Yesaya
4 Kuri uwo musi abagore indwi bazocakira umugabo umwe+, bamubwire bati:
«Tuzokwironderera umukate dufungura
n’impuzu twambara.
Twemerere gusa twitirirwe izina ryawe
2 Kuri uwo musi, ikintu Yehova azonagisha kizoba ari ikintu giteye igomwe kandi c’ubuninahazwa, kandi ivyimburwa vyo mu gihugu bizoba ikintu co kwishimira kandi ciza ku barokotse bo muri Isirayeli+. 3 Abazoba basigaye i Siyoni n’i Yeruzalemu, ni ukuvuga abantu bose b’i Yeruzalemu banditswe ngo babandanye kubaho+, bazokwitwa aberanda.
4 Biciye ku mpwemu yo guca urubanza n’impwemu iturira*+, Yehova azokuraho* umwanda* w’abakobwa ba Siyoni*+, akureho* n’amaraso yasheshwe i Yeruzalemu. Ico gihe, 5 Yehova azotuma kandi ku murango haba igicu n’umwotsi hejuru y’umusozi Siyoni no hejuru y’ikibanza caho kiberamwo amakoraniro, mw’ijoro na ho habe umuriro ururumba kandi ubonesha+, kuko hejuru y’ibintu vyose bininahaye hazoba ubwugamo. 6 Kandi hazobaho urusago rutanga igitutu gikinga ubushuhe ku murango+, rukaba n’ahantu ho guhungira no kwikinga ibihuhusi n’imvura+.