ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Samweli: ibirimwo

      • Dawidi arya imikate y’ishikanwa i Nobu (1-9)

      • Dawidi yigira umusazi i Gati (10-15)

1 Samweli 21:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 22:9, 19
  • +1Sm 18:13

1 Samweli 21:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «baririnze kurangura amabanga y’abubatse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 25:30; Lw 24:5, 9; Mt 12:3, 4
  • +Kv 19:15; Lw 15:16; 2Sm 11:11

1 Samweli 21:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 15:18

1 Samweli 21:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 24:7-9; Mr 2:25, 26; Lk 6:3, 4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yezu ni inzira, rup. 76

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2005, rup. 30

    1/9/2002, rup. 18

1 Samweli 21:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Uwo musuku ashobora kuba yari yagize indagano canke afise ubuhumane kanaka canke ibimenyetso vy’imibembe.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 36:1
  • +1Sm 22:9; Zb 52:akajambo k’intangamarara

1 Samweli 21:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 17:51, 54
  • +1Sm 17:2, 50
  • +Kv 28:6

1 Samweli 21:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 27:1
  • +Yos 11:22; 1Sm 5:8; 17:4; 27:2; Zb 56:akajambo k’intangamarara

1 Samweli 21:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 18:6-8; 29:4, 5

1 Samweli 21:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 56:3, 6

1 Samweli 21:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu kuboko kwabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 34:akajambo k’intangamarara

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2005, rup. 24

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Sam. 21:11Sm 22:9, 19
1 Sam. 21:11Sm 18:13
1 Sam. 21:4Kv 25:30; Lw 24:5, 9; Mt 12:3, 4
1 Sam. 21:4Kv 19:15; Lw 15:16; 2Sm 11:11
1 Sam. 21:5Lw 15:18
1 Sam. 21:6Lw 24:7-9; Mr 2:25, 26; Lk 6:3, 4
1 Sam. 21:7It 36:1
1 Sam. 21:71Sm 22:9; Zb 52:akajambo k’intangamarara
1 Sam. 21:91Sm 17:51, 54
1 Sam. 21:91Sm 17:2, 50
1 Sam. 21:9Kv 28:6
1 Sam. 21:101Sm 27:1
1 Sam. 21:10Yos 11:22; 1Sm 5:8; 17:4; 27:2; Zb 56:akajambo k’intangamarara
1 Sam. 21:111Sm 18:6-8; 29:4, 5
1 Sam. 21:12Zb 56:3, 6
1 Sam. 21:13Zb 34:akajambo k’intangamarara
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Samweli 21:1-15

Samweli wa mbere

21 Mu nyuma Dawidi ashika i Nobu+ ku muherezi Ahimeleki. Ahimeleki amubonye atangura kujugumira, amubaza ati: «Bigenze gute ngo uze uri wenyene, ata wundi muri kumwe+?» 2 Dawidi yishura umuherezi Ahimeleki ati: «Hari ikintu umwami yansavye gukora, mugabo ambwira ati: “Ntihagire n’umwe amenya iyo ndagutumye n’ico ndagutumye gukora.” Ariko navuganye n’abagabo turi kumwe aho tuza guhurira. 3 Nimba rero ufise imikate itanu, ndagusavye uyimfashishe canke umpe ico woronka cose.» 4 Mugabo nya muherezi yishura Dawidi ati: «Nta mikate isanzwe mfise, hari imikate myeranda+ gusa. Abagabo muri kumwe barashobora kuyirya bakire gusa kuba baririnze abagore*+.» 5 Dawidi amwishura ati: «Twaririnze abagore nk’uko twamye tubigira tugiye ku rugamba+. Abo bagabo baba ari beranda n’igihe bari ku gikorwa gisanzwe. Hari akantu uyu musi!» 6 Uwo muherezi aca amuha imikate myeranda+, kuko ata yindi yari ihari kiretse imikate y’ishikanwa. Iyo mikate yari yakuwe imbere ya Yehova kuri uwo musi, bayisubiriza mishasha.

7 Hari umusuku wa Sawuli yari ng’aho kuri uwo musi. Vyari vyabaye ngombwa ko aguma imbere ya Yehova*. Yari Umunyedomu+ yitwa Dowegi+, akaba yari umukuru w’abungere ba Sawuli.

8 Dawidi aca abaza Ahimeleki ati: «Hari icumu canke inkota woba ufise? Naje ntitwaje inkota yanje canke ibirwanisho, kubera ko igikorwa umwami yantumye cari cihuta.» 9 Uwo muherezi amwishura ati: «Hari inkota ya wa Mufilisitiya Goliyati+, umwe wicira mu kiyaya ca Ela+. Izingiye mu gitambara inyuma ya efodi+. Nimba ushaka kuyitwara yitware, kuko ari yo yonyene ihari.» Dawidi na we ati: «Nta yindi imeze nka yo. Yimpe.»

10 Uwo musi nyene, Dawidi abandanya guhunga+ Sawuli. Amaherezo ashika kwa Akishi umwami w’i Gati+. 11 Abasuku ba Akishi bamubwira bati: «Mbega uyo si Dawidi umwami wa ca gihugu? Uyo si wa wundi bahayagiza mu kuririmba batamba ngo:

“Sawuli yishe abansi ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi mirongo+”?»

12 Dawidi ashira ayo majambo ku mutima. Atangura gutinya cane+ kubera Akishi umwami w’i Gati. 13 Nuko yigira umusazi+ imbere yabo, atangura kwigenza nk’umuntu adakomeye muri bo*. Yaza araharagura ku miryango y’irembo, akarekura n’urukonda rukarekera ku bwanwa. 14 Amaherezo Akishi abwira abasuku biwe ati: «Uyu mugabo ntimubona ko ari umusazi? Kubera iki none mumunzaniye? 15 Mbega ndakenye abasazi, muko munzanira uwundi ngo aze gusarira imbere yanje? Mubona uyo akwiye kunyinjirira mu nzu?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika