ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 34
  • Yezu Atoranya Intumwa Ziwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Atoranya Intumwa Ziwe
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu atora intumwa cumi na zibiri
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Yigishiriza ku Musozi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu atora intumwa 12
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ababaye abigishwa ba Yezu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 34

Ikigabane ca 34

Yezu Atoranya Intumwa Ziwe

UBAYE nk’umwaka n’igice kuva Yohani Umubatizi yerekanye Yezu ko ari we Mwagazi w’Imana, no kuva Yezu atanguye umurimo wiwe mu bantu. Ico gihe, Andereya, Simoni Petero, Yohani, ngirango na Yakobo (mwenewabo na Yohani) hamwe na Filipo be na Natanayeli (yitwa kandi Barutolomayo), bari bacitse abigishwa biwe ba mbere. Mu nyuma, abandi benshi barabiyungako bakurikira Kirisitu.

Ubu Yezu ariteguye kurobanura intumwa ziwe. Abo bazoba abifatanije na we cane, bakazomenyerezwa bimwe bidasanzwe. Ariko imbere y’ukubarobanura, Yezu aja ku musozi amarayo ijoro ryose asenga, kumbure asaba ubwenge n’umuhezagiro w’Imana. Bukeye, ahamagara abigishwa biwe hanyuma muri bo acaguramwo 12. Ariko rero, kubera ko babandanya kwigishwa na Yezu, baracitwa na bo nyene abigishwa.

Batandatu Yezu arobanura, abo twavuze aho haruguru, ni ba bandi bacika abigishwa biwe ba mbere. Matayo uwo Yezu yahamagaye ari ku biro bitorezwako ikori, na we nyene aratorwa. Bandi batanu batoranywa ni Yuda (uwitwa kandi Tadeyo), Yuda Iskariyoti, Simoni Umunyakanani, Toma, na Yakobo mwene Alufayo. Uwo Yakobo yitwa kandi Yakobo Umutoyi, kumbure kubera ko ari muto ku gihagararo canke mu myaka, kuruta iyo yindi ntumwa Yakobo.

Gushika ubu abo 12 bamaranye na Yezu igihe gitoyi, kandi arabazi neza. Kukaba nkako, bamwebamwe muri bo ni incuti ziwe bwite. Yakobo na mwenewabo Yohani bisa n’uko ari bo benenyinabo na Yezu ba mbere. Vyoshoboka kandi ko Alufayo yari mwenewabo na Yozefu, umwe se-murezi wa Yezu. Urumva rero ko mwene Alufayo, ari we ntumwa Yakobo, na wene kuri Yezu yoca aba mwene sewabo.

Nta nkeka, Yezu nta ngorane namba afise mu kwibuka amazina y’intumwa ziwe. Wewe none woba ushobora kubibuka? Urabona, ibuka gusa yuko hariho babiri bitwa Simoni, babiri bitwa Yakobo, na babiri bitwa Yuda, n’uko Simoni afise mwenewabo Andereya, be n’uko Yakobo afise mwenewabo yitwa Yohani. Ubwo ni bwo buryo bwo kwibuka intumwa umunani. Bandi bane bagizwe n’umutozakori (Matayo), hakaba umwe mu nyuma yagira amazinda (Toma), umwe yahamagarwa ari munsi y’igiti (Natanayeli), hamwe na mugenziwe Filipo.

Cumi n’umwe mu ntumwa baturuka i Galilaya, iwabo wa Yezu. Natanayeli ava i Kana. Filipo, Petero na Andereya bakomoka i Betsayida, mugabo Petero na Andereya barahava bimukira i Kaperinawumu, bikaba bisa n’uko aho ari ho Matayo yaba. Yakobo na Yohani bakora igikorwa c’ukuroba, kandi na bo nyene umenga baba i Kaperinawumu canke hafi yaho. Bisa n’uko Yuda Iskariyoti, umwe mu nyuma yagura Yezu, ari yo ntumwa yonyene iva i Yudaya. Mariko 3:13-19; Luka 6:12-16.

▪ Ni intumwa izihe zishobora kuba zari incuti za Yezu?

▪ Intumwa za Yezu ni izihe, kandi ushobora gute kwibuka amazina yazo?

▪ Izo ntumwa zaturuka mu ntara za hehe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika