Yesaya
2 Ibi ni vyo Yesaya mwene Amozi yabonye ku vyerekeye Ubuyuda na Yeruzalemu+:
umusozi w’inzu ya Yehova
uzokomezwa hejuru y’amasonga y’iyindi misozi+.
Uzoduzwa hejuru y’imirambi,
kandi amahanga yose azoja kuri wo ari ikigwi+.
3 Amahanga menshi azojayo avuge ati:
«Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova,
ku nzu y’Imana ya Yakobo+.
Azotwigisha inzira ziwe,
natwe tuzigenderemwo+.»
Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga,
eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.
6 Mana, warahevye abantu bawe, umuryango wa Yakobo+,
kubera ko igihugu cabo gisigaye cuzuye ibintu biva mu Buseruko.
Bakora ivy’amageza+ nk’Abafilisitiya,
kandi buzuranye abana b’abanyamahanga.
7 Igihugu cabo cuzuye ifeza n’inzahabu,
kandi amatungo yabo ntagira igitigiri.
Igihugu cabo cuzuye amafarasi,
kandi imikogote yabo ntigira igitigiri+.
8 Igihugu cabo cuzuye imana ata co zimaze+.
Bunamira igikorwa c’amaboko yabo,
ibintu iminwe yabo yakoze.
9 Maze umuntu akunama agashika hasi.
Ntiwoshobora kumubabarira.
10 Niwinjire mw’isenga ry’ibitandara, winyegeze mu mukungugu
kubera ububasha buteye ubwoba bwa Yehova
n’ubuninahazwa bwiwe buhambaye+.
Yehova wenyene ni we azoshirwa hejuru kuri uwo musi.
12 Kuko uwo musi ari uwa Yehova Nyeningabo+.
Uzoza ku muntu wese yibona kandi yiyemera,
ku muntu uwo ari we wese, yaba uwuhambaye canke umuto+.
13 Uzoza ku masederi yose y’i Libani maremare kandi agera iyo hejuru
no ku biti vyose vy’imyeloni vy’i Bashani.
14 Uzoza ku misozi yose miremire
no ku mirambi yose igera iyo hejuru,
15 ku minara miremire yose no ku nzitiro zose zikomeye,
16 ku meri* z’i Tarushishi+ zose
no ku mato mezameza yose.
Yehova wenyene ni we azoshirwa hejuru kuri uwo musi.
18 Imana ata co zimaze zizokurwaho zizimangane+.
19 Abantu bazokwinjira mu masenga y’ibitandara
no mu vyobo vyo mu kuzimu+
kubera ububasha buteye ubwoba bwa Yehova
n’ubuninahazwa bwiwe buhambaye+,
niyahaguruka kugira ngo atume isi ijugumizwa n’ubwoba.
20 Kuri uwo musi, abantu bazofata imana zabo ata co zimaze z’ifeza n’inzahabu,
izo ubwabo bakoze kugira bazunamire,
maze baziterere imbeba za mushushwe* n’ubuhungarema+,
21 kugira binjire mu vyobo vyo mu bitandara
no mu mabuye y’urutare yasadutse.
Bazokwinjirayo kubera ububasha buteye ubwoba bwa Yehova
n’ubuninahazwa bwiwe buhambaye,
niyahaguruka kugira ngo atume isi ijugumizwa n’ubwoba.
Umuntu ni iki ngo mumwizere?