Ururirimbo rwa 15
Ubuzima butagira iherezo—ngubwo!
1. Wobon’uzirikana
Abantu baba hamwe?
’Mubabaro ntiwoza!
Eka nta marira.
(Icitabirizo)
2. Ibikoko n’abantu
Nta kibabaz’ikindi.
Ivyo kurya bazorya;
Imana yagavye.
(Icitabirizo)
3. Nta basaza bariho,
Barasubiy’itoto.
’Vyago vyose vyahise;
Nturira, ntutinya.
(Icitabirizo)
4. Mw’Iparadizo bose
Bazoshemez’Imana.
Tuzokwama tuvuga:
‘Rurema shimirwa’.
(ICITABIRIZO)
Ririmba nezerwa.
Na wew’uzoherwa.
Pfa kwitega kuvuga:
‘Ngubwo bwa buzima’!