ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/8 rup. 3
  • Imana yoba ikwitaho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba ikwitaho?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • ‘Turushirize Kuvyitwararika’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Noba umugenzi w’Imana gute?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Igituma bamwe bibagora gukunda Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Imana irarondera kukwiyegereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/8 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA YOBA IKWITWARARIKA?

Imana Yoba Ikwitaho?

“Jewe ndi umurushwa n’umworo. Yehova ubwiwe aranyitaho.”a​—DAWIDI WO MURI ISIRAYELI, YABAYEHO MU KINJANA CA 11 IMBERE YA KRISTU.

Ima ry’amazi rikorotse rivuye mu ndobo

“Amahanga ni nk’ima ryo mu ndobo.”​—YESAYA 40:15

Coba cari ikintu cumvikana ko Dawidi yitega yuko Imana imwitaho? Imana yoba ikwitaho? Abantu benshi birabagora kwemera ko Imana mushoboravyose yoba ibitaho. Kubera iki?

Imvo imwe ibituma ni uko Imana irengeye cane abantu-buntu. Turavye ikibanza cayo kiri hejuru, amahanga yose “ni nk’ima ryo mu ndobo; kandi afatwa nk’agakungugu gafashe ku munzane.” (Yesaya 40:15) Umwanditsi umwe wo muri iki gihe akekeranya ko Imana iriho, yarinamuye avuga ati: “Bwoba ari ubwibone bw’akaburarugero kwiyumvira ko hari Imana iguma yitwararika ivyo ukora.”

Ku rundi ruhande, abantu bamwebamwe babona ko Imana idashobora kubitaho kubera ingene bameze canke ingene bigenza. Nk’akarorero, umugabo umwe ahumuye yitwa Jim avuga ati: “Narakunda gusenga nsaba Imana ngo imfashe kugira amahoro n’ukwigumya, ariko ibishavu vyanje vyarateba bikiguburiza. Harageze aho mbona ko ndi umuntu mubi atakivayo kandi ko Imana itoshobora kumfasha.”

Imana yoba iri kure y’abantu ku buryo idashobora kwitaho ivyacu? Imana ibona gute twebwe ibiremwa vyayo bidatunganye? Nta muntu n’umwe ashobora vy’ukuri kwishura ivyo bibazo mu kibanza c’Imana kiretse ibimuhishuriye. Naho ari ukwo, ubutumwa Imana yarungikiye abantu, ni ukuvuga Bibiliya, buradusubiriza umutima mu nda ko Imana itari kure yacu ku buryo ititaho umwumwe wese ku giti ciwe. Bibiliya ivuga iti: “Vy’ukuri [ntiri] kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Mu biganiro bine bikurikira, turaza kwihweza ico Imana itubarira ku bijanye n’ukuntu yitwararika umwumwe wese, n’ukuntu yavyerekanye mu kwitaho abantu nkawe.

a Zaburi 40:17; Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika