Est. 2:12Img 7:17; Ind 3:6
Est. 2:12It 43:11; 1Bm 10:2; 2Bm 20:13
Est. 2:14Est 2:3
Est. 2:14Est 4:11
Est. 2:15Est 2:7
Est. 2:16Est 1:3
Est. 2:17Est 4:14
Est. 2:17Est 1:19
Est. 2:19Est 2:3, 4
Est. 2:20Est 2:5, 6; 3:8
Est. 2:20Est 2:7, 10
Est. 2:23Est 6:1, 2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Esiteri 2:1-23

Esiteri

2 Inyuma y’ivyo, uburake bw’umwami Ahasuwerusi+ bumaze kugabanuka, yibuka ivyo Vashiti yari yakoze+ n’ingingo yari yafatiwe+. 2 Nuko abakozi bakorera imbere y’umwami bamubwira bati: «Mwami, dukwiye kukuronderera abigeme bezabeza kandi b’isugi. 3 Mwami, nugene ivyariho mu ntara zose z’akarere utwara+, maze barondere abigeme bezabeza bose b’isugi, babakoranirize ku kirimba* i Shushani* ku nzu y’abagore. Bace babazeza Hegayi+ inkone y’umwami akaba n’umurinzi w’abagore, babahe n’ivyo kwisiga* kugira barushirize gusa neza. 4 Umwigeme azoguhimbara kuruta abandi bose ni we azoca aba umwamikazi mu kibanza ca Vashiti+.» Umwami ashima ico ciyumviro, aca abigenza ukwo nyene.

5 Ku kirimba* i Shushani*+, hari umugabo w’Umuyuda yitwa Morudekayi+. Yari umuhungu wa Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi umuhungu w’Umubenyamini+ yitwa Kishi. 6 Yari mu bakuwe i Yeruzalemu bajanwa mu bunyagano igihe Nebukadinezari umwami wa Babiloni yatwara Yekoniya*+ umwami w’Ubuyuda mu bunyagano. 7 Uwo Morudekayi yari umurezi wa Hadasa*, ari we Esiteri, umukobwa wa sewabo+. Uwo mwigeme ntiyagira se canke nyina. Yari mwiza akagira n’umutumba uteye neza. Igihe se na nyina bapfa, Morudekayi yaciye amutwara amurera nk’umukobwa wiwe. 8 Nuko batangaza ivyo umwami yavuze n’itegeko yashinze, maze abigeme bakoranirizwa ku kirimba* i Shushani*, babazeza Hegayi+. Esiteri na we nyene baramujanye ku kirimba*, bamuzeza Hegayi wa murinzi w’abagore.

9 Hegayi ashima uwo mwigeme, yumva aramukunze*. Ubwo nyene aca amuronderera ivyo azoza arisiga* ngo arushirize gusa neza+, atunganya n’uko azoza araronka ibifungurwa bidasanzwe. Amuronderera n’abigeme indwi bo kumwitwararika abakuye mu nzu y’umwami. Maze we n’abo bigeme abimurira mu kibanza ciza kuruta ibindi vyose vyo mu nzu y’abagore. 10 Esiteri nta na kimwe yavuze ku bijanye n’ihanga yavamwo+ canke ab’iwabo, kuko Morudekayi+ yari yaramubujije kugira uwo abibwiye+. 11 Buri musi, Morudekayi yaratembera imbere y’ikigo c’inzu y’abagore kugira amenye uko Esiteri amerewe n’ingene ivyiwe vyifashe.

12 Umwigeme wese yararamukirwa kwinjira aho umwami Ahasuwerusi ari, amaze amezi 12 yitunganya nk’uko abigeme bose basabwa. Uku ni ko bitunganya: bamara amezi atandatu bisiga amavuta y’imira*+, n’ayandi mezi atandatu bisiga* amavuta ava mu biterwa bimota neza*+ be n’ayandi mavuta atuma barushiriza gusa neza*. 13 Ico kiringo kirangiye, umwigeme yarashobora guca yinjira aho umwami ari. Hageze ko ava mu nzu y’abagore ngo aje mu nzu y’umwami, ico yasaba cose barakimuha. 14 Yajayo ku mugoroba, mu gatondo agasubira mu nzu y’abagore igira kabiri yari ihagarikiwe na Shayashigazi inkone y’umwami+ akaba n’umurinzi w’incoreke. Uwo mwigeme ntiyasubira kuja iyo umwami ari, kiretse umwami yamushimye bimwe bidasanzwe kandi akamutumako amuvuze izina+.

15 Esiteri ashikiriwe kuja iyo umwami ari, nta na kimwe yasavye kiretse ivyo yabwiwe na Hegayi inkone y’umwami akaba n’umurinzi w’abagore. Esiteri yari umukobwa wa Abihayili sewabo wa Morudekayi, umwe yamurera nk’umukobwa wiwe+. (Ico gihe cose, uwabona Esiteri wese yumva amukunze.) 16 Esiteri yajanywe mu nzu y’umwami Ahasuwerusi mu kwezi kugira cumi kwitwa Tebeti*. Hari mu mwaka ugira indwi+ ari umwami. 17 Nuko umwami agomwa Esiteri kuruta abandi bagore bose, aramushima, aramukunda* kuruta abandi bigeme b’isugi bose. Umwami aca amwambika igitambara c’umwamikazi bazingira mu mutwe*, amugira umwamikazi+ mu kibanza ca Vashiti+. 18 Maze umwami atereka inzimano ikomeye abatware biwe bose n’abantu biwe b’abakuru kubera Esiteri. Araheza atanga ikigongwe c’ikivunga mu ntara zitandukanye yatwara, atanga n’ingabire kuko yari atunze.

19 Morudekayi yari yicaye kw’irembo ry’i bwami* igihe abigeme b’isugi*+ bakoranirizwa hamwe ubugira kabiri. 20 Nta na kimwe Esiteri yavuze ku bijanye n’ab’iwabo n’igihugu avamwo+, nk’uko Morudekayi yari yabimusavye. Esiteri yabandanije gukora ivyo Morudekayi yamubwira, kurya nyene yabigira igihe yari akimureze+.

21 Muri iyo misi nyene, igihe Morudekayi yari yicaye kw’irembo ry’i bwami, Bigitana na Tereshi barashavuye bategura umugambi wo kwica umwami* Ahasuwerusi. Abo babiri bari abarinzi b’imiryango bakorera ku kirimba c’umwami. 22 Morudekayi arabimenya, aca abibwira umwamikazi Esiteri, Esiteri na we abibwira umwami mw’izina rya Morudekayi*. 23 Baciye babitohoza basanga ni vyo, maze abo bagabo bompi bamanikwa ku giti. Vyaciye vyandikwa mu gitabu kivuga ivyabaye muri ivyo bihe, vyandikirwa imbere y’umwami+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika