Niwige Ijambo ry’Imana
Ni ibiki bizoshikira amadini?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Amadini yose yoba ari meza?
Mu madini nka yose usanga hari abantu b’inziraburyarya bipfuza guhimbara Imana. Imana irabona abo bantu kandi irabitwararika. Ariko ikibabaje, abantu bamwebamwe barakoresheje idini mu ntumbero mbi. Muri kahise, indongozi z’amadini zaranasinzikarije ubuzima abatavuga rumwe na zo. (2 Abakorinto 4:3, 4; 11:13-15) Muri iki gihe, nk’uko bivugwa mu makuru, indongozi z’amadini zimwezimwe zararemesheje iterabwoba, zirashigikira indwano, canke ziraja mu vyo kwonona abana.—Soma Matayo 24:3-5, 11, 12.
Bibiliya yigisha yuko hari ubwoko bubiri bw’amadini: idini ry’ukuri n’idini ry’ikinyoma. Idini ry’ikinyoma ntiryigisha ukuri ku vyerekeye Imana. Naho ari ukwo, Yehova Imana agomba ko abantu bose bamenya ukuri ku bimwerekeye.—Soma 1 Timoteyo 2:3-5.
2. Ni ibiki bizoshikira amadini?
Imana ntiyipfuza ko abantu bahendwa n’amadini avuga ko ayikunda ariko akaba atigisha ukuri ku bijanye na yo. Kukaba nkako, abayoboke b’ayo madini usanga bakunda kuba abagenzi b’iyi si iyobowe na Shetani wa Mubesheranyi. (Yakobo 4:4; 1 Yohani 5:19) Ijambo ry’Imana ryerekana yuko amadini ayobokera intwaro z’abantu aho kuyobokera Imana ameze nk’umumaraya. Uwo mumaraya Bibiliya imwita “Babiloni Akomeye,” iryo zina rikaba ryavuye kuri ca gisagara ca kera ca Babiloni aho idini ry’ikinyoma ryatanguriye inyuma ya rya Segenya ryaba mu gihe ca Nowa. Vuba Imana igiye gukuraho bukwi na bukwi amadini abesha abantu akongera akabahahaza.—Soma Ivyahishuwe 17:1, 2, 5, 17; 18:8, 23, 24.
3. Imana izozanira gute umunezero isi yose?
Ukwo gukurwaho kw’idini ry’ikinyoma kwimirije ni inkuru nziza. Kuzotuma isi yose ikurwako agahahazo. Amadini y’ikinyoma ntazosubira kuzimiza abantu no kubacamwo imice. Abariho bose bazosigara bunze ubumwe mu gusenga ya Mana yonyene y’ukuri.—Soma Yesaya 11:9; Ivyahishuwe 18:20, 21; 21:3, 4.
4. Abantu b’inziraburyarya bakwiye gukora iki?
Yehova ntiyibagiye abantu b’inziraburyarya bakwiragiye mu madini y’ikinyoma kw’isi yose. Ubu ariko yegeraniriza hamwe abantu nk’abo mu bumwe mu kubigisha ukuri.—Soma Mika 4:2, 5.
Yehova araha ikaze mu muryango wiwe abipfuza kumukorera. Naho incuti n’abagenzi bobabazwa n’uko twatanguye gukorera Yehova, turahungukira cane. Turaba abagenzi b’Imana, tukironkera umuryango mushasha ukundana be n’icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera.—Soma Mariko 10:29, 30; 2 Abakorinto 6:17, 18.
Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 15 n’ica 16 muri iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 16]
The Complete Encyclopedia of Illustration/J. G. Hec