Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi*: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi ya Dawidi.
4 Nunyishure iyo ndaguhamagaye, ewe Mana yanje igororotse+!
Nuncire icanzo* mu magorwa yanje.
Nungirire ubuntu, wumve isengesho ryanje.
2 Mbe mwa bantu mwe, muzogeza ryari kunsuzugura?
Muzogeza ryari gukunda ibitagira akamaro no kurondera ibinyoma? (Sela*)
4 Niwashavura, ntibice bituma ucumura+.
Uravugira mu mutima wawe, ku gitanda cawe, ariko ugume wihoreye. (Sela)
6 Benshi baguma babaza ngo: «Ni nde azotwereka ivyiza?»
Umuco wo mu maso hawe nutumurikire, ewe Yehova+!
7 Umutima wanje wawujuje umunezero mwinshi
kuruta uwo abantu bagira iyo bimbuye intete n’umuvinyu ku bwinshi.