Daniyeli
11 Nayo jewe, mu mwaka wa mbere w’ingoma ya Dariyo+ Umumedi, naraje gufasha Mikayeli nongera ndamukomeza*. 2 Ivyo ngira nkubwire rero ni ukuri:
Umve, hari abandi bami batatu bazoganza* Ubuperesi, kandi uwugira kane azokwegeranya ubutunzi bwinshi kuruta abo bandi bose. Niyamara gukomera kubera ubwo butunzi, azogumura abantu bose* kugira arwanye ubwami bw’Ubugiriki+.
3 Hazoza umwami akomeye maze aganze n’ububasha bwinshi+, kandi azokora ivyo yishakiye. 4 Ariko niyamara gukomera, ubwami bwiwe buzosenyuka, bwigabure bwerekeza ku mpande zine z’isi*+, mugabo ntibuzohabwa abamukomokako* canke ngo bugire ububasha nk’ubwo yari afise, kuko ubwami bwiwe buzorandurwa, bugahabwa abandi.
5 Umwami wo mu bumanuko azokomera, ni ukuvuga umwe mu basoda biwe bakurubakuru*. Ariko uwundi azomutsinda maze aganze n’ububasha bwinshi buruta ubwiwe.
6 Haciye imyaka, abo bami bazokwunga urunani, kandi umukobwa w’umwami wo mu bumanuko azoza ku mwami wo mu buraruko kugira bagiranire amasezerano. Ariko uwo mukobwa ntazogumana ububasha bwiwe, kandi n’uwo mwami ntazohangama, eka mbere n’ububasha bwiwe ntibuzohangama. Uwo mukobwa bazomuhinduka, we hamwe n’abamuzanye, uwamuvyaye be n’uwatuma akomera muri ico gihe. 7 Uwukomoka ku mizi y’uwo mukobwa azosubira mu kibanza c’uwo mwami*, kandi azoza gutera ingabo n’igisagara gikomeye* c’umwami wo mu buraruko. Azobirwanya kandi abitsinde. 8 Vyongeye, azojana mu Misiri imana zabo, ibishusho vyabo bikozwe mu cuma*, ibikoresho vyabo vyizavyiza* bikozwe mw’ifeza n’inzahabu hamwe n’imbohe. Azomara imyaka adatera umwami wo mu buraruko. 9 Umwami wo mu buraruko azoza gutera umwami wo mu bumanuko, ariko azogaruka mu gihugu ciwe.
10 Abahungu biwe* bazokwitegurira intambara, maze begeranye ingabo nyinshi, nyinshi cane. Umwe muri bo azoshwara igihugu cose nka kurya kw’umwuzure. Ariko azosubira inyuma, agende ararwana gushika ashitse mu gisagara ciwe gikomeye.
11 Umwami wo mu bumanuko azoshavura cane maze agende kumurwanya, ni ukuvuga umwami wo mu buraruko. Azokwegeranya* isinzi ryinshi cane, ariko iryo sinzi rizogwa mu minwe y’uwo wundi. 12 Emwe, iryo sinzi rizotwarwa. Azokwuzura* ubwibone kandi azogwisha abantu ibihumbi mirongo, ariko ubwo bubasha bwiwe nta co buzomumarira.
13 Umwami wo mu buraruko azogaruka, maze yegeranye isinzi rinini kuruta irya mbere. Haciye igihe, inyuma y’imyaka nk’ingahe, azozanana n’ingabo nyinshi zifise ibirwanisho bikwiye. 14 Ico gihe benshi bazorwanya umwami wo mu bumanuko.
Mbere n’abantu bakoresha igikenye* bo mw’ihanga ryawe bazokwoshwa ngo bagerageze gutuma iyerekwa riranguka, ariko bizobata ku w’amazi.
15 Umwami wo mu buraruko azoza, asugereze igisagara gikingijwe ibihome maze acigarurire. Ingabo* zo mu bumanuko n’abasirikare biwe b’intwari ntibazoshobora kwirwanira. Emwe, ntibazoronka inguvu zo kwirwanira. 16 Uwuje kurwanya umwami wo mu bumanuko azokora ivyo yishakiye, kandi nta wuzomuhagarara imbere. Azohagarara muri ca gihugu ciza cane*+, kandi azoba afise ububasha bwo gutikiza. 17 Azokwiyemeza kuzanana n’inguvu zose z’ubwami bwiwe, ariko azogirana amasezerano na we, kandi azororanirwa. Azohabwa uburenganzira bwo kugirira nabi umukobwa w’abagore. Uwo mukobwa ntazororanirwa, kandi ntazoguma ari uwiwe. 18 Azohindukirira ku bihugu biri ku nkengera y’ikiyaga, kandi azokwigarurira vyinshi muri vyo. Ariko umukomanda azokwikurako iceyi yamusize, kimuveko cose. Azogisubiza ku wakimusize. 19 Azoca* asubira mu bisagara bikomeye vyo mu gihugu ciwe, kandi azotsitara agwe, azimangane.
20 Mu kibanza ciwe hazoza uwundi arungika umutozakori* muri bwa bwami bwiza cane. Ariko mu misi mikeyi azosenyuka, adasenyuwe n’ishavu canke intambara.
21 Mu kibanza ciwe hazoza uwundi akengeretse, kandi ntibazomuha icubahiro kibereye abami. Azoza mu gihe c’amahoro*, maze afate ubwami akoresheje akarimi gasosa*. 22 Azokukumura ingabo zisendanisha nk’umwuzure, kandi zizokurwaho cokimwe na ya Ndongozi+ y’isezerano+. 23 Kubera yuko abandi bazoba bagize urunani na we, azokoresha ububeshi, aje hejuru kandi akomere biciye kw’ihanga ritoyi. 24 Mu kiringo c’amahoro, azokwinjira mu turere dutunze cane tw’intara, kandi azokora ivyo ba se na ba sekuruza batigeze bakora. Azoha abantu ivyanyazwe, ivyasahuwe hamwe n’ibindi bintu. Azogira imigambi yo gutera ibibanza bikingijwe ibihome, ariko bizomara akanya gato.
25 Azoja kurwanya umwami wo mu bumanuko ari kumwe n’ingabo nyinshi, abigire n’umutima wiwe wose n’inguvu ziwe zose, kandi umwami wo mu bumanuko azokwitegurira iyo ntambara ari kumwe n’ingabo nyinshi cane kandi zikomeye. Ariko ntazoshobora* kumurwanya, kuko bazoba bamugiriye imigambi. 26 Abahora basangira na we ivyo kurya vyiwe biryoshe ni bo bazotuma atemba.
Nayo ingabo ziwe, zizomera nk’izakukumuwe n’umwuzure, kandi benshi muri bo bazopfa.
27 Abo bami babiri bazokwicara ku meza imwe babwirane ibinyoma, ariko mu mitima yabo bazoba bariko biyumvira gukora ibibi. Mugabo nta kizovamwo, kuko igihe c’iherezo kitazoba kirashika+.
28 Azosubira inyuma* mu gihugu ciwe afise ibintu vyinshi, kandi azokwiyemeza kurwanya rya sezerano ryeranda. Azororanirwa hanyuma asubire inyuma mu gihugu ciwe.
29 Igihe kigeze, azogaruka gutera ubumanuko, ariko ntibizogenda nk’uko vyagenze ubwa mbere, 30 kuko amato* y’i Kitimu+ azoza kumutera, kandi azocishwa bugufi.
Azoca asubira inyuma, ate ishavu kuri rya sezerano ryeranda+, kandi azororanirwa. Emwe azosubira inyuma, yiteho abaheba rya sezerano ryeranda. 31 Ingabo ziwe zizoza zihumanye aheranda+, ari co gihome gikomeye, kandi zizokuraho ca kimazi c’ubudasiba+.
Zizoshiraho ca kintu gisesemye giteza agatikizo+.
32 Azotuma abarwanya rya sezerano bagarariza, akoresheje akarimi gasosa*. Ariko abazi Imana yabo bazotsinda kandi bazororanirwa. 33 Abafise ugutahura*+ bazofasha benshi gutegera. Bazomara imisi batsitajwe n’inkota n’urubeya, ubunyagano be n’ugusahurwa. 34 Ariko nibatsitazwa, bazofashwa gatoyi kandi benshi bazobiyungako bakoresheje akarimi gasosa. 35 Bamwe mu bafise ugutahura bazotsitazwa, kugira habe igikorwa c’ugutyororwa, uguhumanurwa n’ukwezwa+ kubera bo, gushika mu gihe c’iherezo, kuko igihe cavyo kitaragera.
36 Uwo mwami azokora ivyo ashatse vyose kandi azokwishima, yishire hejuru y’imana zose. Azovuga ibintu biteye ubwoba vyo gutyoza ya Mana iruta izindi mana+. Azororanirwa gushika ishavu ry’Imana rirangiye, kuko ivyapfunditswe bitegerezwa kuranguka. 37 Ntazokwubaha Imana ya ba sekuruza canke icipfuzo c’abagore canke iyindi mana iyo ari yo yose, ariko azokwishira hejuru y’abantu bose. 38 Ahubwo azoninahaza imana y’ibisagara bikingijwe ibihome. Azoninahaza imana ba sekuruza batigeze bamenya, abigire akoresheje inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’ibindi bintu vyizavyiza*. 39 Azororanirwa mu kurwanya ibisagara* bikingiwe neza kuruta ibindi, afashijwe* n’imana y’inyamahanga. Abamwemera* bose azobaninahaza cane, kandi azobaha kuganza abantu benshi. Ubutaka azobugabura, abutange ku mahera.
40 Mu gihe c’iherezo, umwami wo mu bumanuko azotana mu mitwe na we biciye ku gusunikana. Umwami wo mu buraruko azomuzako nk’igihuhusi, ari kumwe n’imikogote, abagendera ku mafarasi hamwe n’amato menshi. Azokwinjira mu bihugu, abishwaremwo nk’umwuzure. 41 Azokwinjira no muri ca gihugu ciza cane*+, kandi ibihugu vyinshi bizotsitara. Ariko ibi ni vyo bizomucika: Edomu, Mowabu n’igice nyamukuru c’Abamoni. 42 Azoguma akoresha ububasha bwiwe mu kurwanya ibihugu, kandi igihugu ca Misiri ntikizorusimba. 43 Azokwigarurira ubutunzi bunyegejwe bw’inzahabu n’ifeza, hamwe n’ibintu vyose vyizavyiza* vyo mu Misiri. Abanyalibiya n’Abanyetiyopiya bazomukurikira*.
44 Mugabo amakuru avuye mu buseruko no mu buraruko azomuhagarika umutima, ace agenda n’ishavu ryinshi kurandura no gutikiza abantu benshi. 45 Azoshinga amahema yiwe y’abami* hagati ya ca kiyaga kinini na wa musozi mweranda mwiza cane*+. Iherezo ryiwe rizoba rishitse, kandi nta wuzomutabara.