ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 2 rup. 8-9
  • Nufashe umwana wawe kwitegurira ubuyabaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe umwana wawe kwitegurira ubuyabaga
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Ingorane zo mu ntango y’ubuyabaga nozifatamwo gute?
    Urwaruka ruribaza
  • Ni ibiki biriko birashikira umubiri wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Guseruranira akari ku mutima n’abana b’imiyabaga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ubuyabaga—Kwitegurira kuba umuntu ageze mu bigero
    Be maso!—2011
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 2 rup. 8-9
Umugabo ariko aganira n’umuhungu wiwe

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Nufashe umwana wawe kwitegurira ubuyabaga

Umugabo n’umuhungu wiwe bariko bitegereza icapa cerekana ko ubuyabaga ari ikiringo gituma umuntu ava mu bwana akaba uwukuze

INGORANE

Hari nk’ejo bundi igihe umwana wawe yavuka ariko ng’uwo yakuze. Agira ace mu kiringo kimutegura kuba umuntu akuze. Ico kiringo ni ubuyabaga.

Ushobora gute none gufasha umuhungu wawe canke umukobwa wawe muri ico kiringo gitesha umutwe kandi rimwe na rimwe giteye ubwoba?

ICO UKWIYE KUMENYA

Ubuyabaga ntibutangurira rimwe. Burashobora gutangura hagati y’imyaka icenda na cumi n’itanu. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga “imyaka ico kiringo gitangurirako iratandukanye cane.”

Ubuyabaga buratuma umuntu ahagarika umutima. Imiyabaga irarazwa ishinga cane n’uko iboneka. Umusore akiri muto yitwa Jareda avuga ati: “Naratanguye kwitwararika uko mboneka n’uko nkora ibintu. Ndi kumwe n’abandi naribaza nimba batoba bariko barantora amahinyu.” Igihe batanguye kugira amahere birashobora gutuma mbere biyanka. Kellie w’imyaka 17 yigana ati: “Nari mfise amahere menshi mu maso. Ndibuka ko narira nibwira ko ndi mubi.”

Abana bavumbuka mu gukura baragira ingorane. Birashika canecane ku bakobwa kuko bashobora gucokorwa kubera ko bagize amabere n’ibisusu. Igitabu kimwe kivuga giti: “Ivyo birashobora no gutuma batangura gukwegēra abahungu bakuze.”

Ubuyabaga ntibusobanura kuba umuntu akuze. Mu Migani 22:15 havuga hati: “Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana.” Ivyo ntibihinduka ngo n’uko abaye umuyabaga. Naho uwukiri muto yoboneka nk’umuntu akuze, igitabu kimwe kivuga ko “ataho bisa bisana no kuba ashoboye gufata ingingo ziranga ubwenge, kwitwararika ibintu, kwigumya n’ibindi bintu biranga umuntu akuze.”

ICO WOKORA

Numubwire ibigiye kumushikira. Numubwire canecane ibijanye no kuja mu kwezi nimba ari umukobwa canke gusohora intanga kubera yarose nabi nimba ari umuhungu. Kubera ko ivyo bintu bishika bukwi na bukwi, birashobora gutesha umutwe no gutera ubwoba. Igihe rero ubimubwira ntumutere ubwoba, ahubwo numwereke ko ari intango y’ibintu bihambaye bizomushikana ku kuba umuntu akuze.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Zaburi 139:14.

Mubwire mu buryo butomoye. Umusore yitwa John avuga ati: “Igihe abavyeyi banje babimbwira, hari ivyabatera isoni kuvuga. Nari gushima ko babinsigurira neza kuruta.” Alana w’imyaka 17, na we ni ko abibona. Agira ati: “Naho mama yambwiye ibizonshikira, nari gushima ko ambwira uko novyifatamwo.” Icigwa: naho bitoroshe kuyaga, nubwire umwana wawe ibintu vyose vyerekeye ico kiringo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Ivyakozwe 20:20.

Baza ibibazo bituma akwugurukira. Nutangure umubaza ibishikira abandi bana. Nk’akarorero, wobaza umukobwa wawe uti: “Kw’ishure nta bana urumva bavuga ivyo kuja mu kwezi?” “Abandi bana ntibahora batwenga abakobwa bameze amabere kare?” Ari umuhungu womubaza uti: “Abandi bana boba bakengera abahungu bateba gukura?” Abakiri bato batanguye kuvuga ibishikira abandi, baroroherwa no kuvuga uko babona ibintu n’ibimaze kubashikira. Igihe rero bakwugurukiye, nukurikize impanuro ya Bibiliya igira iti: ‘Tebuka kwumva, utebe kuvuga.’​—Yakobo 1:19.

Numufashe gutsimbataza “ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.” (Imigani 3:21) Ubuyabaga si igihe gusa c’amahinduka yo ku mubiri no mu kuntu umuntu yiyumva. Muri ico kiringo kandi uwukiri muto aratsimbataza ubuhanga bwo kwiyumvira buzomufasha gufata ingingo zibereye niyamara gukura. Ntugishe ako karyo rero ko kumwigisha ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaheburayo 5:14.

Ntutane n’akabando. Abakiri bato benshi usanga badashima kuyaga n’abavyeyi babo ibijanye n’ico kiringo ariko ntibikubabaze. Igitabu kimwe kigira giti: “Hari abakiri bato bigirisha nk’aho batanegwa ivyo uriko urababwira, nk’aho bibatera ubuyega canke bakamera nk’abatavyumva. Naho biri uko, ushobora gusanga ata na kimwe mu vyo ubabwira kibacika.”

a Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kuko bitashimwe ko bamenyekana.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.”​—Zaburi 139:14.

  • “Nta na kimwe naretse kubabwira mu bintu vyose vy’ingirakamaro.”​—Ivyakozwe 20:20.

  • “Abantu bahumuye . . . ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Abaheburayo 5:14.

“Abavyeyi banje baranshigikiye cane igihe nariko ndegereza ubuyabaga na canecane mama. Yarafashe umwanya aransigurira ibintu vyose. Nari nzi neza ivyari mu kunshikira n’ingene bigenda ku buryo ntahahamutse igihe vyashika ari bwo bwa mbere. Ikiruta vyose, ni uko mama yama yitwararika ko ndamuyagira norohewe. Abavyeyi banje baramfashije muri ico kiringo kitoroshe.”​—Marie w’imyaka 16.

“Abavyeyi banje baramfashije. Nk’akarorero, igihe ntaba nshaka kuvuga baravyubahiriza kuko bari bazi ko ivyo ndiko ndacamwo vyatuma numva ubuyega. Kuba atawe babibwira na vyo vyaramfashije. Kandi bari barambwiye ivyonshikiye imbere y’igihe.”​—Joan w’imyaka 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika