Zaburi
2 Isirayeli ninezerwe kubera Umuremyi wayo ahambaye+.
Abana ba Siyoni nibahimbarwe kubera Umwami wabo.
4 Kuko Yehova akunda abantu biwe+.
Atera iteka abantu bicisha bugufi mu kubarokora+.
5 Abantu b’intahemuka nibigine ubuninahazwa bwabo.
Nibavuze akaruru k’umunezero bari ku bitanda vyabo+.
6 Nibaririmbe* indirimbo zo gushemeza Imana,
batore inkota y’ubugi bubiri mu maboko,
7 kugira bihore amahanga
bongere bahane amakungu,
8 kugira baboheshe iminyororo abami bayo,
abanyacubahiro bayo na bo amapingu y’icuma,
Iryo teka yariteye intahemuka ziwe zose.
Shemeza Yehova*!