Ikigabane ca 34
Akayobera gateye ubwoba gahishurwa
1. (a) Yohani avyifatamwo gute abonye wa mumaraya akomeye n’igikoko giteye ubwoba agenderako, kandi kubera iki? (b) Abagize umugwi wa Yohani muri iki gihe bavyifatamwo gute baravye ibintu bigenda biraba mu gushitsa ubuhanuzi bwo muri iryo yerekwa?
MBEGA Yohani avyifatamwo gute abonye wa mumaraya akomeye n’igikoko giteye ubwoba agenderako? Ubwiwe yishura ati: “Erega ngo ndamubone, ndatangara bimwe bikomeye.” (Ivyahishuwe 17:6b) Ico kintu abona kirarengeye ubwenge bw’umuntu. Ariko rero ni vyo nyene abona: nka hariya mu gahinga, abona umumaraya ruhebwa yicaye ku gikoko giteye ubwoba c’ibara ry’agahama! (Ivyahishuwe 17:3) Abagize umugwi wa Yohani na bo nyene muri iki gihe baratangara cane baravye ibintu bigenda biraba mu gushitsa ubuhanuzi bwo muri iryo yerekwa. Iyaba abantu bo mw’isi bashobora kubibona, bokwikuguye bati: ‘Ni igitangaza!’, abategetsi b’isi na bo bakitabira bati: ‘Birasiga ubwenge!’ Ariko iryo yerekwa ririko riraranguka bimwe bitangaje muri iki gihe. Abasavyi b’Imana baramaze kugira uruhara ruboneka mw’iranguka ryaryo, kandi ivyo birabakura amazinda ko ubwo buhanuzi buzobandanya kuranguka gushika ku nsozero yabwo y’akumiza.
2. (a) Umumarayika aca abwira iki Yohani abonye ko atangaye? (b) Ni igiki abagize umugwi wa Yohani bahishuriwe, kandi bagihishuriwe gute?
2 Umumarayika arabona ko Yohani atangaye. Yohani abandanya ati: “Wa mumarayika aca ambwira ati: ‘Utangajwe n’iki? Ndakubwira akayobera k’urya mugore be n’aka kirya gikoko kimuhetse kandi gifise irya mitwe indwi n’arya mahembe cumi.’” (Ivyahishuwe 17:7) Umve ntuze, uwo mumarayika agira aduhishurire ako kayobera! Arasigurira Yohani imice itandukanye y’iryo yerekwa be n’ibintu bihambaye bigira bibe, uno akamukurikira yatamariwe cane. No muri iki gihe nyene, abagize umugwi wa Yohani barahishuriwe insobanuro y’ubwo buhanuzi uko basukura ata kugoheka bayobowe n’abamarayika. “None ugusobanura si ukw’Imana?” Nk’uko wa mwizigirwa Yozefu yavyemera, na twebwe turavyemera. (Itanguriro 40:8; gereranya na Daniyeli 2:29, 30.) Ni nk’aho abasavyi b’Imana bari hagati na hagati kw’ikiniro, uko Yehova abasigurira insobanuro y’iryo yerekwa n’ingaruka rigira ku buzima bwabo. (Zaburi 25:14) Igihe kigeze, yarabafashije gutahura akayobera k’uwo mugore n’ak’ico gikoko.—Zaburi 32:8.
3, 4. (a) Ni insiguro y’icese iyihe N. H. Knorr yashikirije mu 1942, kandi yerekanye ko ca gikoko c’ibara ry’agahama ari iki? (b) Umuvukanyi N. H. Knorr yasiguye amajambo ayahe umumarayika yabwiye Yohani?
3 Kuva ku wa 18 gushika ku wa 20 Nyakanga 1942, igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yari ishushe, Ivyabona vya Yehova bo muri Amerika baragize Iteraniro rya gitewokarasi ry’isi nshasha. Igisagara ryabereyemwo ca Cleveland muri Ohio carahujwe biciye kuri telefone n’ibindi bisagara birenga 50 vyabereyemwo amahwaniro, abitavye iyo porogarama bose hamwe bakaba babaye 129.699. Aho bitanse kubera intambara, amahwaniro y’iyo porogarama nyene yaragizwe hirya no hino kw’isi. Ico gihe, benshi mu basavyi ba Yehova bibaza ko iyo ntambara yobashikanye kuri ya ntambara y’Imana ya Harumagedoni. Ni co gituma bari bashashaye cane kwumva ivyari mu nsiguro y’icese yavuga ngo “Amahoro yoba ashobora kurama?” Nathan Knorr, prezida mushasha w’Ishirahamwe Watch Tower, yari gushobora gute kuvuga ibijanye n’amahoro kandi vyasa n’uko amahanga yiteze igihushane?a Ni kubera yuko abagize umugwi wa Yohani bariko baritwararika Ijambo ry’Imana ry’ubuhanuzi “kuruta uko bisanzwe.”—Abaheburayo 2:1; 2 Petero 1:19.
4 None iyo nsiguro ivuga ngo “Amahoro yoba ashobora kurama?” yatanze umuco uwuhe kuri ubwo buhanuzi? Nathan Knorr amaze kwerekana neza ko igikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe 17:3 ari wa Muhari w’amahanga, yaciye ashishikara asigura ubuzima bwaco budurumbanye afatiye ku majambo umumarayika aca abwira Yohani, ati: “Ca gikoko wabonye cariho, mugabo ntikikiriho, yamara kigira kiduge kive mu nyenga, kandi kibwirizwa kuja mu mahonero.”—Ivyahishuwe 17:8a.
5. (a) Ni mu buryo ki “ca gikoko . . . cariho” hanyuma ‘ntikibe kikiriho’? (b) Nathan Knorr yishuye gute iki kibazo ngo “Uwo Muhari woba uzoguma mu nyenga?”
5 “Ca gikoko . . . cariho.” Ego cane, cari carabayeho kuva ku wa 10 Nzero 1920 ari Umuhari w’amahanga, ukaba warigeze kuba ugizwe n’ibihugu bishika 63. Ariko mu nyuma Ubuyapani, Ubudagi n’Ubutaliyano vyariyonjoroye, icahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti na co kirafutwa muri uwo Muhari. Muri Nyakanga 1939, umutegetsi atwaza igikenye w’Umunazi yarandurukije Intambara ya kabiri y’isi yose.b Kubera ko Umuhari w’amahanga wari wananiwe kubungabunga amahoro mw’isi, wabaye nk’aho ukorokeye mu nyenga igereranya ukuba ata co ugishoboye gukora. Mu 1942 wari warazimanganye. Neza na neza muri ico gihe, atari imbere canke inyuma y’aho, ni ho Yehova yaronsa abasavyi biwe insobanuro yuzuye y’iryo yerekwa! Kuri rya Teraniro rya gitewokarasi ry’isi nshasha, N. H. Knorr afatiye kuri ubwo buhanuzi yarashoboye kuvuga ati: “Ca gikoko . . . ntikikiriho.” Yaciye abaza ati: “Uwo Muhari woba uzoguma mu nyenga?” Mu gusubiramwo Ivyahishuwe 17:8, yishuye ati: “Urwo runani rw’amahanga ruzosubira kuvyuka.” Ukwo nyene ni ko vyagenze, biba biremeje Ijambo rya Yehova ry’ubuhanuzi!
Kiduga kiva mu nyenga
6. (a) Ca gikoko c’ibara ry’agahama caduze kiva mu nyenga ryari, kandi cari gifise izina rishasha irihe? (b) Kubera iki twovuga ko Ishirahamwe ONU ari nk’aho ari ca gikoko c’ibara ry’agahama casubiye kubaho?
6 Ca gikoko c’ibara ry’agahama caraduze koko kirava mu nyenga. Ku wa 26 Ruheshi 1945 i San Francisco muri Amerika, ibihugu 50 vyaremeje amasezerano yo gushinga Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, biba inzumbete ziriko zirasirana. Iryo shirahamwe ryari rifise intumbero yo “kubungabunga amahoro n’umutekano kw’isi yose.” Hari ibintu vyinshi wa Muhari wari uhuriyeko na ONU. Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Hari ukuntu ONU isa na wa Muhari w’amahanga washingwa inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose . . . Vyinshi mu bihugu vyatanguje ONU ni vyo nyene vyari vyaratanguje uwo Muhari. Cokimwe n’uwo Muhari, ONU yashinzwe kugira ifashe kubungabunga amahoro hagati y’ibihugu. Nyinshi mu nzego za ONU zirasa cane n’izari zigize uwo Muhari.” Ishirahamwe ONU rero ni nk’aho ari ca gikoko c’ibara ry’agahama casubiye kubaho. Ibihugu birenga 190 birigize biraruta kure n’iyo bimwe 63 vyari bigize Umuhari w’amahanga. Vyongeye, amabanga rifise ni menshi kuruta ayo uwo muhari ryasubiriye wari ufise.
7. (a) Ni mu buryo ki ababa kw’isi batangaye batamariwe igihe ca gikoko c’ibara ry’agahama casubira kubaho? (b) Ni igiki ONU itashoboye gushikako, kandi umunyamabanga mukuru wayo yabivuzeko iki?
7 Mu ntango abantu bari biteze vyinshi kw’Ishirahamwe ONU. Ivyo birahuye n’amajambo umumarayika yavuze, ati: “Maze nibabona ingene ico gikoko cariho, mugabo kikaba kitakiriho, yamara kikaba kizohaba, ababa kw’isi bazotangara batamariwe, mugabo amazina yabo ntiyanditswe ku muzingo w’ubuzima guhera kw’ishingwa ry’isi.” (Ivyahishuwe 17:8b) Ababa kw’isi baratangariye iryo shirahamwe rishasha rikomeye rikorera mu nyubakwa amahanga ziri ku nkengera y’uruzi East River i New York. Ariko ONU ntiyashoboye kuzana amahoro n’umutekano nyakuri. Mu gice kinini c’ikinjana ca 20, isi yagize amahoro kubera gusa ugutinya kumarana, kandi ibihugu vyagumye bihiganwa mu kurundanya ibirwanisho. Inyuma y’imyaka nka 40 Ishirahamwe ONU ryari rimaze ryita ku rutare, umunyamabanga mukuru waryo w’ico gihe ari we Javier Pérez de Cuéllar, yaridoze mu 1985 ati: “Tubayeho mu kindi kiringo c’abantu b’intagondwa, kandi ntitubona ico turi bukore.”
8, 9. (a) Kubera iki ONU idafise umuti w’ingorane zihanze isi, kandi ni ibiki bigiye kuyishikira nk’uko Imana ibivuga? (b) Ni kubera iki amazina y’abashinze ONU n’abayitangarira atanditswe mu “muzingo w’ubuzima” w’Imana? (c) Ni ibiki Ubwami bwa Yehova buzorangura?
8 Ishirahamwe ONU nta muti rifise. Uti kubera iki? Kubera ko uwahaye ubuzima abantu bose atari we yarishizeho. Rizomara umwanya urume rumara, kuko Imana ivuga ko “[r]ibwirizwa kuja mu mahonero.” Amazina y’abashinze ONU n’abayitamarira ntiyanditswe mu muzingo w’ubuzima w’Imana. Abantu buntu b’abacumuzi, benshi muri bo bakaba basuzugura izina ry’Imana, wumva boshobora kurangura biciye kuri ONU ivyo Yehova Imana yavuze ko agiye kurangura, bidaciye ku bantu, ahubwo biciye ku Bwami burongowe na Kristu wiwe?—Daniyeli 7:27; Ivyahishuwe 11:15.
9 Mu bisanzwe, ONU ni ishirahamwe rirogota ryishira mu kibanza c’Ubwami bw’Imana burongowe n’Umuganwa w’amahoro Yezu Kristu ari na we Mesiya, uwo ubutware bwiwe bwa kiganwa butazogira iherezo. (Yesaya 9:6, 7) Naho ONU yodendekeranya amahoro y’igihe gito, intambara ntiyoteba gusubira kwaduka. Ukwo ni ko abantu b’abacumuzi bameze. “Amazina yabo ntiyanditswe ku muzingo w’ubuzima guhera kw’ishingwa ry’isi.” Ubwami bwa Yehova burongowe na Kristu ntibuzozana gusa amahoro y’ibihe bidahera kw’isi, ariko kandi biciye ku ncungu ya Yezu buzozura abapfuye, ni ukuvuga abagororotsi n’abatari abagororotsi Imana yibuka. (Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15) Aho harimwo abantu bose bananiye ibitero vya Shetani n’uruvyaro rwiwe, hamwe n’abandi bazoronka akaryo ko kubigira muri kazoza. Biragaragara ko umuzingo w’ubuzima w’Imana utazokwigera ushirwamwo amazina y’abantu b’intagondwa bashigikira Babiloni Akomeye canke izina ry’umuntu uwo ari we wese yabandanije gusenga ca gikoko.—Kuvayo 32:33; Zaburi 86:8-10; Yohani 17:3; Ivyahishuwe 16:2; 17:5.
Amahoro n’umutekano ni indoto
10, 11. (a) Ni igiki ONU yatangaje mu 1986, kandi cakiriwe gute? (b) Ni “imiryango y’amadini” ingahe yari ikoraniye i Assise mu Butaliyano kugira isenge isaba amahoro, kandi Imana yoba yishura amasengesho mwene ayo? Sigura.
10 Mu twigoro Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigira ngo abantu bagumane ivyizigiro, ryaratangaje ko umwaka wa 1986 ari “Umwaka mpuzamakungu wahariwe amahoro,” icivugo cawo kikaba cagira ngo “Tubumbatire amahoro na kazoza k’abantu.” Ibihugu vyari mu ntambara vyasabwe gushira ibirwanisho hasi, n’imiburiburi mu kiringo c’umwaka. None ivyo bihugu vyakiriye gute ico kintu? Dufatiye kuri raporo yashikirijwe n’Ikigo mpuzamakungu c’ubushakashatsi ku bijanye n’amahoro, abantu imiliyoni zitanu ni bo bahitanywe n’intambara mu mwaka wa 1986 wonyene! Naho hahinguwe ibiceri bidasanzwe hagacapurwa n’amatembre y’ivyibutso, ibihugu vyinshi nta kintu kiboneka vyakoze mu kurondera amahoro muri uwo mwaka. Ariko rero, kubera ko amadini yo kw’isi yama arondera kwitonesha kuri ONU, yaciye atangura kwamamaza uwo mwaka mu buryo bwinshi. Ku wa 1 Nzero 1986, Papa Yohani Paulo wa kabiri yarahayagije igikorwa ONU yaranguye yongera atangaza ko uwo mwaka mushasha wari uw’amahoro. Ku wa 27 Gitugutu na ho, yarakoranirije i Assise mu Butaliyano indongozi z’amadini menshi yo kw’isi kugira basenge basaba amahoro.
11 Imana yoba yishura mwene ayo masengesho yo gusaba amahoro? Mbe nyene ni iyihe Mana izo ndongozi z’amadini zariko zirasenga? Uwari kubabaza, umugwi umwumwe wose wari gutanga inyishu wisangije. Hoba none hariho imana injojo zumviriza kandi zikishura amasengesho atuwe mu buryo bwinshi butandukanye gutyo? Benshi mu bari muri iyo nama basenga Ubutatu bwo mu madini y’abiyita abakirisu.c Ababuda, abahindu n’abandi bariko basubiramwo ibisabisho batura imana zitagira igitigiri. “Imiryango y’amadini” 12 ni yo yari ikoraniye hamwe, iserukiwe n’ibihangange nka Musenyeri mukuru w’abangilikani w’i Cantorbéry, indongozi y’idini ry’ababuda bita Dalaï-lama, indongozi y’idini ry’aborotodogisi mu Burusiya, prezida w’ishirahamwe ry’ikibanza ceranda c’abashinto b’i Tokyo, Abanyafrika basenga ibidukikije n’Abahindi babiri bo muri Amerika bambaye inkofero ziriko amubi. Emwe, wari umugwi ugizwe n’amabara atandukanye ubereye kwerekanwa ku mboneshakure. Hari umugwi umwe wamaze amasaha 12 usenga urutavanako. (Gereranya na Luka 20:45-47.) Ariko wibaza ko hari na rimwe muri ayo masengesho ryarenganye ibicu vy’imvura vyari hejuru y’ahariko harabera iyo nama? Habe na gato! Raba ikibitwemeza:
12. Ni kubera iki Imana itishuye amasengesho indongozi z’amadini yo kw’isi zatuye zisaba amahoro?
12 Mu buryo butandukanye n’“[aba]gendera mw’izina rya Yehova,” nta n’umwe muri abo banyamadini yariko arasenga Yehova ya Mana nzima, umwe izina ryiwe riboneka incuro zishika 7.000 mu gisomwa ca Bibiliya co mu ntango. (Mika 4:5; Yesaya 42:8, 12)d Uko bari bagize umugwi, ntibasenze Imana mw’izina rya Yezu Kristu, kuko benshi muri bo batanamwemera. (Yohani 14:13; 15:16) Nta n’umwe muri bo ariko arakora igikorwa Imana igomba muri kino gihe, na co kikaba ari ukwamamaza kw’isi yose ko Ubwami bwayo buriko buraza ari bwo cizigiro nyakuri abantu bakwiye guhanga amaso, atari ONU. (Matayo 7:21-23; 24:14; Mariko 13:10) Menshi mu madini yabo yarisutse mu ntambara zavishije amaraso menshi muri kahise, harimwo na za ntambara zibiri z’isi yose zo mu kinjana ca 20. Abantu mwene abo Imana ibabwira iti: “Naho mutura amasengesho menshi, sinumviriza; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso.”—Yesaya 1:15; 59:1-3.
13. (a) Ni kubera iki vyumvikana ko indongozi z’amadini yo kw’isi zifatanya na ONU mu gusaba amahoro? (b) Akamo ko gusaba amahoro kazoshikana ku ki nk’uko Ijambo ry’Imana ryabivuze?
13 Vyongeye, birumvikana rwose ko indongozi z’amadini yo kw’isi zifatanya n’Ishirahamwe ONU mu gusaba amahoro muri iki gihe. Bashaka kugira akosho kuri iryo shirahamwe ngo bironkere inyungu zabo, canecane muri ibi bihe abanywanyi babo benshi bariko baraheba idini. Cokimwe na za ndongozi z’ibihemu zo muri Isirayeli ya kera, basemerera bati: “‘Hari amahoro! Hari amahoro!’, kandi ata mahoro ariho.” (Yeremiya 6:14) Nta gukeka ko bazorushiriza gusemerera basaba amahoro, gutyo bashigikire ka kamo ka nyuma intumwa Paulo yavuga ivyako ati: “Umusi wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro. Igihe bazoba bavuga ngo: ‘Amahoro n’umutekano!’ ni ho agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene nk’uko ububabare bw’ibise buza ku mugore yibungenze; kandi ntibazogenda barusimvye.”—1 Abatesalonika 5:2, 3.
14. Akamo k’“amahoro n’umutekano!” koshobora kuza kameze gute, kandi umuntu yokwirinda gute guhendwa n’ako kamo?
14 Mu myaka ya vuba, abanyapolitike barakoresheje cane imvugo ngo “amahoro n’umutekano” mu bijanye n’imigambi yabo itandukanye. Utwo twigoro tw’abategetsi b’isi yoba ari intango y’iranguka ry’ibivugwa mu 1 Abatesalonika 5:3? Canke Paulo yoba yariko yerekeza ku kintu kanaka gikomeye cobaye ku buryo kimenyekana kw’isi yose? Kubera ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bukunze gutahurwa neza bumaze kuranguka canke igihe buriko buraranguka, bisaba ko turindira tukaraba. Uko biri kwose, abakirisu barazi yuko naho amahanga yosa n’uko yashitse ku mahoro n’umutekano, ata kintu kinini kizoba cahindutse. Ubwikunzi, urwanko, ubukozi bw’ikibi, ingo zisambuka, ubuhumbu, indwara, intuntu n’urupfu nta ho bizoba vyagiye. Ni co gituma ata kamo na kamwe k’“amahoro n’umutekano” gakwiye kuguhenda, nimba uguma uri maso ku nsobanuro y’ibintu biba mw’isi kandi ukumvira imburi Ijambo ry’Imana ry’ubuhanuzi ritanga.—Mariko 13:32-37; Luka 21:34-36.
[Utujambo tw’epfo]
a Joseph Rutherford yapfuye ku wa 8 Nzero 1942, Nathan Knorr aca aramusubirira mu kibanza ca prezida w’Ishirahamwe Watch Tower.
b Ku wa 20 Munyonyo 1940, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani na Hongriya vyarateye umukono ku masezerano yo gushinga “Umuhari w’amahanga mushasha.” Haciye imisi ine, Vatikano yaracishije kw’iradiyo imisa n’igisabisho vyo gusaba ko hoba amahoro mu madini be n’uko ibintu vyohinduka. Uwo “Muhari mushasha” ntiwigeze ubaho.
c Inyigisho y’Ubutatu yakomotse i Babiloni ha kera, ahasengwa ubutatu bugizwe n’ikimana-zuba Shamashi, ikimana-kwezi Sini n’ikimana-nyenyeri Ishitari. Mu Misiri na ho nyene barasenga ubutatu bugizwe n’ikimana Ozirisi, Izisi na Horusi. Ikimana gikuru c’i Ashuri ari co Ashuru cerekanwa gifise imitwe itatu. Muri ubwo buryo nyene, mu nsengero za Gatolika urahasanga amasanamu yerekana Imana ifise imitwe itatu.
d Kazinduzi imwe (Webster’s Third New International Dictionary) yo mu 1993 ivuga ko Yehova ari “Imana rudasumbwa yemewe, akaba ari yo yonyene Ivyabona vya Yehova basenga.”
[Uruzitiro ku rup. 250]
Igihushane c’“amahoro”
Naho ONU yatangaje ko umwaka wa 1986 ari Umwaka mpuzamakungu wahariwe amahoro, ibihugu vyararushirije guhiganwa mu kurundanya ibirwanisho. Raporo imwe (World Military and Social Expenditures 1986) ivuga ivy’amahera isi yakoresheje mu vya gisirikare no mu vy’imibano mu 1986 itanga aya makuru atuma umuntu azirikana:
Mu 1986 amahera isi yakoresha mu vya gisirikare yashitse ku miliyaridi 900 z’amadolari y’Abanyamerika.
Amahera isi yakoresha mu vya gisirikare mw’isaha imwe yari gushobora kugura imiti yo gucandaga abantu imiliyoni 3 n’igice bahitanwa buri mwaka n’indwara zandukira zishobora gukingwa.
Kw’isi yose, umuntu umwe kuri batanu yari abayeho mu bukene butagira izina. Amahera isi yakoresha mu misi ibiri mu kugura ibirwanisho yari gushobora kugaburira umwaka wose abo bantu bose bari bishwe n’inzara.
Ububasha bw’ibirwanisho ruhonyanganda isi yari itunze bwararuta incuro 160.000.000 ubwa vya vyuka vy’ubumara vyaturika mw’ihinguriro ry’i Tchernobyl.
Hari gushobora kurekurwa ikibombe ruhonyanganda gifise ububasha buruta incuro 500 ubwa ca kibombe caterwa mu gisagara ca Hiroshima mu 1945.
Ibirwanisho ruhonyanganda vyari mw’isi vyari bifise ububasha burenga incuro umuliyoni bimwe vyaterwa mu gisagara ca Hiroshima. Ububasha bwavyo bwararuta incuro 2.700 ubw’ivyakoreshejwe muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yahitanye abantu imiliyoni 38.
Intambara zararushirije kwiyongera no guhitana abantu benshi. Mu kinjana ca 18 intambara zahitanye abantu 4.400.000, mu kinjana ca 19 zihitana 8.300.000, mu myaka 86 ya mbere y’ikinjana ca 20 na ho zihitana 98.800.000. Kuva mu kinjana ca 18, igitigiri c’abahitanwa n’intambara carongerekanye incuro zirenga zitandatu ugereranije n’ukuntu abantu bagiye barongerekana kw’isi. Abahitanywe n’intambara mu kinjana ca 20 bararuta incuro cumi abo zahitanye mu kinjana ca 19.
[Amafoto ku rup. 247]
Nk’uko ubuhanuzi bujanye na ca gikoko c’ibara ry’agahama bwabivuze, Umuhari w’amahanga warakorokeye mu nyenga mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, mugabo usubira kuba muzima ari Ishirahamwe mpuzamakungu ONU
[Amfato ku rup. 249]
Mu gushigikira “Umwaka w’amahoro” watangajwe na ONU, abaserukira amadini yo mw’isi baratuye amasengesho y’uruvangatirane i Assise mu Butaliyano, mugabo nta n’umwe yasenze ya Mana nzima Yehova