Ikigabane ca 12
Ikibazo Gihambaye Kikwerekeye
1, 2. (a) Ni kuki uburyo wigenza biri n’ico bivuze kuri wewe? (b) Biri n’ico bivuze ku bandi abahe; kandi kubera iki?
UBURYO wigenza mu buzima biri n’ico bivuze. Bishobora kuzogira inkurikizi nziza canke mbi. Hari aho bizotuma ujana n’iyi si canke ukarokoka, ukinjira mw isi nshasha itunganye y’Imana, aho uzoronkera ubuzima budahera. — 1 Yohani 2:17; 2 Petero 3:13.
2 Kandi uburyo wigenza, biri n’ico bivuze no ku bandi ndetse wewe wenyene. Ivy’ukora biri n’ico bibagira. Akarorero abavyeyi bawe ni baba bakiriho, imigenzo yawe ishobora kubatera iteka canke ikabakoza isoni. Bibiliya ivuga iti: “Umwana w’ubwenge anezereza se, ariko umwana w’igipfu ababaza nyina.” (Imigani 10:1) Igihambaye kurusha, ni uko uburyo wigenza biri n’ico bivuze ku Mana Yehova. Bishobora kumuhimbara canke kumubabaza. Kuki? Kubera ikibazo gihambaye kikwerekeye.
ABANTU BARASHOBORA KUBA ABIZIGIRWA KU MANA?
3. Shetani yahize na Yehova ivuga ngo iki?
3 Ico kibazo cabajijwe na Shetani ari yo Mureganyi, igihe yatuma Adamu na Eva barenga itegeko ry’Imana bakayishigikira mu bugarariji bwayo. (Itanguriro 3:1-6) Ivyo vyatumye Shetani yiyumvamwo ko ikwiye guhiganwa na Yehova, ivuga iti: ‘abantu bagukorera kubera ko bakuzeyeko impera, mpa akaryo gusa urabe ko ntazoshobora kubagukurako bose.’ N’aho ayo majambo mu vy’ukuri atari muri Bibiliya ariko birumvikana neza ko Shetani yabwiye Imana amajambo asa n’ayo. Ivyo, muri Bibiliya vyerekanwa mu gitabu ca Yobu.
4, 5. (a) Yobu yari umuki? (b) Habaye iki mw ijuru mu gihe ca Yobu?
4 Yobu ni umuntu yabayeho imyaka amajana n’amajana inyuma y’igihe ubugarariji bubereye mw itongo ry’i Edeni. Yari umusavyi w’Imana w’umwizigirwa, kandi w’umugororotsi. Uko kugororoka kwiwe hari ico kwari kuvuze ku Mana canke kuri Shetani? Bibiliya yerekana ko kwari kukivuze. Itwiganira ingene Shetani yagiye gushengerera Yehova mw ijuru. Raba ivyo bāganiriye:
5 “Umusi uri izina abana b’Imana baje bashengereye [Yehova,] kandi na Shetani yazananye na bo. [Yehova] abaza Shetani ati: ‘uvuye hehe?’ Shetani yishura [Yehova] iti: ‘mvuye [kwangara kw isi] no kuyigendagendamwo.’ [Yehova] abaza Shetani ati: ‘mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yuko ata wuhwanye na we mw isi, ari umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?’” — Yobu 1:6-8.
6. Ni ikibazo ikihe Bibiliya yerekana cabayeho mu gihe ca Yobu?
6 Ni kuki Yehova yabwiye Shetani ko Yobu ari umugororotsi? Cari ikibazo; ko Yobu yobandanije kuba umwizigirwa kuri Yehova canke ko atobandanije. Ni wibuke ikibazo c’Imana, “Uvuye hehe?” Shetani yishura iti: “Mvuye kwangara kw isi no kuyigendagendamwo.” Ico kibazo n’iyo nyishu ya Shetani vyerekana yuko Yehova yari ayihaye uburenganzira bwo gukūra abantu bose kuri yo nk’uko Shetani yari yābivuze mw ihiganwa ryayo na we. Inyishu Shetani yishuye Yehova ku vyerekeye ukwizigirwa kwa Yobu yari iyihe?
7, 8. (a) Shetani yavuze ko Yobu akorera Imana kubera iki? (b) Yehova yagize iki kugira ngo ico kibazo agishire mu buryo?
7 “Shetani yishura [Yehova] iti: ‘mbega ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa? Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe n’ivyo atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kandi itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivyo afise vyose, urabe ko atazokurogotako imbonankubone.” — Yobu 1:9-11.
8 Aho Shetani yari ironse urwitwazo rwerekana igituma Yobu ari umwizigirwa ku Mana. ‘Yobu ntagukorera kubera ko agukunda, ariko kubera ko wamuhēreye,’ uko ni ko Shetani yavuze. Yabandanije yidoga ngo Yehova akoresha ububasha bwiwe nta ngere mu nzira idatunganye. ‘Wamye umukingira ibihe vyose,’ uko ni ko yavuze. Kugira ngo ico kibazo agishire mu buryo, Yehova yishura ati: “Ehe ivyo afise vyose biri mu kuboko kwawe; ariko we ku mutumba wiwe ntuze umukoreko!” — Yobu 1:12.
9. Ni ivyago ibihe Shetani yateje Yobu; kandi vyagize inkurikizi iyihe?
9 Buno nyene Shetani itangura guteza ivyago Yobu. Ituma amasho yose ya Yobu, amwe yicwa, ayandi anyagwa; iruhuka ibonye abana biwe cumi bapfuye. Yobu yatwawe ibintu nka vyose, ariko aguma ari umwizigirwa ku Mana; ntiyayirogoseko. (Yobu 1:2, 13-22) Ivyo ntivyahereye aho.
10. Ni igiki cerekana ko Shetani itaciye iheba?
10 Shetani isubira kujana n’abandi bamarayika gushengerera Yehova. Yehova asubira kuyibaza ko yabonye ukwizigirwa kwa Yobu ati: “Erega yakomeje ukugororoka kwiwe gushika n’ubu.” Shetani yishura iti: “Amagara akabwa ayandi! Mbere ivyo umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa yiwe n’umubiri wiwe, urabe ko atazokurogotako imbonankubone.” — Yobu 2:1-5.
11. (a) Ni amarushwa ayahe yandi Shetani yateje Yobu? (b) Inkurikizi yayo yabaye iyihe?
11 Yehova arekura Shetani ngo imugire uko ishaka, ariko Imana ivuga iti: “Kimwe gusa uzigurize ubugingo bwiwe.” (Yobu 2:6) Shetani iteza Yobu ikīza c’indwara mbi, iyo ndwara iramusesereza cane gushika aho yipfuza gupfa. (Yobu 2:7; 14:13, 14) N’umugore wiwe aramuhinduka ati: “Tuka Imana upfe uveho.” (Yobu 2:9) Ariko aranka kuyituka, avuga ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje.” (Yobu 27:5) Yobu yagumye ari umwizigirwa ku Mana. Shetani rero ica irahinyuka kuri bimwe yaharirizamwo Yehova, ngo Yobu akorera Imana kubera amatungo aherwa, si ku rukundo. Bica rero biragaragara ko Shetani idashobora kwigarurira abasavyi b’Imana bose.
12. (a) Yobu yahaye Imana uburyo bwo kwishura iki ku kīgenzo ka Shetani? (b) Kudahemukira Imana kwa Yobu vyerekanye iki?
12 Wibaza ko uko kwizigirwa kwa Yobu kwatumye Yehova amererwa ate? Kwaramuhimbaye! Ijambo ry’Imana riraremesha riti: “Mwananje ca ubwenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ndonke ico nishura uwuriko aranyandurutsa.” (Imigani 27:11, NW) Shetani ni yo yandurutsa Yehova. Ariko kubera ukwizigirwa kwa Yobu, umutima w’Imana wūzuye akamwemwe, ica ironka uburyo bwo kwishura impari za Shetani yishīma, ngo nta muntu n’umwe yoguma yambaza Imana ariko arababazwa. Hariho abandi bantu bāhaye Imana uburyo bwo kwishura. Akarorero karuta bwose, ni aka Yezu amuntu atāgira agahonzi. Yagumye ari umwizigirwa ku Mana, n’aho Shetani yamuteje ivyago n’amarushwa. Ivyo vyerekana rero ko na Adamu umuntu atāgira akanenge, yari gushobora kuguma ari umwizigirwa iyo abishaka; kandi ko igihe Yehova asaba ko abantu bamugamburukira muri vyose atari ukubadendereza.
WEWE URI MU RUHANDE URUHE?
13. (a) Uburyo wigenza bivuze iki ku vyerekeye ca kibazo? (b) Dushobora dute guhimbara Imana canke kuyibabaza?
13 Wewe wigenza ute none? Ntugire ngo ntaco bitwaye. Ubimenya canke utabimenya uko wigenza biragaragaza ko uri ku ruhande rw’Imana, canke ku rwa Shetani ku vyerekeye ca kibazo. Yehova arakwitwararitse, kandi ashaka ko umwambaza ukazobaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi. (Yohani 3:16) Imana yarababara igihe Abisirayeli bayigarariza. (Zaburi 78:40, 41) Mbega uko wigenza wewe birahimbara Imana canke birayibabaza? Birumvikana, kugira ngo uyihimbare utegerezwa kumenya amategeko yayo, kandi ukayafata nka nkama.
14. (a) Ku vyerekeye gukoresha ubushobozi bwo kuvyara, ni amategeko ayahe dukwiye kwubaha kugira ngo tunezereze Imana? (b) Ni kuki kurenga amategeko nk’ayo ari icaha?
14 Igikuru Shetani ishaka gushikako, ni ukubona abantu barenga amategeko y’Imana agenga ubushobozi bwo kuvyara; ayerekeye ukwabirana n’ubuzima bwo mu rugo. Amategeko y’Imana atuzigamira agahimbare, avuga ko abantu batarabirana badakwiye gukoresha ubushobozi bwabo bwo kuvyara, canke uwamaze kwubaka adashobora guta umugenzi wiwe ngo aje kurondera uwundi muntu baryamana. (1 Ab’i Tesalonike 4:3-8; Abaheburayo 13:4) Igihe abantu barenze itegeko ry’Imana, kenshi havuka abana batagira abavyeyi babakunda canke babipfuza. Mbere abagore barashobora no gukorora inda, canke kunigira umwana mu nda. Bisubiriye, abantu benshi bahurahura barashobora kwandura indwara mbi zishobora kwandukira n’abana bazovyara. Kuryamana n’uwo mutabiranye ni uguhemukira Imana kandi ni ukuyicumurako. Yobu yavuze ati: “Asangwa umutima wanje warasutswe n’umugore, nkabunda ku muryango w’umubanyi wanje . . . ico coba ari ishano ritavugwa, mbere coba ari ikibi co guhanirwa.” — Yobu 31:1, 9, 11.
15. (a) Igihe dusambanye dushimisha nde? (b) Ni kuki kwubaha amategeko y’Imana ari ukwerekana ubukerebutsi?
15 Ntivyodutangaza namba kubona iyi si itwarwa na Shetani igerageza kukwereka ko gusambana ari ibisanzwe, kandi ko ari na vyiza. Uramutse rero usambanye woba uriko urashimisha nde? Si Yehova ni Shetani. Kugira ngo uhimbare Imana, utegerezwa “guhunga ubushakanyi.” (1 Ab’i Korinto 6:18) Mu vy’ukuri, ntivyoroshe imisi yose kuguma uri umwizigirwa ku Mana. Na yobu nyene ntivyamworoheye. Ariko menya ko wokwerekana ubukerebutsi mu kwubaha amategeko y’Imana, kandi ko wogira umunezero mwinshi. Ariko igikuru, ni uko woshigikira Imana ku vyerekeye ca kibazo, kandi ko woyihimbara, na yo ikazoguhezagira ukabaho ibihe bidashira mu gahimbare ngaha kw isi.
16. (a) Ni imigisha iyihe Yobu yaronse kubera ko atahemutse? (b) Twovuga iki ku vyerekeye ikibi Shetani ikora nka kimwe co kwicira Yobu abana biwe 10?
16 Ego, Shetani yatumye Yobu afutana, kandi imwicira n’abana biwe 10. Si ivy’ugukeka Yobu yaranyazwe. Ariko kubera ko yagumye ari umwizigirwa, Imana yaramushumbushije, imuha amatungo aruta ayo yari afise ubwa mbere ibihetangabo kabiri. Asubira kuvyara abandi bana 10. (Yobu 42:10-17) Nta marushwa aterwa na Shetani, canke ico yonona ico ari co cose, kitazotunganywa n’umuvyeyi yuzuye urukundo Yehova igihe kigeze.
17. Ni kuki uburyo twigenza mu vy’ukuri biri n’ico bivuze?
17 Urama ushize ku muzirikanyi ko uburyo wigenza biri n’ico bivuze. Cane cane biri n’ico bivuze ku Mana no kuri Shetani wa Mureganyi. Ni co gituma ikibazo c’uko abantu bazoshobora kuba abizigirwa ku Mana canke bakayihemukira na wewe kikuraba.
[Ifoto ku rup. 106]
Yobu yarabeshuje Shetani yari yahize n’Imana ivuga ko ata muntu n’umwe yobabazwa ngo agume ari umwizigirwa
[Ifoto ku rup. 110]
Kumarwa inambu y’umubiri n’uwo mutabiranye ni ugucumura ku Mana
[Ifoto ku rup. 111]
Kubera ko Yobu atāhemutse, Yehova yamusubije ibiruta ivyo yari afise kure n’iyo