ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/2 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Iyo nkuru nziza yoba vy’ukuri iva ku Mana?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ubona gute Bibiliya?
    Ubona gute Bibiliya?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/2 rup. 16
Umuzingo wa Bibiliya wa kera

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Bibiliya yoba vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana?

Umuntu yokwitega ko Ijambo ry’Imana riba iridasanzwe, kandi Bibiliya ni ko imeze. Amakopi amamiliyaridi yayo aramaze gucapurwa mu ndimi amajana n’amajana. Ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya burafise ububasha bwo guhindura abantu bakarushiriza kumera neza.​—Soma 1 Abatesalonika 2:13; 2 Timoteyo 3:16.

Ikitwemeza ko Bibiliya yavuye ku Mana ni uko ivuga ibizoba muri kazoza ata kwihenda. Ivyo nta muntu yobishobora. Raba nk’akarorero igitabu ca Yesaya. Hari ikopi y’ico gitabu yubuwe mw’isenga rimwe riri hafi y’Ikiyaga c’Umunyu, ikaba yanditswe hagisigaye imyaka irenga ijana ngo Yezu avuke. Ico gitabu cari caravuze yuko igisagara ca Babiloni kitosubiye kubamwo abantu. Ivyo vyatanguye kuranguka haheze imyaka myinshi Yezu avuye kw’isi.​—Soma Yesaya 13:19, 20; 2 Petero 1:20, 21.

Bibiliya yanditswe gute?

Bibiliya yanditswe mu kiringo c’imyaka nka 1.600. Yanditswe n’abantu nka 40, ivyo banditse bikaba bishimika ku kintu nyamukuru kimwe, ata kuvuguruzanya. Ivyo vyashobotse gute? Imana ni yo yabayoboye igihe bandika.​—Soma 2 Samweli 23:2.

Rimwe na rimwe Imana yavugana n’abanditse Bibiliya biciye ku bamarayika, ku ndoto canke ku kwerekwa. Kenshi Imana yarashira mu bwenge bwabo ivyo yashaka ko bandika, igaca ireka bakihitiramwo amajambo bakoresha mu kuvyandika.​—Soma Ivyahishuwe 1:1; 21:3-5.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 2 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.pr2711.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika