Abami ba kabiri
2 Igihe Yehova yari mu kudugana Eliya+ mu kirere* akoresheje igihuhusi+, Eliya na Elisha+ baciye bava i Gilugali baragenda+. 2 Eliya abwira Elisha ati: «Ndagusavye ugume ng’aha kubera ko Yehova yantumye i Beteli.» Mugabo Elisha avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, ntituvana.» Nuko bamanuka i Beteli+. 3 Maze abana* b’abahanuzi* bari i Beteli baraza babwira Elisha bati: «Wari uzi yuko uyu musi Yehova aza gutwara shobuja, ntabe akikuyobora+?» Na we ati: «Ndabizi, nimuhore.»
4 Eliya yongera kumubwira ati: «Elisha, ndagusavye ugume ng’aha kubera ko Yehova yantumye i Yeriko+.» Mugabo amwishura ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, ntituvana.» Nuko bajana i Yeriko. 5 Maze abana b’abahanuzi bari i Yeriko begera Elisha bamubwira bati: «Wari uzi ko uyu musi Yehova aza gutwara shobuja, ntabe akikuyobora?» Na we ati: «Ndabizi, nimuhore.»
6 Hanyuma Eliya amubwira ati: «Ndagusavye ugume ng’aha kubera ko Yehova yantumye kuri Yorodani.» Mugabo amwishura ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, ntituvana.» Nuko babandanya urugendo. 7 Bageze kuri Yorodani barahagarara. Abana 50 b’abahanuzi bari babakurikiye baguma babarabira nka hariya. 8 Eliya aca afata impuzu* yiwe+ arayizinga hanyuma akubita amazi. Amazi aca yigaburamwo kubiri, amwe iburyo ayandi ibubamfu. Maze we na Elisha bajabuka baciye ahumutse+.
9 Bakimara kujabuka, Eliya abwira Elisha ati: «Saba ico ushaka ko ndagukorera ntarajanwa, ngatandukana nawe.» Elisha aca amubwira ati: «Ndagusavye umpe imigabane ibiri+ y’impwemu* yawe+.» 10 Eliya yishura ati: «Usavye ikintu kigoye. Niwambona njanywe, ivyo usavye urabironka. Nutambona nta vyo uronka.»
11 Bakiriko baragenda baganira, baza babona haje umukogote n’amafarasi vyaka umuriro+ birabatandukanya. Maze Eliya aduganwa mu kirere* ajanywe n’igihuhusi+. 12 Elisha yariko arabiraba, asemerera ati: «Dawe, dawe, ndabona umukogote wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi ba Isirayeli+!» Elisha ntiyasubira kubona Eliya. Aca yitaburirako impuzu ziwe, azicamwo kubiri+. 13 Ya mpuzu*+ ya Eliya yari yakorokeye hasi. Elisha aca arayitora asubira inyuma, ahagarara ku nkengera ya Yorodani. 14 Elisha aca afata iyo mpuzu* ya Eliya, ayikubitisha amazi maze avuga ati: «Yehova Imana ya Eliya ari hehe?» Akubise amazi, aca yigaburamwo kubiri, amwe iburyo ayandi ibubamfu, araheza arajabuka+.
15 Ba bana b’abahanuzi b’i Yeriko bamubonye nka hariya, bavuga bati: «Elisha asigaye afise impwemu ya Eliya+.» Nuko baza kumusanganira, maze baramwunamira bashika hasi. 16 Bamubwira bati: «Databuja, muri twebwe hari abagabo 50 b’intwari. Turagusavye ubareke baje kurondera shobuja. Hari aho impwemu* ya Yehova yoba yamuteruye, ikamuterera ku musozi canke mu mubande+.» Mugabo abishura ati: «Oya, ntimubarungike.» 17 Baguma bamuhata gushika aho bimubuza amahoro, maze avuga ati: «Barungike.» Barungika rero ba bagabo 50. Bamara imisi itatu bamurondera mugabo ntibamubona. 18 Igihe bagaruka, basanze Elisha ari i Yeriko+. Aca ababwira ati: «Sinari nababwiye ngo ntimugende?»
19 Mu nyuma abagabo bo muri ico gisagara babwira Elisha bati: «Databuja, nk’uko ubibona, iki gisagara kiri ahantu heza+. Mugabo amazi yaho ni mabi, n’isi yaho ntimera*.» 20 Aca avuga ati: «Nimunzanire akabakure gashasha, mugashiremwo umunyu.» Nuko barakamuzanira. 21 Maze aja kw’isoko ry’amazi, atereramwo uwo munyu+, araheza avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya mazi ndayatyoroye abaye meza. Ntazosubira guteza urupfu canke ngo atume isi itamera*.”» 22 Ayo mazi yaciye aba meza nk’uko Elisha yabivuze, kandi ni ko biri gushika n’uyu musi.
23 Nuko ava ng’aho, aduga i Beteli. Ariko aragenda, uduhungu tuvuye mu gisagara dutangura kumucokora+. Twaguma tumubwira ngo: «Duga, rutwe rw’ubuhanza! Duga, rutwe rw’ubuhanza!» 24 Arateba arahindukira araba abo bana, hanyuma arabavuma mw’izina rya Yehova. Maze idubu zibiri z’ingore+ ziva mw’ishamba zitabagura 42 muri bo+. 25 Abandanya urugendo gushika ku musozi Karumeli+, maze avuye ng’aho asubira i Samariya.