Abatesalonika ba kabiri
3 Ubwa nyuma bavukanyi, mubandanye kudusengera+ ngo ijambo rya Yehova* rigume rikwiragira ningoga+ ryongera ryubahwa, nk’uko mubigira aho iwanyu. 2 Mudusengere kandi kugira ngo dukizwe abantu bakora ikibi kandi b’ababisha+, kuko ukwizera atari ikintu gifiswe na bose+. 3 Mugabo Umukama ni umwizigirwa, kandi azobakomeza yongere abarinde wa mubisha. 4 Vyongeye, turizigiye Umukama ku biberekeye yuko muriko murakora ivyo tubabwira kandi ko muzobandanya kubikora. 5 Umukama abandanye kuyobora neza imitima yanyu kugira ngo mukunde Imana+ mwongere mwihangane+ ku bwa Kristu.
6 Turabasavye rero bavukanyi, mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ngo mwitandukanye n’umuvukanyi wese yigenza mu buryo butabereye+, ntiyisunge ivyo twabigishije*+. 7 Mwebwe ubwanyu murazi ivyo mukwiye gukora ngo mutwigane+, kuko tutigenjeje mu buryo butabereye igihe twari iwanyu. 8 Eka kandi nta n’umwe twaririye ibifungurwa ku buntu*+. Ahubwo riho, twarakora cane tukabira akuya ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemera tumusaba vyinshi+. 9 Si uko tutabifitiye ububasha+, ahubwo kwari ukugira ngo tubabere akarorero mwokwigana+. 10 N’igihe twari kumwe namwe twahora tubategeka duti: «Uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.» 11 Kuko twumvise ko hari bamwe muri mwebwe bigenza mu buryo butabereye+, ntibakore namba, mugabo bakita mu bitabaraba+. 12 Mwene abo bantu turabategetse kandi turabahimirije mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu ngo bakore batekereje kandi barye ivyo bakoreye+.
13 Nayo mwebwe bavukanyi, ntimuhebe gukora ivyiza. 14 Mugabo nimba hari uwudakurikiza ivyo tubabwiye muri iri kete, mumubeko maso* kandi mureke kwifatanya na we+ kugira ngo amaramare. 15 Yamara ntimumufate nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura+ nk’umuvukanyi.
16 Wa Mukama w’amahoro rero, we ubwiwe yame abaha amahoro mu buryo bwose+. Umukama abane namwe mwese.
17 Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje+, kikaba ari ikimenyetso kiranga amakete yanje yose. Ukwo ni ko nandika.
18 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe mwese.