Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Inuma yihoreye iri kure cane.» Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Abafilisitiya bamufatira i Gati+.
56 Ewe Mana, ngirira ubuntu kuko abantu bariko barantera*.
Baguma bandwanya bongera bancinyiza bukarinda bwira.
2 Abansi banje birirwa barandondera kugira bancakire.
Abandwanya n’ubwishime n’akantu ni benshi.
3 Ni wewe nizigira+ igihe mfise ubwoba+.
4 Imana ni yo nizigiye, kandi ndahayagiza ijambo ryayo.
Imana ni yo nizigiye, kandi singira ubwoba.
None umuntu buntu yongira iki+?
7 Ewe Mana, nubashibure kubera ikibi cabo.
Nutikize amahanga washavuye+.
8 Urazi amagorwa yose ngira* ndiko ndahunga+.
Nushire amarira yanje mu mukuza* wawe+.
None ntiyanditswe mu gitabu cawe+?
9 Umusi nagutabaje, abansi banje bazohunga+.
Ico nzi neza ni iki: Imana iri ku ruhande rwanje+.
10 Imana ni yo nizigiye, kandi ndahayagiza ijambo ryayo.
Yehova ni we nizigiye, kandi ndahayagiza ijambo ryiwe.
None umuntu buntu yongira iki+?