Icigwa c’8
Umubano wo mu Rugo Uhimbara Imana
Umugabo afise ikibanza ikihe mu muryango? (1)
Umugabo akwiye gufata gute umugore wiwe? (2)
Serugo afise amabanga ayahe? (3)
Umugore afise uruhara uruhe mu muryango? (4)
Ni ibiki Imana isaba abavyeyi n’abana? (5)
Bibiliya ivuga iki ku vy’ugutandukana n’ukwahukana? (6, 7)
1. Bibiliya ivuga yuko umugabo ari we mutwe w’umuryango wiwe. (1 Ab’i Korinto 11:3) Umugabo ategerezwa kugira umugore umwe gusa. Bakwiye kuba babiranye mu buryo bubereye, imbere y’amategeko.—1 Timoteyo 3:2; Tito 3:1.
2. Umugabo akwiye gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda we nyene. Akwiye kumufata nk’uko Yezu afata abayoboke biwe. (Abanyefeso 5:25, 28, 29) Ntakwiye kwigera akubita umugore wiwe canke ngo amufate nabi mu buryo na bumwe. Ahubwo, akwiye kumutera iteka kandi akamwubaha.—Ab’i Kolosayi 3:19; 1 Petero 3:7.
3. Serugo akwiye gukora cane kugira ngo abungabunge umuryango wiwe. Ategerezwa kuronsa umugore n’abana ibifungurwa, ivyambarwa, n’uburaro. Serugo ategerezwa kandi kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umutima. (1 Timoteyo 5:8) Ni we aja imbere mu gufasha umuryango wiwe ngo wige ivyerekeye Imana n’imigambi yayo.—Gusubira mu Vyagezwe 6:4-9; Abanyefeso 6:4.
4. Umugore akwiye kuba umufasha mwiza w’umugabo wiwe. (Itanguriro 2:18) Akwiye kwunganira umugabo wiwe mu kwigisha no mu kurera abana babo. (Imigani 1:8) Yehova asaba umugore kubungabunga umuryango wiwe mu buryo bwuzuye urukundo. (Imigani 31:10, 15, 26, 27; Tito 2:4, 5) Akwiye kwubaha cane umugabo wiwe.—Abanyefeso 5:22, 23, 33.
5. Imana isaba abana kugamburukira abavyeyi babo. (Abanyefeso 6:1-3) Yiteze ko abavyeyi bigisha kandi bagakosora abana babo. Birakenewe ko abavyeyi bamarana umwanya n’abana babo kandi bakiga Bibiliya bari kumwe na bo, bakitwararika ivyo bakenera mu vy’umutima no mu vy’inyiyumvo. (Gusubira mu Vyagezwe 11:18, 19; Imigani 22:6, 15) Abavyeyi ntibakwiye kwigera bahana abana babo mu buryo bwo kubaturubika canke butagiramwo ikigongwe.—Ab’i Kolosayi 3:21.
6. Igihe abubakanye bagiraniye ingorane z’ukwumvikana, bakwiye kugerageza gukurikiza impanuro za Bibiliya. Bibiliya iduhimiriza kugaragaza urukundo no kuba abanyakigongwe. (Ab’i Kolosayi 3:12-14) Ijambo ry’Imana ntiriremesha ko ugutandukana ari bwo buryo bwo gutorera umuti ingorane ntonto. Mugabo umugore yoshobora guhitamwo kuva ku mugabo wiwe (1) iyo uno agabagaza akanka gushigikira umuryango wiwe, (2) iyo ari inkazi cane ku buryo amagara y’umugore n’ubuzima bwiwe vyoba bigeramiwe, canke (3) iyo umugabo amurwanya aherejeko, bimwe bituma adashobora gusenga Yehova.—1 Ab’i Korinto 7:12, 13.
7. Abubakanye bategerezwa kudahemukiranira. Ukurenga ibigo ni icaha ku Mana no ku wo mwubakanye. (Abaheburayo 13:4) Ukurenga ibigo ni yo mpamvu yonyene yotuma Umukirisu ashobora kwahukana n’uwo bubakanye, akabona kugira n’uburenganzira bwo gusubira kurongora canke kurongorwa. (Matayo 19:6-9; Abaroma 7:2, 3) Yehova aranka ko umuntu yahukana n’uwundi bitavuye ku mpamvu zishigikiwe n’Ivyanditswe hanyuma akubakana n’uwundi.—Malaki 2:14-16.
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Imana yiteze ko abavyeyi bigisha abana babo kandi bakabakosora
[Ifoto ku rup. 17]
Serugo yuzuye urukundo araronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri no mu vy’umutima