Ururirimbo rwa 52
Izina rya Dawe wa twese
1. Yehova Dawe wa twese
’Zina ryawe niryezwe.
Ivy’ushaka nibikorwe
Hav’iceyi wasizwe.
Ejobundi uzokwezwa
Abansi niwacinya.
Uzohez’umenyekane
Nta wutazogutinya.
(Icitabirizo)
2. Natwe turondera kweza
’Zina ryawe ntangere.
Tuvuga dushiz’amanga
Impundu bagutere.
Twizere dushir’ubwoba,
Tuguh’icubahiro.
Yewe Dawe ’se twobaho
Tuguh’igitinyiro.
(Icitabirizo)
3. Yehova we Sebumana
Rudasumbwa ni wewe.
Nta kintu gihambaye nko
Guhay’izina ryawe.
Turaduz’ibitambara
Kugira twerekane
Yuk’ushits’ivyo washinze,
Wewe numenyekane.
(ICITABIRIZO)
Yehova ni we Muremyi,
Ni we waremye vyose,
Ni wew’ushing’imigambi,
Ikaranguka yose.
Yehov’ushobora vyose
Watanz’Umwana wawe,
Biciye ku Bwami bwawe
Shits’ukugomba kwawe.