Yesaya
26 Kuri uwo musi, iyi ndirimbo izoririmbwa+ mu gihugu c’Ubuyuda+:
«Dufise igisagara gikomeye+.
Ubukiriro atanga ni bwo bukibera uruzitiro n’ibihome*+.
5 Kuko yashize hasi ababa hejuru, muri ca gisagara kiri hejuru.
Arakimanura,
arakimanura gushika hasi.
Agishikana mu mukungugu.
6 Kizokandagirwa n’ibirenge,
ibirenge vy’abagorwa, amaguru y’abantu batobato.»
7 Inzira y’umugororotsi iratunganye*.
Kubera ko uri intungane,
uzosena inzira y’umugororotsi.
8 Ewe Yehova, turakwizigira uko tugendera mu nzira y’ingingo washinze.
Duhahamiye izina ryawe,
kandi twipfuza cane ko ryibukwa*.
9 Mw’ijoro ndakwipfuza n’umutima wanje wose,
umushaha wanje ukaguma ukurondera+.
Kuko igihe uciriye urubanza isi,
11 Ewe Yehova, wadugije ukuboko kwawe mugabo ntibakubona+.
Bazobona umwete ufitiye abantu bawe bamaramare.
Ni ukuri, umuriro ugenewe abakurwanya uzobarigata.
13 Ewe Yehova Mana yacu, hari abandi batware batuganje kiretse wewe+,
mugabo izina ryawe ni ryo ryonyene tuvuga+.
14 Barapfuye, ntibazosubira kubaho.
Nta co bashoboye kuko bapfuye, ntibazohaguruka+.
Waritayeho ivyabo kugira
ngo ubazimanganye, ntibabe bakivugwa na gato.
Warigijeyo imbibe zose z’igihugu uzishikana kure cane+.
16 Ewe Yehova, barakwituye igihe bari mu marushwa.
Igihe wabatoza indero, baragusenze bongorera, bagusukira ibiri mu mutima+.
17 Kurya umugore yibungenze agira yibaruke afatwa n’ibise,
akaboroga kubera ububabare,
ni ko vyatugendeye kubera wewe, ewe Yehova.
18 Twaribungenze, tugira ibise,
ariko ni nk’aho twibarutse umuyaga.
Nta rukiza twazaniye igihugu,
kandi nta n’umwe yavutse ngo abe mu gihugu.
19 «Abantu bawe bapfuye bazobaho.
Ibiziga vy’abantu banje* bizohaguruka+.
Ikangure mwihe akamo k’umunezero,
yemwe ababa mu mukungugu+!
Kuko urume rwanyu rumeze nk’urume rwo mu gitondo*,
kandi isi izorekura abapfuye, barya ata co bashoboye, basubire kubaho*.
21 Kuko raba, Yehova araje avuye iwe
ngo agire ico abaza ababa mu gihugu kubera amakosa bakoze.
Igihugu kizoshira ahabona amaraso yasheshwe muri co,
kandi ntikizosubira kunyegeza abantu baco bishwe.»