147 Shemeza Yehova!
Ni vyiza gushemeza Imana yacu.
Biraryoshe kandi birabereye kuyishemeza+!
2 Yehova ariko arubaka Yeruzalemu+.
Ariko aregeranya Abisirayeli bashwiragiye+.
3 Akiza abavunitse umutima,
agatubika ibikomere vyabo.
4 Aharura igitigiri c’inyenyeri,
zose akazihamagara mu mazina+.
5 Umukama wacu arahambaye kandi afise ububasha burenze+.
Ugutegera kwiwe kurarenze urugero+.
6 Yehova ashira hejuru abitonda+,
ariko ababisha akabashira hasi.
7 Nimuririmbire Yehova indirimbo zo gukenguruka.
Nimuririmbire amashemezo Imana yacu mujanisha n’inanga.
8 Nimuririmbire umwe apfuka ijuru akoresheje ibicu,
umwe agwisha imvura kw’isi+,
agatuma ivyatsi bimera+ ku misozi.
9 Ni we aronsa ibikoko ivyo kurya+,
akagaburira ibiswi vy’ibikona biguma vyayagura+.
10 Ntakangwa n’ububasha bw’ifarasi+
canke ubukomezi bw’amaguru y’umuntu+.
11 Yehova arakunda abantu bamutinya+,
barya baguma barindiriye urukundo rwiwe+.
12 Ninahaza Yehova, ewe Yeruzalemu!
Shemeza Imana yawe, ewe Siyoni!
13 Akomeza ivyugazo vy’amarembo yawe,
agahezagira abana bawe baba muri wewe.
14 Asasagaza amahoro mu karere kawe+,
akaguhaza ingano nzizanziza+.
15 Arungika itegeko ryiwe kw’isi.
Ijambo ryiwe riranyaruka cane.
16 Agwisha urubura hasi, hagasigara hera nk’ubwoya bw’intama+.
Asanzaza udutete tw’urubura nka kurya kw’umunyota+.
17 Atibagura urubura nk’aho umengo ni ibipande vy’umukate+.
Ni nde yokwihanganira ubukanye bwavyo+?
18 Arungika ijambo ryiwe bigashonga.
Ahuhutisha umuyaga wiwe+ amazi agatemba.
19 Ahishurira ijambo ryiwe Yakobo,
agahishurira Isirayeli ingingo ziwe n’imanza ziwe+.
20 Ivyo nta rindi hanga na rimwe yabigiriye+.
Nta na kimwe bazi ku bijanye n’imanza ziwe.
Shemeza Yehova+!