Uburyo bwo Kugira Ubushakashatsi
UMWAMI SALOMO “yakoze irya n’ino, araserangura, aroranya imigani myinshi.” Kuki? Kubera ko yari yitwararitse kwandika “[a]majambo y’ukuri.” (Umus. 12:9, 10) Luka ‘yarakurikiranije vyose neza ahereye ku vya mbere’ kugira ngo abare ivyabaye mu buzima bwa Kirisitu mu rutonde rwumvikana. (Luka 1:3) Abo basavyi b’Imana bompi bariko baragira ubushakashatsi.
Ubushakashatsi ni iki? Ni ukurondera witonze amakuru yerekeye ikintu kanaka. Harimwo n’ugusoma, kandi bisaba gukurikiza ingingo zigenga ukwiga. Hashobora kandi kujamwo ukubaza abantu ibibazo.
Ni ryari bisabwa ko hagirwa ubushakashatsi? Hano hariho uturorero dukeyi. Mu kwiyigisha kwawe bwite canke mu gusoma Bibiliya kwawe hashobora kuvyuka ibibazo bihambaye kuri wewe. Umuntu ushingako intahe ashobora kuvyura ikibazo woshima kuronkako amakuru atomoye kugira ngo uronke inyishu. Ushobora kuba washinzwe gutanga insiguro.
Rimbura ico kigabu c’ugutanga insiguro. Amayagwa wasabwe gushikiriza ashobora kuba asa n’ayavuga ibintu muri rusangi. None woyarabisha gute ku biberekeye iwanyu? Nuyuhirize ukugira ubushakashatsi. Igihe ashigikiwe n’igiharuro kimwe canke bibiri canke akarorero kajanye n’amayagwa yawe, kakaba kandi gakora ku buzima bw’abari mu bakwumviriza, iciyumviro cahora gisa n’icibonekeje kiracika igicisha ubwenge, mbere kikavyurira abantu ingiro. Ayo mayagwa yasohowe uriko urakoresha ashobora kuba yateguriwe abasomyi bo kw’isi yose, mugabo ukeneye kuyongerereza uburemere, kuyatangira ibigereranirizo, maze nya vyiyumviro ukabirabisha kw’ishengero rimwe canke ku muntu umwe. None wobigenza gute?
Imbere y’uko uja mu vyo gushakashaka amakuru, rimbura abazoba bakwumviriza. Ni ibiki bazoba basanzwe bazi? Ni ibiki bakeneye kumenya? Maze nugenekereze intumbero yawe iyo ari yo. Kwoba ari ugusigura? kujijura? kubeshuza? canke kuvyurira ingiro? Gusigura bisaba gutanga amakuru yiyongereye kugira ngo ikibazo gitomoke. Naho inkuru z’imvaho z’ishimikiro zoba zitahurika, ushobora gukenera gushimika ku gihe canke ku kuntu ivyavuzwe vyogirwa. Kujijura bisaba gutanga impamvu zerekana igituma ikintu ari ukwo kiri, utibagiye gushikiriza ikimenyamenya. Kubeshuza bisaba ubumenyi bunoganze bw’impande zompi z’ikibazo hamwe nyene n’isuzuma ryitondewe ry’ibimenyamenya vyakoreshejwe. Birumvikana, ntidupfa kurondera ivyiyumviro bikomakomeye gusa, ahubwo turondera uburyo bwo gushikiriza inkuru z’imvaho n’umutima mwiza. Kuvyurira ingiro bisaba gushikira umutima. Bisobanura guha abumviriza ikibasunika kandi ukubaka icipfuzo cabo co gukora bisunze ibiriko biraganirwa. Uturorero tw’ivyabaye tw’abakoze mwene ukwo, no mu gihe nyene bahanganye n’ingorane, turashobora gufasha gushikira umutima.
Ubu woba witeguriye gutangura? Si neza. Rimbura amakuru ukeneye uko angana. Umwanya ushobora kuba ikintu gihambaye co kuraba. Nimba ugiye gushikiriza ayo makuru abandi, ni umwanya ungana iki uzoba ufise wo kubigira? Iminuta itanu? Iminuta 45? Uwo mwanya woba ari ntabanduka nko kw’ikoraniro ry’ishengero, canke woba ushobora guhinduka, nko ku nyigisho ya Bibiliya canke ku kugendera umuntu cungere?
Amaherezo, ni ibikoresho vy’ubushakashatsi ibihe bihari wokoresha? Turetse ivyo ufise i muhira, hoba hariho ibindi mu bubiko ku Ngoro y’Ubwami? Abavukanyi bamaze imyaka myinshi basukurira Yehova boba bokureka ngo wikore ku bikoresho vyabo vy’ubushakashatsi? Hoba hariho ububiko bw’ibitabu bwa bose mu karere iwanyu aho ibitabu vy’irabiro bishobora gukoreshwa mu gihe bikenewe?
Gukoresha ca Gikoresho Cacu Gihambaye Kuruta Vyose c’Ubushakashatsi Ari co Bibiliya
Nimba umugambi wawe wo kugira ubushakashatsi usaba insobanuro y’icanditswe, tangurira kuri Bibiliya ubwayo.
Nurabe Amakikuro. Niwibaze uti: ‘Iki gisomwa cerekezwa kuri nde? Imirongo igikikije yerekana iki ku vyerekeye ivyatumye wandikwa bigatuma havugwa ivyo bintu, canke ivuga iki ku vyerekeye inyifato y’abantu bahavugwa?’ Mwene ivyo bintu vy’ido n’ido kenshi biradufasha gutahura amakikuro, kandi birashobora no kwongereza uburyohe bw’insiguro wobikoreshamwo.
Nk’akarorero, Abaheburayo 4:12 ni igisomwa gikunda gutangwa mu kwerekana ububasha Ijambo ry’Imana rifise bwo gukora ku mitima no kwosha ubuzima. Amakikuro arongereza ubwimbike ku gutegera kwacu ukuntu ivyo bishobora kuba ari ukwo biri. Aravuga ivyashikiye Abisirayeli muri ya myaka 40 bamara mu bugaragwa imbere y’uko binjira mu gihugu Yehova yari yarasezeraniye Aburahamu. (Heb. 3:7–4:13) “Ijambo ry’Imana,” umuhango yabahaye wo kwinjira ahantu h’akaruhuko mu buryo buhuye n’umuhango yari yarahaye Aburahamu, ntiwapfuye; wari muzima kandi wariko ugana kw’iranguka. Abisirayeli bari bafise impamvu zikwiye zo kugaragaza ko baryizeye. Ariko rero, uko Yehova yabayobora abakura mu Misiri abajana ku Musozi Sinayi bagana Igihugu c’Isezerano, incuro n’izindi baragaragaje ko babuze ukwizera. Gutyo, biciye ku kuntu bakira uburyo Imana yashitsa ijambo ryayo, ivyari mu mitima yabo vyarigaragaje. Mu buryo nk’ubwo muri iki gihe turimwo, ijambo Imana yavuze ry’umuhango rirerekana ibiri mu mitima y’abantu.
Niwihweze Amarabiro yo ku Mubari. Bibiliya zimwezimwe zirafise amarabiro ku mubari. Iyawe yoba iyafise? Namba iyafise, ayo ashobora gufasha. Raba akarorero muri Bibiliya yitwa Bibiliya Yera. Muri 1 Petero 3:6 hadoma urutoke kuri Sara yuko ari akarorero kabereye kwiganwa n’abakenyezi b’Abakirisu. Irabiro ryo ku mubari ryerekeza kw’Itanguriro 18:12 rirashigikira ivyo, mu guhishura ko Sara yita Aburahamu umukama “mu mutima.” Ukuyoboka kwiwe rero kwari ukwo mu mutima. Turetse ubwenge mwene ubwo, amarabiro yo ku mubari ashobora kukurungika ku bisomwa vyerekana iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya canke ku citegererezo c’isezerano ry’Ivyagezwe. Nubone ariko yuko amarabiro yo ku mubari amwamwe adashirwaho ngo atange mwene izo nsobanuro. Ashobora gusa kuba yerekeza ku vyiyumviro bisa n’ivyo canke ku makuru yerekeye ubuzima bw’umuntu canke indondabihugu.
Nushakashake Ukoresheje Inkoranyamajambo ya Bibiliya. Inkoranyamajambo ya Bibiliya ni ironderero ryisunga urukurikirane rw’indome, rigizwe n’amajambo akoreshwa muri Bibiliya. Irashobora kugufasha gutora ivyanditswe bijanye n’ikiganiro kanaka uriko uragirako ubushakashatsi. Uko ubigenzura, uzomenya ibindi bintu ngirakamaro vy’ido n’ido. Uzobona ibimenyamenya vy’“icitegererezo” c’ukuri kwerekanywe mw’Ijambo ry’Imana. (2 Tim. 1:13) Bibiliya Traduction du monde nouveau irimwo urutonde shimikiro rw’“Amajambo ya Bibiliya Ashizwe mw’Ironderero.” Igitabu c’inkoranyamajambo (Concordance complète) kirashika kure cane kuruta. Nimba kiboneka mu rurimi rwawe, kizokurungika ku bisomwa vyose birimwo rimwerimwe ryose mu majambo nyamukuru yo muri Bibiliya.
Kwiga Gukoresha Ibindi Bikoresho vy’Ubushakashatsi
Akumba bijana kari ku rupapuro 33 karatondeka igitigiri c’ibindi bikoresho vy’ubushakashatsi vyatanzwe na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45-47, NW) Vyinshi muri vyo biba bifise urupapuro rw’ibirimwo, kandi vyinshi usanga birimwo ironderero mu mpera, ivyo bikaba bigenewe kugufasha gutora amakuru manaka. Mu mpera y’umwaka umwumwe wose, amaronderero y’ibiganiro arasohorwa mu Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous! yerekeye icegeranyo c’ibiganiro vyasohotse mu mwaka uba uheze.
Kuba uzi ubwoko bw’amakuru yatanzwe mu bisohokayandikiro vy’ukwiga Bibiliya birashobora kukunyarukiriza igikorwa c’ubushakashatsi. Tuvuge nk’akarorero yuko ushaka kumenya ivyerekeye ubuhanuzi, inyigisho, imigenzo ya gikirisu, canke uburyo ingingo za Bibiliya zikurikizwa. Birashoboka ko Umunara w’Inderetsi uzoba urimwo ivyo urondera. Réveillez-vous! yihweza ibintu biriko biraba, ingorane zo mu gihe ca none, ivy’idini, ivya siyansi, hamwe n’ivyerekeye ibisata vy’abantu vyo mu bihugu bitandukanye. Insasanuro ku nkuru imwimwe yose mu nkuru zo mu Njili, mu zitondetse uko zakurikiranye mu rutonde vyabereyemwo, ziraboneka mu gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Umwihwezo w’umurongo ku wundi w’ibitabu vya Bibiliya nzima uraboneka mu bisohokayandikiro nka La Révelation: le grand dénouement est proche!, Prêtons attention à la prophétie de Daniel! na La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains. Mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures, uzohasanga inyishu zimara inyota ku bibazo amajana vyerekeye Bibiliya bikunda kubazwa mu murimo wo mu ndimiro. Kugira ngo utahure mu buryo butomoye kuruta ivyerekeye ayandi madini, inyigisho zayo, hamwe n’inkuru za kahise kayo, raba igitabu L’humanité à la recherche de Dieu. Inkuru y’ido n’ido yerekeye Ivyabona vya Yehova bo mu gihe ca none iri mu gitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu. Ushaka raporo y’ibiriko biraba mw’iyamamazwa ry’inkuru nziza kw’isi yose, raba mu gitabu c’umwaka Annuaire des Témoins de Jéhovah giherutse gusohoka. Igitabu Étude perspicace des Écritures ni inkoranyabumenyi kikaba n’igitabu c’indondabihugu c’ivya Bibiliya. Nimba ukeneye ido n’ido ry’ivyerekeye abantu, ahantu, ibintu, indimi canke ibintu vyabaye muri kahise bijanye na Bibiliya, ico ni isoko ryiza igitangaza worondereramwo.
“Index des publications de la Société Watch Tower” (Ironderero ry’Ibisohokayandikiro vya Sosiyete Watch Tower). Ico gitabu c’ironderero (Index), igisohorwa mu ndimi zirenga 20, kizokurongora ku makuru yo mu bisohokayandikiro bitandukanye vyacu. Kigabuwe mw’ironderero ry’ibiganiro be n’iry’ivyanditswe. Kugira ngo dukoreshe ironderero ry’ibiganiro, nurondere ahari ijambo riserukira ikiganiro ushaka kurondera. Kugira ngo ukoreshe ironderero ry’ivyanditswe, nurondere mu rutonde rw’ivyanditswe icanditswe washaka gutahura neza kuruta. Nimba hari ikintu casohowe mu rurimi rwawe kuri ico kibazo canke ico canditswe mu myaka iyo Index yerekeye, uzohasanga urutonde rw’amarabiro yo kwifashisha. Nukoreshe icifashisho usanga imbere ya Index kugira ngo umenye insobanuro y’impfunyapfunyo z’amazina y’ibisohokayandikiro vyakoreshejwe. (Wikoze kuri iyo mfashanyo nk’akarorero, womenya yuko w99 1/3 15 bishaka kuvuga Umunara w’Inderetsi wo mu 1999, inomero yo ku wa 1 Ntwarante, urupapuro rwa 15.) Udutwe dukurudukuru, nka “Ministère du champ” (Ubusuku bwo mu Ndimiro), hamwe na “Biographie de Témoins de Jéhovah” canke “Récits de la Vie de Témoins de Jéhovah” (Inkuru z’Ubuzima bw’Ivyabona vya Yehova), turashobora canecane kugufasha mu gutegura inshikirizo zivyurira ingiro ishengero.
Kubera ko kugira ubushakashatsi bishobora gutwara umuntu cane, uraraba neza ntuje mu bindi. Nugume ku ntumbero yawe yo gushakashaka amayagwa ukeneye ku bw’igikorwa ufise. Nimba igitabu Index kikurungitse kw’isôko rinaka, nuzingurure kuri izo mpapuro zavuzwe, maze ukoreshe udutwe hamwe n’amungane yugurura y’ingingo zikuyobora ku mayagwa aberanye n’ivyo ukeneye. Nimba uriko urarondera insobanuro y’umurongo munaka wa Bibiliya, banza umenye ahari nya canditswe ku rupapuro urungitsweko. Maze nusuzume insasanuro zigikikuje.
“Watchtower Library” on CD-ROM (Ububiko bukoreshwa na orodinateri ku kadisike kitwa CD-ROM). Nimba ushobora kuronka orodinateri, ushobora kwungukira ku gukoresha ububiko bw’ibitabu bukoreshwa kuri orodinateri bwitwa Watchtower Library ku kadisike kitwa CD-ROM, uburimwo itororokanirizo rinini amahanga ry’ibisohokayandikiro vyacu. Iyo porogarama yoroshe gukoresha iragushoboza kurondera ijambo, uruherekerane rw’amajambo, canke icanditswe catanzwe mu gisohokayandikiro ico ari co cose co mu bubiko bwa Watchtower Library. Naho iki gikoresho c’ubushakashatsi coba kitaboneka mu rurimi rw’iwanyu, urashobora kwungukira kuri co mu rurimi uzi rukoreshwa henshi kw’isi.
Ubundi Bubiko bw’Ibitabu vya Gitewokarasi
Mw’ikete ryiwe rigira kabiri ryahumetswe yandikiye Timoteyo, Paulo yasavye uwo musore kumuzanira “ibitabo, . . . cane-cane . . . ivy’insāto” i Roma. (2 Tim. 4:13) Paulo hariho ivyandiko yaha agaciro kandi akabizigama. Ushobora kugira nk’ukwo nyene. Woba ubika amakopi yawe y’Umunara w’Inderetsi, Réveillez-vous!, hamwe n’Igikorwa Dukorera Ubwami n’inyuma y’aho bimariye kurimburwa ku makoraniro y’ishengero? Nimba uhora ubibika, uzoba ubifise kugira ngo ubikoreshe bwa bikoresho vy’ubushakashatsi, hamwe n’ibindi bisohokayandikiro vya gikirisu waronse. Amashengero menshi usanga yaratororokanije ibisohokayandikiro vya gitewokarasi mu bubiko ku Ngoro y’Ubwami. Ivyo bihari ku neza y’ishengero rizima, kugira ribikoreshe ku Ngoro y’Ubwami.
Nuzigame Amadosiye Yawe Bwite
Uraguma urikanuye ku bintu vyitwararikwa ushobora gukoresha igihe uriko uravuga n’igihe uriko urigisha. Mu gihe ubonye mu kinyamakuru co mw’isi ibitigiri canke akarorero ushobora gukoresha mu busuku bwawe, nugegene ako gahimba canke wandikure nya makuru. Nushiremwo itariki, umutwe wa nya kinyamakuru, hamwe kumbure n’izina ry’umwanditsi canke uwagisohoye. Ku makoraniro y’ishengero, nuze urandika ivyiyumviro n’ibigereranirizo bishobora kugufasha gusigurira ukuri abandi. Woba urigera wiyumvira ikigereranirizo ciza mugabo nturonke akaryo ko guca ugikoresha buno nyene? Nucandike, kandi ukibike. Umaze kuja mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu gihe kinaka, uzoba wateguye inshikirizo zitari nke. Aho guca uraba aho ushiburira utwo wanditse ukuye muri izo nsiguro, nutubike. Ubushakashatsi wagize bushobora kuba ngirakamaro ikindi gihe.
Ganira n’Abantu
Abantu ni isoko ritunze ry’amakuru. Igihe Luka yariko aregeranya inkuru z’Injili yiwe, bisa n’uko yatororokanije amakuru menshi mu kubaza ibibazo abavyiboneye. (Luka 1:1-4) Kumbure Umukirisu mugenzawe ashobora kugusigurira ikintu wariko ugerageza kugirira ubushakashatsi. Twisunze Abanyefeso 4:8, 11-16, Kirisitu akoresha “abantu b’ingabirano” (NW) bo kudufasha gukura mu “kumenya Umwana w’Imana.” Kubaza ibibazo abaciye uruma mu gukorera Imana bishobora kuturonsa ivyiyumviro ngirakamaro. Kuyaga n’abantu bishobora kandi guhishura ico biyumvira, kandi ivyo bishobora kugufasha gutegura amayagwa ngirakimazi vy’ukuri.
Nurabe Ivyo Ushitseko
Iyo ingano zimaze gusarurwa, birakenewe ko intete zikurwamwo ibikumbi. Ni na kwo bimeze ku vyo uba wegeranije mu bushakashatsi. Imbere y’uko biba ibigeze gukoreshwa, urakeneye gutandukanya ibifise agaciro n’ivy’ingwizamurongo.
Nimba ugiye gukoresha ayo makuru mu nsiguro, niwibaze uti: ‘Ubwo iciyumviro nteganya gukoresha coba vy’ukuri kiri n’ico giterera c’ingirakamaro ku nshikirizo yanje y’ikiganiro? Canke, naho nyene ari amayagwa ashimishije, yoba asa n’ayokevya ivyiyumviro abikura ku kibazo nari nkwiye kuba ndiko ndaganirako?’ Nimba uriko urimbura ko wokoresha ibintu biba canke amayagwa ava mu bisata vya siyansi n’ubuvuzi vyama birahindagurika, nurabe neza yuko nya makuru ahuye n’igihe. Nubone kandi yuko ibintu bimwebimwe vyo mu bisohokayandikiro vyacu vya kera bishobora kuba vyarahujwe n’igihe, ari co gituma wofata ibiherutse gusohorwa vuba kuruta kuri ico kibazo.
Birakenewe bimwe bidasanzwe ko wiyubara nimba uhisemwo gutororokanya amakuru ukuye mu masôko yo mw’isi. Ntiwigere wibagira yuko Ijambo ry’Imana ari ukuri. (Yoh. 17:17) Yezu afise uruhara nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Ni co gituma Ab’i Kolosayi 2:3 havuga hati: “Muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.” Nusuzume muri ubwo buryo ivyavuye mu bushakashatsi bwawe. Ku biraba ubushakashatsi bwo mu bitabu vy’isi, niwibaze uti: ‘Aya mayagwa yoba akavya, yoba ari ay’ivyiyumviro bitagira ishingiro, canke yoba atagera kure? Yoba yanditswe akurikirana ivy’ubwikunzi canke ivy’urudandaza? Ayandi masôko yemewe yoba ayemeza? Ikiruta vyose, yoba ahuza n’ukuri kwa Bibiliya?’
Mu Migani 2:1-5 haraturemesha kuguma turondera ubumenyi, ugutahura n’ugutegera ‘nk’ifeza, eka nk’inzahabu zanyegejwe.’ Ivyo bisaba ukwihata bigatanga n’impera zirimwo vyinshi. Ubushakashatsi busaba akigoro, mugabo niwabugira buzogufasha gutora ivyiyumviro Imana ifise ku bintu, gukosora ivyiyumviro birimwo amakosa, no gutuma ugutegera ufise kw’ukuri gushikama. Bizokwongerereza kandi uburemere n’ubuzima ku nshikirizo zawe, bitume kuzishikiriza bibamwo uburyohe no kuzumva bibemwo agahimbare.