Niwiyegereze Imana
Iyo Imana ibabariye umuntu, yoba yibagira?
MW’IJAMBO rimwe, inyishu ni ego. Ku bijanye n’abo Yehova atonesha, asezerana ati: “Nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.” (Yeremiya 31:34) Yehova adukura rero amazinda yuko igihe ababariye abacumuzi bigaya, adasubira kwibuka ibicumuro vyabo. Ariko none vyoba bisobanura ko uwo Muremyi w’ikirere amahero n’ibiri mu co vyose adashoboye kwibuka ibicumuro yababariye? Amajambo Ezekiyeli yanditse aradufasha gutahura ukuntu Imana ibabarira maze ikibagira.—Soma Ezekiyeli 18:19-22.
Biciye ku muhanuzi Ezekiyeli, Yehova yaramenyekanishije urubanza yaciriye Yuda na Yeruzalemu umurwa mukuru waho kubera ubuhemu bwabo. Iryo hanga turifatiye hamwe ryari ryarahevye ugusenga Yehova, ryuzuza igihugu ubukazi. Yehova yamenyesheje ko Yeruzalemu yotikijwe n’Abanyababiloni. Ariko naho Yehova yatanze ubwo butumwa bw’urubanza, yaratanze n’icizigiro. Umuntu wese yarashobora kwihitiramwo; umwe wese ku giti ciwe yobajijwe ivyo yakoze.—Umurongo wa 19, 20.
Vyogenze gute umuntu ahevye ikibi agakora iciza? Yehova yavuze ati: “Nayo umubisha, niyahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze, akagumya koko ivyagezwe vyanje vyose, agashitsa ubutungane n’ubugororotsi, ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa.” (Umurongo wa 21) Vy’ukuri, Yehova yari “[y]iteguriye kubabarira” umucumuzi agaragaje ukwigaya nyakuri agahindukira agaheba ingendo yiwe mbi.—Zaburi 86:5.
None vyari kugenda gute ku bijanye n’ibicumuro uwo muntu yari yarakoze? Yehova yasiguye ati: “Ibigabitanyo vyiwe vyose yakoze, ntibizokwibukwa ngo abihorwe.” (Umurongo wa 22) Urabona ko ibicumuro vy’uwo mucumuzi yigaya “[bitokwibutswe] ngo abihorwe.” Kubera iki ivyo biri n’ico bivuze?
Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kwibuka” ntiryama risobanura gusa kugarukana mu bwenge ikintu cabaye muri kahise. Ku bijanye n’iryo jambo, igitabu kimwe kivuga giti: “Mu bisanzwe, akenshi riba ritekeye iciyumviro c’igikorwa canke rikaboneka riri kumwe n’amavuga yerekana igikorwa.” Ku bw’ivyo, “kwibuka” birashobora gusobanura “gukora.” Igihe rero Yehova avuga ko ibicumuro vy’umucumuzi yigaya “[bita]zokwibukwa ngo abihorwe,” aba ashaka kuvuga ko amaze kumubabarira ata co azokora ngo amuhore ibicumuro vyiwe, nk’akarorero mu kubimwagiriza canke mu kumuhana.a
Amajambo yo muri Ezekiyeli 18:21, 22 arerekana mu buryo bukora ku mutima aho Imana igeza mu kubabarira. Yehova atubabariye ibicumuro vyacu, ntazokwigera abiduhora muri kazoza. Ahubwo riho, ibicumuro vy’abigaya abiterera inyuma yiwe. (Yesaya 38:17) Ni nk’aho ahanagura ivyo bicumuro aho vyari vyanditse.—Ivyakozwe 3:19.
Kubera ko turi abantu badatunganye, turakenera imbabazi z’Imana. Nakare ducumura kenshi. (Abaroma 3:23) Mugabo Yehova yipfuza ko tumenya yuko iyo twigaye bivuye ku mutima, yiteguriye kutubabarira. Kandi iyo ababariye, aribagira, bisobanura ko atagaruka ku bicumuro twakoze ngo asubire kubitwagiriza canke kubiduhanira. Umve ntuze ukuntu bihumuriza! Imbabazi z’Imana zoba zikuvyuriye umutima wo kurushiriza kuyiyegereza?
Aho turemeshejwe gusoma muri Mukakaro:
[Akajambo k’epfo]
a Mu buryo nk’ubwo, “kwibuka ibicumuro” bishobora gusobanura “guhana abacumuzi.”—Yeremiya 14:10.