Samweli wa mbere
21 Mu nyuma Dawidi ashika i Nobu+ ku muherezi Ahimeleki. Ahimeleki amubonye atangura kujugumira, amubaza ati: «Bigenze gute ngo uze uri wenyene, ata wundi muri kumwe+?» 2 Dawidi yishura umuherezi Ahimeleki ati: «Hari ikintu umwami yansavye gukora, mugabo ambwira ati: “Ntihagire n’umwe amenya iyo ndagutumye n’ico ndagutumye gukora.” Ariko navuganye n’abagabo turi kumwe aho tuza guhurira. 3 Nimba rero ufise imikate itanu, ndagusavye uyimfashishe canke umpe ico woronka cose.» 4 Mugabo nya muherezi yishura Dawidi ati: «Nta mikate isanzwe mfise, hari imikate myeranda+ gusa. Abagabo muri kumwe barashobora kuyirya bakire gusa kuba baririnze abagore*+.» 5 Dawidi amwishura ati: «Twaririnze abagore nk’uko twamye tubigira tugiye ku rugamba+. Abo bagabo baba ari beranda n’igihe bari ku gikorwa gisanzwe. Hari akantu uyu musi!» 6 Uwo muherezi aca amuha imikate myeranda+, kuko ata yindi yari ihari kiretse imikate y’ishikanwa. Iyo mikate yari yakuwe imbere ya Yehova kuri uwo musi, bayisubiriza mishasha.
7 Hari umusuku wa Sawuli yari ng’aho kuri uwo musi. Vyari vyabaye ngombwa ko aguma imbere ya Yehova*. Yari Umunyedomu+ yitwa Dowegi+, akaba yari umukuru w’abungere ba Sawuli.
8 Dawidi aca abaza Ahimeleki ati: «Hari icumu canke inkota woba ufise? Naje ntitwaje inkota yanje canke ibirwanisho, kubera ko igikorwa umwami yantumye cari cihuta.» 9 Uwo muherezi amwishura ati: «Hari inkota ya wa Mufilisitiya Goliyati+, umwe wicira mu kiyaya ca Ela+. Izingiye mu gitambara inyuma ya efodi+. Nimba ushaka kuyitwara yitware, kuko ari yo yonyene ihari.» Dawidi na we ati: «Nta yindi imeze nka yo. Yimpe.»
10 Uwo musi nyene, Dawidi abandanya guhunga+ Sawuli. Amaherezo ashika kwa Akishi umwami w’i Gati+. 11 Abasuku ba Akishi bamubwira bati: «Mbega uyo si Dawidi umwami wa ca gihugu? Uyo si wa wundi bahayagiza mu kuririmba batamba ngo:
“Sawuli yishe abansi ibihumbi,
Dawidi na we ibihumbi mirongo+”?»
12 Dawidi ashira ayo majambo ku mutima. Atangura gutinya cane+ kubera Akishi umwami w’i Gati. 13 Nuko yigira umusazi+ imbere yabo, atangura kwigenza nk’umuntu adakomeye muri bo*. Yaza araharagura ku miryango y’irembo, akarekura n’urukonda rukarekera ku bwanwa. 14 Amaherezo Akishi abwira abasuku biwe ati: «Uyu mugabo ntimubona ko ari umusazi? Kubera iki none mumunzaniye? 15 Mbega ndakenye abasazi, muko munzanira uwundi ngo aze gusarira imbere yanje? Mubona uyo akwiye kunyinjirira mu nzu?»