Imigani
2 Umutunzi n’umukene bahuriye kuri iki kintu:
bose ni Yehova yabaremye+.
5 Inzira y’umuntu w’indyarya yuzuyemwo amahwa n’imitego,
ariko uwuha agaciro ubuzima bwiwe aguma kure yavyo+.
13 Ikinebwe kivuga giti: «Hanze hariho intambwe!
Yohava inyicira hagati mu kibanza rusangi*+!»
14 Akanwa k’abagore b’ibitandero* ni ikinogo kirekire+.
Uwo Yehova yaciriye rubi azokigwamwo.
16 Uwuzuruma umukene kugira yongereze itunga ryiwe+
hamwe n’uwuha ingabire umutunzi,
bazoruhira kuja mu bukene.
17 Tega ugutwi, wumvirize amajambo y’abanyabwenge*+,
kandi uzirikane witonze ivyo ndakwigisha*+,
18 kuko niwabigumiza ku mutima wawe uzohimbarwa+,
kandi bizoguma mu kanwa kawe+.
19 Ndaguhaye ubumenyi uyu musi,
kugira ngo wame wizigira Yehova.
20 Mbega sinakwandikiye,
nkaguha impanuro n’ubumenyi,
21 kugira ndakwereke ko aya majambo ari ay’ukuri n’ayo kwizigirwa,
maze uzanire uwagutumye inkuru y’ukuri?
22 Ntunyage umukene ngo ni uko akenye+,
kandi ntuhohotere umuntu mutoyi mw’irembo ry’igisagara+,
23 kuko Yehova ubwiwe azobaburanira+
kandi azokwaka ubuzima ababanyaga utwabo.
24 Ntugendane n’umuntu akaza ishavu,
canke ngo wifatanye n’umuntu ashavura ningoga,
25 kugira ntuhave wiga ingeso ziwe
maze ukitega umutego+.
27 Niwabura ico uriha,
bazogukura ku gitanda cawe bagitware.
29 Mbega uramaze kubona umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe?
Azohagarara imbere y’abami+,
ntazohagarara imbere y’abantu basanzwe.