Yesaya
63 Uyo ni nde aje ava i Edomu+,
aje ava i Bozira+ yambaye impuzu z’amabara akayangana*,
yambaye impuzu ziteye igomwe,
agatambuka afise inkomezi nyinshi?
«Ni jewe, Umwe avuga mu bugororotsi,
Umwe afise inkomezi nyinshi zo gukiza.»
3 «Naganiye* umuvinyu mu bwato ndi jenyene.
Mu bantu bo mu mahanga nta n’umwe twari kumwe.
Nagumye ngana abansi banje nshavuye,
nguma ndabahonyanga naratse+.
Amaraso yabo yatarukiye ku mpuzu zanje,
nanduza ivyambarwa vyanje vyose.
5 Naritegereje mugabo sinaronka uwumfasha.
Narababajwe n’uko ata n’umwe yaje kunshigikira.
7 Nzovuga ibikorwa vy’urukundo* vya Yehova,
mvuge ibikorwa vya Yehova bibereye gushemezwa.
Nzobivuga kubera ivyo Yehova yatugiriye vyose+,
ibintu vyiza vyinshi yakoreye ihanga rya Isirayeli
abitumwe n’imbabazi ziwe n’urukundo* rwiwe rwinshi.
8 Kuko yavuze ati: «Ni ukuri ni abantu banje, abana batazohemuka*+.»
Ni co gituma yababereye Umukiza+.
9 Amarushwa yose yabashikiye yaramuteye intuntu+.
Intumwa yiwe bwite* yarabakijije+.
Kubera urukundo rwiwe n’impuhwe ziwe yarabacunguye+,
kandi mu misi yose ya kera yarabakuye hasi, arabaterura+.
10 Mugabo baragararije+, batuntuza impwemu yiwe nyeranda+.
11 Maze bibuka imisi ya kera,
igihe umusavyi wiwe Musa yari akiriho, bavuga bati:
«Ari hehe Umwe yabaduganye abakuye mu kiyaga+ bari kumwe n’abungere b’ubusho bwiwe+?
Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu yiwe nyeranda+?
12 Ari hehe Umwe yatuma ukuboko kwiwe guhambaye kugendana n’ukuryo kwa Musa+,
Umwe yagabura amazi imbere yabo+
kugira ngo yiheshe izina ryamaho+?
13 Ari hehe Umwe yabacisha mu mazi asuriranya*,
ku buryo bahaca ntibatsitare,
nka kurya kw’ifarasi mu gahinga*?
Ntibikinshikira.
Uri Umucunguzi wacu wo kuva kera, ni ryo zina ryawe+.
17 Kubera iki ga Yehova ureka* tukangarira kure y’inzira zawe?
Kubera iki ureka* imitima yacu igakomantara ku buryo tutagutinya+?
Nugaruke udutabare ku bw’abasavyi bawe,
ya miryango igize intoranwa yawe+.
18 Ihanga ryawe ryeranda ryamaze igihe gito ryigaruriye igihugu.
Abansi bacu barahonyanze ahantu hawe heranda+.
19 Haheze igihe kirekire tumeze nk’abantu utigeze uganza,
nk’abantu batigeze bitirirwa izina ryawe.