ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/14 rup. 4-7
  • Inkuru itazwi yerekeye irema

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru itazwi yerekeye irema
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUREMYI ATAREMWE
  • IMANA YAMAZE IGIHE KINGANA IKI IRIKO IRAREMA IJURU N’ISI?
  • IMANA YOBA YAKORESHEJE IHINDAGURIKA?
  • IVYAREMWE BIRAHISHURA UMUREMYI
  • Ivyo Bibiliya itubwira
    Be maso!—2021
  • Siyansi be n’inkuru yo mw’Itanguriro
    Vyoba vyararemwe?
  • Irema
    Be maso!—2014
  • Imana yatanguye kurema ijuru n’isi ryari?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2014
g 3/14 rup. 4-7
Ikirere

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Inkuru itazwi yerekeye irema

ABANTU amamiliyaridi baramaze kwumva canke gusoma inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye n’intango y’ijuru n’isi. Iyo nkuru imaze imyaka 3.500 itangurwa n’amajambo azwi cane avuga ati: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”

Ariko rero, abantu benshi ntibazi yuko abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bagoretse inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema, bayisigura mu buryo bwinshi budahuje n’ivyo Bibiliya ivuga vy’ukuri. Muri abo bakuru b’amadini harimwo n’abemera yuko isi yaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24 hamwe n’abumira ku bivugwa muri Bibiliya nk’uko nyene vyanditse. Ivyo basigura birahushanye n’ivyo ubushakashatsi bwa siyansi bwerekana. Ivyo bavuga ntibiboneka muri Bibiliya, mugabo vyaratumye abantu bamwebamwe babona ko inkuru yo muri Bibiliya ari umugani gusa.

Abantu benshi ntibazi inkuru y’ukuri yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema. Ivyo ni akamaramaza kuko Bibiliya irasigura mu buryo bwumvikana cane kandi bw’ukuri ingene ijuru n’isi vyabayeho. Vyongeye, insiguro itanga irahuje n’ivyo abashakashatsi bubuye. Emwe, iyo nkuru yo muri Bibiliya benshi batazi yerekeye irema, yoshobora kugushimisha cane ikanagutangaza!

UMUREMYI ATAREMWE

Ikimenyetso kimeze nk’umunani uryamye ugereranya ukutagira intango canke iherezo

Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye irema ishingiye ku vy’uko hariho Uwusumba vyose, ni ukuvuga Imana Mushoboravyose yaremye vyose. None uwo ni nde kandi ameze gute? Bibiliya yerekana ko atandukanye cane n’imana zemerwa n’abantu benshi be n’izo mu madini yemerwa cane. Ni we yaremye vyose, ariko abantu benshi bazi bike cane ku bimwerekeye.

  • Imana irafise kamere. Si inguvu nsigabwenge iguma iyerera mu kirere. Irafise ivyiyumviro, inyiyumvo n’imigambi.

  • Imana ifise ububasha n’ubukerebutsi bitagira uko bingana. Ivyo biradufasha gutahura igituma ibiremwa vyose usanga bikozwe mu buryo buhanitse, na canecane ibifise ubuzima.

  • Imana ni yo yaremye ibigize ibiriho vyose. Ni co gituma idashobora kuba igizwe n’ibintu ubwayo yaremye. Imana ni impwemu, ntigizwe n’ibintu biboneka canke bifadika.

  • Imana ntigira intango canke iherezo. Yamyeho kandi izokwamaho. Ku bw’ivyo, nta wayiremye.

  • Imana irafise izina ry’uruharo riboneka incuro ibihumbi muri Bibiliya. Iryo zina ni Yehova.

  • Yehova Imana arakunda abantu kandi akabitwararika.

IMANA YAMAZE IGIHE KINGANA IKI IRIKO IRAREMA IJURU N’ISI?

Igicapo c’isaha

Bibiliya ivuga ko Imana yaremye “amajuru n’isi.” Ayo majambo avuga ibintu muri rusangi; ntavuga ikiringo Imana yamaze irema ijuru n’isi canke uburyo yakoresheje. Tuvuge iki ku nyigisho yemerwa na benshi ivuga ko Imana yaremye ijuru n’isi mu misi itandatu y’amasaha 24? Iyo nyigisho ishingiye ku gutahura inkuru yo muri Bibiliya ukutari ko, abahinga benshi mu vya siyansi bakaba batayemera. Raba ivyo Bibiliya ivuga vy’ukuri.

Bibiliya ntishigikira inyigisho y’uko imisi y’irema yari imisi y’amasaha 24 nk’uko bamwebamwe babivuga

  • Bibiliya ntishigikira inyigisho y’uko imisi y’irema yari imisi y’amasaha 24 nk’uko bamwebamwe babivuga.

  • Bibiliya irakoresha akatari gake ijambo “umusi” mu kuvuga ibiringo bitandukanye. Hari igihe idatomora ukuntu ivyo biringo bingana. Akarorero kamwe kavyerekana tugasanga mu nkuru ivuga ivy’irema iri mu gitabu co muri Bibiliya c’Itanguriro.

  • Umwe wose mu misi itandatu y’irema ivugwa mu nkuru yo muri Bibiliya ushobora kuba waramaze imyaka ibihumbi.

  • Umusi wa mbere w’irema watanguye Imana imaze kurema ijuru n’isi, akaba ata kinyabuzima cari kuri yo.

  • Biboneka ko iyo misi itandatu y’irema vyari ibiringo birebire Yehova Imana yamaze ategura isi kugira ngo abantu bayibeko.

  • Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema ntivuguruza ivyo abashakashatsi bashitseko ku bijanye n’imyaka ijuru n’isi bimaze.

IMANA YOBA YAKORESHEJE IHINDAGURIKA?

Rya hindagurika rivugwa ko ryabaye

Abantu benshi batemera Bibiliya bavuga yuko ibifise ubuzima vyakomotse ku bintu bitagira ubuzima, ivyo biba mu buryo butazwi kandi butagira intumbero. Bavuga yuko ngo umusi umwe, akanyabuzima gashobora kwigwiza kameze nk’akitwa bagiteri katanguye guhindagurika, kavamwo amoko yose y’ibinyabuzima ariho muri iki gihe. Ivyo vyoca bisobanura yuko umuntu mu vy’ukuri yakomotse kuri ako kanyabuzima, uzi n’ingene agizwe n’ibintu vyinshi bisiga ubwenge.

N’abantu benshi bitwa ngo baremera ko Bibiliya ari ijambo ry’Imana usanga bashigikira iyo nyigisho y’ihindagurika. Biyumvira yuko Imana yatanguje ubuzima kw’isi hanyuma irakurikirana gusa ihindagurika ryabwo, canke mbere iranariyobora. Mugabo ivyo si vyo Bibiliya ivuga.

Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema ntivuguruza ivyo abashakashatsi bashitseko ku bijanye n’imyaka ijuru n’isi bimaze

  • Bibiliya ivuga yuko Yehova Imana yaremye amoko nyamukuru y’ibimera n’ibikoko, irema kandi umugabo n’umugore batunganye bari bafise ubwenge, urukundo, ubukerebutsi n’ubutungane.

  • Biribonekeza yuko amoko y’ibikoko n’ibimera Imana yaremye yagiye arahinduka ku buryo haboneka amoko matomato. Akenshi usanga ayo mahinduka atuma haba ubudasa buboneka hagati y’ikiremwa n’ikindi mu bwoko bumwe.

  • Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema ntivuguruza ivyo abahinga bavuga yuko mu bwoko bunaka hashobora kuba amoko matomato.

IVYAREMWE BIRAHISHURA UMUREMYI

Hagati mu myaka ya 1800, umuhinga mu vy’ibinyabuzima w’Umwongereza yitwa Alfred Russel Wallace yarashigikiye inyigisho ya Charles Darwin ivuga yuko ihindagurika ryabaye biciye ku kuba ibinyabuzima bishoboye kuba ahantu kanaka ari vyo birama gusumba ibindi vyo mu bwoko bwavyo. Mugabo naho uwo muhinga yemera ihindagurika, bivugwa yuko yavuze ati: “Abafise amaso yo kubona n’ubwenge bumenyereye kuzirikana, bihweje utugingo ngengabuzima dutoyi gusumba utundi, amaraso, isi yose n’ikirere cose cuzuye inyenyeri . . . , barabona ko hariho uwubiyoborana ubwenge n’intumbero; mw’ijambo rimwe hariho Ubwenge [bwabikoze].”

Imyaka nk’ibihumbi bibiri imbere y’uko Wallace abaho, Bibiliya yari yaravuze iti: “Kuko kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.” (Abaroma 1:20) Vyoba vyiza rimwe na rimwe ufashe akanya ukazirikana ku bintu vy’agatangaza biboneka mu bidukikije, guhera ku katsi kamwe rudende gushika no ku bisyo vyo mu kirere bitagira uko bingana. Kwihweza ivyaremwe birashobora gutuma ubona ko hariho Umuremyi.

Ariko woshobora guca ubaza uti: ‘Nimba none hariho Imana y’urukundo yaremye vyose, kubera iki ireka tugashikirwa n’imibabaro? Yoba yarahevye ibiremwa vyayo vyo kw’isi? Kazoza katubikiye iki?’ Bibiliya irimwo n’ibindi bintu vyinshi abantu benshi batazi, ni ukuvuga ukuri kwabaye ikinyegezwa kubera kwanigiwe mu menshi n’ivyiyumviro vy’abantu be n’inyigisho z’amadini. Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, bohimbarwa no kugufasha gusuzuma ukuri kutavanze kw’Ijambo ry’Imana kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye Umuremyi no ku vyerekeye kazoza k’abantu yaremye.

URUKURIKIRANE RW’IMISI Y’IREMA

  • MU NTANGO

    Amajuru n’isi biremwa.​—Itanguriro 1:1.

  • Isi itagira imero kandi iri mu mwiza

    UMWIZA

    Isi ntigira imero, ni igiharabuga kandi iri mu mwiza.​—Itanguriro 1:2.

  • Umusi wa 1: umuco; umurango n’ijoro

    UMUSI WA MBERE

    Biboneka ko umuco utamurika cane uca mu kirere ugashikira isi. Umuntu yari kuba ari kw’isi ntiyari gushobora kubona iyo uwo muco wava. Ariko itandukaniro hagati y’ijoro n’umurango ryarashoboye kuboneka.​—Itanguriro 1:3-5.

  • Umusi ugira 2: ikirere

    UMUSI UGIRA KABIRI

    Isi ipfutswe n’amazi be n’igipfungu kizitanye. Ayo mazi n’ico gipfungu bica bitandukanywa, maze hakaboneka ikirere hagati y’amazi n’ico gipfungu kiri hejuru yayo. Ico kirere Bibiliya ivuga ko ari “ikirere hagati y’amazi,” ikacita kandi “Ijuru.”​—Itanguriro 1:6-8.

  • Umusi ugira 3: isi yumutse n’ibimera

    UMUSI UGIRA GATATU

    Amazi yo ku buringanire bw’isi aragabanuka maze hakaboneka isi yumutse. Ikirere kiraca kugira ngo umuco w’izuba urushirize gushika kw’isi. Ibimera biratangura kuboneka, amoko mashasha akamera kuri uwo musi ugira gatatu no ku misi y’irema ikurikira.​—Itanguriro 1:9-13.

  • Umusi ugira 4: ibitangamuco mu kirere

    UMUSI UGIRA KANE

    Izuba n’ukwezi biratangura kuboneka mu kirere umuntu abirabiye kw’isi.​—Itanguriro 1:14-19.

  • Umusi ugira 5: amafi n’inyoni

    UMUSI UGIRA GATANU

    Imana irarema ibinyabuzima vyo mu mazi n’ibiguruka vyinshi cane, ikabiremana ubushobozi bwo kurondoka nk’uko amoko yavyo ari.​—Itanguriro 1:20-23.

  • Umusi ugira 6: ibikoko bigendagenda ku butaka n’abantu

    UMUSI UGIRA GATANDATU

    Imana irarema ibikoko bigendagenda ku butaka, bininibinini na bitobito. Uwo musi urangirana n’iremwa ry’umugabo n’umugore ba mbere, bakaba ari bo gahebuza mu vyo Imana yaremye kw’isi vyose.​—Itanguriro 1:24-31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika