IKIGABANE CA 30
«Mubandanye kugendera mu rukundo»
1-3. Igihe twiganye akarorero ka Yehova ko kugaragaza urukundo havamwo iki?
«GUTANGA bizana umunezero kuruta guhabwa.» (Ivyakozwe 20:35) Ayo majambo Yezu yavuze arashimika kuri uku kuri guhambaye: Urukundo ruzira ubwikunzi ruri n’ivyiza ruzana. Naho haba agahimbare kenshi mu kuronka urukundo, haraba mbere agahimbare kenshi kuruta mu gutanga canke kugaragariza abandi urukundo.
2 Ivyo nta n’umwe abizi neza kuruta uko Dawe wacu wo mw’ijuru abizi. Nk’uko twabibonye mu bigabane bitangura iki gihimba, Yehova ni we karorero ruheta k’urukundo. Nta n’umwe yagaragaje urukundo mu buryo buhambaye canke mu kiringo kirekire kuruta uko we yarugaragaje. None vyoba bitangaje kuba Yehova yitwa «ya Mana ihimbawe?»—1 Timoteyo 1:11.
3 Imana yacu yuzuye urukundo ishaka ko tugerageza kumera nka yo, na canecane mu bijanye n’ukugaragaza urukundo. Mu gitabu c’Abanyefeso 5:1, 2 hatubwira hati: «Nimwigane Imana rero nk’abana ikunda cane, kandi mubandanye kugendera mu rukundo.» Iyo twiganye akarorero ka Yehova ko kugaragaza urukundo, turaronka agahimbare kenshi kava mu gutanga. Turagira kandi umunezero wo kumenya yuko turiko turahimbara Yehova, kubera ko Ijambo ryiwe riduhimiriza «gukundana.» (Abaroma 13:8) Ariko hariho kandi izindi mvo zituma dukwiye “kubandanya kugendera mu rukundo.”
Igituma urukundo ari ntahara
Urukundo ruradusunikira ku kwizigira abavukanyi bacu
4, 5. Ni kubera iki bihambaye yuko tugaragariza urukundo ruranga ukwitanga abo dusangiye ukwizera?
4 Ni kubera iki bihambaye yuko tugaragariza urukundo abo dusangiye ukwizera? Tubivuze mu buryo bworoshe, urukundo ni kamere nyamukuru iranga abakirisu b’ukuri. Tudafise urukundo ntitwoshobora kugiranira ubucuti somambike n’abakirisu bagenzi bacu, kandi igihambaye kuruta, nta co twoba tumaze mu maso ya Yehova. Rimbura ingene Ijambo ry’Imana rishira ahabona ukwo kuri.
5 Mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: «Ndabahaye ibwirizwa rishasha: nimukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.» (Yohani 13:34, 35) «Nk’uko nabakunze»—egome, dutegerezwa kwerekana urukundo nk’urwo Yezu yagaragaje. Mu kigabane ca 29, twabonye yuko Yezu yatanze akarorero kibonekeje mu kugaragaza urukundo ruzira ubwikunzi, agafata ivyo abandi bari bakeneye n’ivyabaraza ishinga akabishira imbere y’ivyiwe. Natwe nyene dutegerezwa kugaragaza urukundo rwo kwitanga, kandi ivyo dutegerezwa kubikora mu buryo butomoye cane gushika naho urukundo rwacu mbere n’abantu badasenga Yehova barubona. Mu vy’ukuri, ugukunda abavukanyi mu buryo buranga ukwitanga ni ikimenyetso kiranga ko turi abayoboke b’ukuri ba Yezu Kristu.
6, 7. (a) Tuzi gute yuko Ijambo rya Yehova riha agaciro kanini ukugaragaza urukundo? (b) Amajambo ya Pawulo yanditse mu gitabu ca 1 Abakorinto 13:4-8 ashimika ku muce uwuhe w’urukundo?
6 Vyogenda gute nka hamwe urukundo rwoba rubuze muri twebwe? Intumwa Pawulo yavuze ati: «Hamwe [noba] . . . ntagira urukundo, noba ncitse icuma c’umuringa bakubita kikavuga canke icuma kivuzwa kigasāma.» (1 Abakorinto 13:1) Icuma kivuzwa kigasāma gitanga urujwi rujwangaraye. Tuvuge iki ku vyerekeye umuringa uvuga? Mbega ibigereranirizo bibereye! Umuntu atagira urukundo ameze nk’igicurarangisho kivuza urwamo, kijwangarara kigatuma umuntu azibira amatwi aho kwegera ngo yumvirize. None umuntu mwene uwo ashobora gute kugiranira ubucuti n’abandi? Pawulo yavuze kandi ati: «Naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa.» (1 Abakorinto 13:2) Iyumvire gatoyi: umuntu atagira urukundo “nta co aba amaze”, naho yorangura ibikorwa bimeze gute! (UB) None ntibitomoye kuba Ijambo rya Yehova rishira agaciro kanini ku kugaragaza urukundo?
7 Ariko none, dushobora gute kugaragaza iyo kamere mu vyo tugiranira n’abandi? Kugira turonke inyishu, nimuze twihweze amajambo ya Pawulo dusanga mu 1 Abakorinto 13:4-8. Iyo mirongo ntishimika ku rukundo Imana idukunda canke ngo ishimike ku rukundo dukunda Imana. Ahubwo riho, Pawulo yashimitse ku kuntu dukwiye kugaragarizanya urukundo. Yadondoye ibikorwa kanaka urukundo ruri n’ivyo rutari.
Ico urukundo ruri
8. Kwiyumanganya bishobora kudufasha gute mu vyo tugiranira n’abandi?
8 «Urukundo rurihangana.» Urukundo rero rusobanura kurenza ku vyo abandi botugirira twihanganye. (Abakolosayi 3:13) None ntidukeneye mwene ukwo kwihangana? Kubera yuko dukorera hamwe turi ibiremwa bidatunganye, birumvikana vy’ukuri yuko vyoshika abavukanyi bacu b’abakirisu bakadushavuza, kandi natwe vyoshika tukabashavuza. Mugabo ukwiyumanganya n’ukwigumya birashobora kudufasha guhangana n’udukosa dutoduto, kandi tukabandanya imigenderanire tugiranira n’abandi, ata guhungabanya amahoro y’ishengero.
9. Ni mu buryo ubuhe dushobora kugaragariza abandi ko tugira neza?
9 «Urukundo . . . rugira neza.» Ukugira neza kugaragazwa n’ibikorwa ngirakamaro be n’amajambo aranga ukwitwararikana. Urukundo ruratuvyurira umutima wo kurondera uburyo bwo kugirira neza abandi, canecane abafise ivyo bakeneye kuruta abandi. Nk’akarorero, uwo dusangiye ukwizera ageze mu zabukuru ashobora kuba ari inyakamwe, akaba kandi akeneye kugenderwa ngo aremeshwe. Umuvyeyi yireranye abana canke mushiki wacu aba mu rugo aho abarugize badasangiye idini ashobora kuba akeneye imfashanyo kanaka. Umuntu arwaye canke ahanganye n’ingorane kanaka, ashobora kuba akeneye kubwirwa amajambo aranga ubuntu avuye ku mugenzi w’intahemuka. (Imigani 12:25; 17:17) Iyo twibwirije kugaragaza ubuntu muri mwene ubwo buryo, tuba tugaragaje yuko urukundo rwacu ari urw’ukuri.—2 Abakorinto 8:8.
10. Urukundo rudufasha gute gushigikira ukuri no kukuvuga, mbere n’igihe vyoba bitoroshe kubigira?
10 «Urukundo . . . runezeranwa n’ukuri.» Iyindi mpinduro igira iti: «Urukundo rwifatanya n’ukuri rubigiranye umunezero.» Urukundo rudusunikira ku gushigikira ukuri no “kuvugana ukuri.” (Zekariya 8:16). Nk’akarorero, mu gihe uwo dukunda yakoze igicumuro gikomeye, urukundo dukunda Yehova be na nyene gucumura, ruzodufasha gushigikira ingingo ngenderwako z’Imana aho kugerageza gukingira ikibaba ico kibi, kugerageza kugisigura, canke mbere kugerageza kubesha ku bicerekeye. Ego ni ko, ukuri kw’ibiba vyabaye kwoshobora kugora kwemera. Mugabo nitwagumiza mu mutima ineza y’uwo dukunda, tuzokwipfuza yuko ahabwa kandi yemera ugutozwa indero kurangwa n’urukundo kuva ku Mana. (Imigani 3:11, 12) Kubera turi abakirisu b’abanyarukundo, twipfuza kandi «kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.»—Abaheburayo 13:18.
11. Kubera yuko urukundo «rurenzako muri vyose», dukwiye kwihatira gukora iki ku bijanye n’udukosa tw’abo dusangiye ukwemera?
11 «Urukundo . . . rurenzako muri vyose.» Iyo mvugo ijambo ku rindi isigura «ibintu vyose rurabipfuka.» (Kingdom Interlinear) Muri 1 Petero 4:8 hagira hati: «Urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi.» Egome, umukirisu ayoborwa n’urukundo ntaba ashashaye gushira ahabona utunenge twose be n’udukosa twose tw’abavukanyi biwe b’abakirisu. Mu bihe vyinshi, utwo dukosa uwo musangiye ukwizera yakoze tuba ari dutoduto, kandi turashobora gupfukwa n’urukundo.—Imigani 10:12; 17:9.
12. Intumwa Pawulo yerekanye gute yuko yizera ibirushirije kuba vyiza ku vyerekeye Filemoni, kandi akarorero ka Pawulo gashobora kutwigisha iki?
12 «Urukundo . . . rwemera vyose.» Impinduro y’uwitwa Moffat ivuga yuko urukundo «rwama nantaryo rushashaye kwizera ibirushirije kuba vyiza.» Ntirutuma tuza turikeka uwo dusangiye ukwizera, dukekeranya ku mvo yose ituma akora ibintu. Urukundo ruradufasha «kwizera ibirushirije kuba vyiza» ku vyerekeye abavukanyi bacu, be no kubizigira.a Ehe raba akarorero mw’ikete Pawulo yandikiye Filemoni. Pawulo yariko yandika kugira ngo aremeshe Filemoni kwakirana ubugwaneza umushumba wiwe Onezime yari yaratorotse, akaba yari yaracitse umukirisu. Aho kugira ngo Pawulo agerageze guhata Filemoni, yabimusavye yishimikije urukundo. Yaraseruye ko yizigira yuko Filemoni yokoze ibigororotse, avuga ati: «Ndizigiye yuko uzokora ivyo ndagusavye. Ni co gituma ndakwandikiye, nzi yuko uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.» (Umurongo wa 21) Igihe urukundo rutuvyurira umutima wo kwizigira abavukanyi bacu gutyo, tuba dutumye bagaragaza kamere nziza bafise.
13. Dushobora kwerekana gute ko twipfuriza ivyiza abavukanyi bacu?
13 «Urukundo . . . rwizigira vyose.» Nk’uko nyene urukundo rwizera, no kwizigira rurizigira. Mu gihe dusunikwa n’urukundo, turizigira ikirushirije kuba ciza ku bavukanyi bacu. Nk’akarorero, mu gihe umuvukanyi «[yo]fata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya», turizigira yuko azokwakira neza utwigoro turanga urukundo two kumubogora. (Abagalatiya 6:1) Turizigira kandi yuko abagoyagoya mu kwizera bazogarura intege. Turihanganira mwene abo bantu, mu gukora uko dushoboye kugira ngo tubafashe gukomera mu kwizera. (Abaroma 15:1; 1 Abatesalonika 5:14) N’iyo nyene uwo dukunda akebeje inzira, tuguma twizigiye yuko umusi uri izina azokwikubita agashi maze akagaruka kuri Yehova, nka wa mwana w’icangazi avugwa mu kigereranirizo Yezu yatanze.—Luka 15:17, 18.
14. Ni mu buryo ubuhe ukwihangana kwacu kwohava kugeragezwa mw’ishengero, kandi urukundo ruzodufasha kuvyakira gute?
14 «Urukundo . . . rwihanganira vyose.» Ukwihangana bituma dushobora guhagarara dushikamye igihe duhanganye n’imibabaro canke ingorane. Ibigerageza ukwihangana ntibiva gusa hanze y’ishengero. Rimwe na rimwe, hari aho duhura n’ibigeragezo bivuye mw’ishengero. Bitumwe n’agasembwa twarazwe, abavukanyi bacu vyoshobora gushika rimwe na rimwe ico twari tubitezeko ntigishoboke. Amajambo ataranga ukwiyumvira yoshobora kutubabaza. (Imigani 12:18) Kumbure ikibazo co mw’ishengero nticatunganijwe nk’uko twiyumvira ko cari gutunganywa. Inyifato y’umuvukanyi kanaka twari twizigiye yoshobora kutubabaza, igatuma twibaza duti: “Bishoboka bite ko umukirisu akora ibintu nk’ivyo?” Mbega none mu gihe tuzoba turi mu bihe mwene ivyo, twoba tuzoca tureka kwifatanya n’ishengero kandi tugahagarika gukorera Yehova? Nta vyo tuzogira nitwaba dufise urukundo! Egome, urukundo ruraturinda kuguma tubona gusa udukosa tw’umuvukanyi kanaka ku buryo tutaba tukimubonamwo iciza na kimwe canke ngo tukibone mw’ishengero turifatiye hamwe. Urukundo rutuma dushobora kuguma turi abizigirwa ku Mana be no kuguma dushigikira ishengero, tutaravye ivyo uwundi muntu adatunganye yovuga canke yokora.—Zaburi 119:165.
Ico urukundo rutari
15. Ishari ritabereye ni iki, kandi urukundo rudufasha gute kwirinda iyo nyiyumvo mbi?
15 «Urukundo ntirugira ishari.» Ishari ritabereye rirashobora gutuma tunohokera ivyo abandi bafise: nk’ivyo batunze, uduteka batewe canke ubushobozi bwabo. Mwene iryo shari ni inyiyumvo irangwa n’ubwikunzi kandi mbi, ku buryo mu gihe ridacungerewe, rishobora guhungabanya amahoro y’ishengero. None ni igiki kizodufasha kwirinda ishari? (Yakobo 4:5) Tukivuze mw’ijambo rimwe, ni urukundo. Iyo kamere y’agaciro irashobora gutuma tunezeranwa n’abo tubona yuko bafise ivyiza kanaka mu buzima twebwe ubwacu tudafise. (Abaroma 12:15) Urukundo ruratuma tutababara igihe hari umuntu akejwe kubera ububangukirwe bwiwe canke ikintu kanaka yakoze neza.
16. Nimba vy’ukuri dukunda abavukanyi bacu, ni kubera iki twokwirinda kwivyimvya ku vyo turiko turarangura mu murimo wa Yehova?
16 «Urukundo . . . ntirwiyemera, ntirwivyimvya»” Urukundo rutuma twirinda guhayagiza ubuhanga dufise canke ivyo twaranguye. Nimba vy’ukuri dukunda abavukanyi bacu, mbega vyoshoboka ko twama twihayagiza ku vyo turangura mu busuku canke ku vy’uduteka twatewe mw’ishengero? Ukwo kwivyimvya gushobora guca abandi intege, kugatuma biyumvamwo yuko basa n’abari hasi. Urukundo ntirutwemerera kwihayagiza ku vyo Imana ireka tukarangura mu murimo wayo. (1 Abakorinto 3:5-9) Nakare, urukundo «ntirwivyimvya», canke nk’uko impinduro imwe ibivuga, urukundo «ntirushima ivyiyumviro bihinguye vyerekeye ubuhambare bwarwo bwite.» Urukundo rutuma twirinda kubona ko turuta abandi.—Abaroma 12:3.
17. Urukundo rudusunikira ku kwubahiriza abandi gute, kandi ni inyifato iyihe duheza tukirinda?
17 «Urukundo . . . ntirwigenza ukutabereye.» Umuntu yigenza ukutabereye akora ibiteye isoni canke ibibabaza abandi. Mwene iyo ngendo ntiranga urukundo, kubera yuko yerekana ko umuntu atitwararika inyiyumvo z’abandi be n’ukumererwa neza kwabo. Ibihushanye n’ivyo, mu rukundo harimwo ubuntu budusunikira ku kwubahiriza abandi. Urukundo rutuma tugira inyifato nziza, tukigenza mu buryo bwemerwa n’Imana kandi tukubaha abo dusangiye ukwizera. Gutyo rero, urukundo ntiruzodukundira “kwigenza ukutabereye”, ni ukuvuga yuko tutazogira inyifato n’imwe yosesema abavukanyi bacu b’abakirisu canke yobababaza.—Abanyefeso 5:3, 4.
18. Ni kubera iki umuntu w’umunyarukundo adasaba yuko ikintu cose cokorwa nk’uko we abishaka?
18 «Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.» Iyindi mpinduro ng’aha ihavuga iti: «Urukundo ntiruguma rukovya ku kuntu ubwarwo rubona ibintu.» Umuntu w’umunyarukundo ntasaba yuko ikintu cose cokorwa nk’uko ashaka, nk’aho umengo ivyiyumviro vyiwe ntivyigera bibamwo amahinyu. Ntahendahenda abandi mu gukoresha ubushobozi afise bwo gushwirura kugira ngo ashire hasi abafise iciyumviro gitandukanye n’iciwe. Mwene ukwo kudakurwa kw’ijambo kwoba guhishura ubwibone kanaka, Bibiliya na yo ikaba ivuga iti: «Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime.» (Imigani 16:18) Nimba vy’ukuri dukunda abavukanyi bacu, tuzokwubahiriza ukuntu babona ibintu, kandi aho bishoboka, tuzokwerekana umutima ukunze wo kwiyorosha. Agatima k’ukwiyorosha karajanye n’amajambo ya Pawulo agira ati: «Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.»—1 Abakorinto 10:24.
19. Urukundo rudufasha kuvyakira gute iyo abandi batubabaje?
19 «Urukundo . . . ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.» Urukundo ntirwihutira gushavuzwa n’ivyo abandi bavuze canke bakoze. Ego ni ko, ni ibisanzwe kubabara igihe abandi batubabaje. Mugabo, naho nyene twoba dufise imvo zumvikana zituma dushavura, urukundo ntirutwemerera kuguma dushavuye. (Abanyefeso 4:26, 27) Ntitwobika amajambo ababaza canke ibikorwa bibabaza, nk’aho umengo twoba tuvyandika mu gitabu c’amaraporo kugira ngo ntituze tuvyibagire. Ahubwo riho, urukundo ruradusunikira ku kwigana Imana yacu y’urukundo. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 26, Yehova araharira ibicumuro igihe hariho imvo yumvikana yo kubigira. Iyo aduhariye, aribagira, ivyo bikaba bishaka kuvuga yuko ataduharurako ivyo bicumuro muri kazoza. None ntidukenguruka kuba Yehova ataguma yibuka ibibi twakoze?
20. Dukwiye kugira inyifato iyihe mu gihe uwo dusangiye ukwizera aguye mu gicumuro bigatuma ashikirwa n’ingaruka zibabaje?
20 «Urukundo . . . ntirunezererwa ibitagororotse.» Impinduro imwe (The New English Bible) ng’aha ihavuga iti: «Urukundo . . . ntirwigamba ku vyaha abandi bantu bakoze.» Impinduro y’uwitwa Moffat yo igira iti: «Urukundo ntirwigera ruhimbarwa igihe abandi bakoze ikibi.» Urukundo ntirunezererwa ukugabitanya, ari co gituma tutarenza uruho rw’amazi ku kutigenza runtu kw’ubwoko na bumwe. None tugira inyifato iyihe mu gihe uwo dusangiye ukwizera aguye mu gicumuro maze bigatuma ashikirwa n’ingaruka zibabaje? Urukundo ntiruzoreka ngo tunezerwe, nk’aho umengo dushaka kuvuga ngo “Awa! Uworukarisha rwomumwa!” (Imigani 17:5) Ariko rero, turanezererwa igihe umuvukanyi kanaka yari yaguye mw’ikosa ateye intambwe zibereye kugira ngo avyuke mu buryo bw’impwemu.
«Inzira y’agahebuza»
21-23. (a) Pawulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo «urukundo ntirwigera runanirwa»? (b) Ni igiki kirimburwa mu kigabane ca nyuma?
21 «Urukundo ntirwigera runanirwa.» Pawulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ayo majambo? Nk’uko biboneka mu makikuro y’ico canditswe, yariko ararimbura ingabire z’impwemu zaboneka mu bakirisu bo mu ntango. Izo ngabire zakora bwa bimenyetso vy’uko Imana yaraba ryiza iryo shengero ryari riherutse kuvuka. Mugabo si abakirisu bose bari bashoboye gukiza, kuvuga ubuhanuzi canke kuvuga mu ndimi. Ariko rero, ivyo nta co vyari bitwaye; izo ngabire zakora ku gitangaro amaherezo nticobujije ko zihagarara. Yamara, hariho ikindi kintu cogumyeho, kikaba ari ikintu umukirisu wese yashobora gutsimbataza. Cari gihambaye cane kandi coramvye kuruta iyindi ngabire iyo ari yo yose yo gukora igitangaro. Mu bisanzwe, ico kintu Pawulo yacise «inzira y’agahebuza.» (1 Abakorinto 12:31) None iyo «nzira y’agahebuza» yari iyihe? Yari inzira y’urukundo.
22 Si ivy’imbeshere, urukundo rwa gikirisu Pawulo yadondoye «ntirwigera runanirwa», ivyo bikaba bishaka kuvuga yuko rutazokwigera rurangira. Gushika uyu musi, urukundo rwa kivukanyi ruranga ukwitanga ni rwo ruranga abayoboke b’ukuri ba Yezu. None ntitubona ikimenyamenya ca mwene urwo rukundo mu mashengero y’abasavyi ba Yehova yo kw’isi yose? Urwo rukundo ruzokwamaho ibihe bitazohera, kubera yuko Yehova asezeranira ubuzima budahera abasavyi biwe b’abizigirwa. (Zaburi 37:9-11, 29) Ese twobandanya gukora ivyo dushoboye kugira ngo «[tubandanye] kugendera mu rukundo.» Ivyo tubigize, turashobora kuronka umunezero mwinshi kuruta uva ku gutanga. N’ikiruta ivyo, turashobora kubandanya kubaho, emwe kubandanya kwiberaho ibihe bidahera, mu kwigana Imana yacu y’urukundo Yehova.
Abasavyi ba Yehova bamenyekanira ku rukundo bafitaniye
23 Muri iki kigabane gisozera iki gihimba kivuga ivy’urukundo, twarimbuye ingene dushobora kugaragarizanya urukundo. Ariko turavye uburyo bwinshi twungukira ku rukundo rwa Yehova, tutibagiye ububasha bwiwe, ubutungane bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe, vyoba vyiza twibajije duti: “Nshobora gute kwereka Yehova ko vy’ukuri ndamukunda?” Ico kibazo kirarimburwa mu kigabane cacu ca nyuma.
a Ariko ntiwumve, urukundo rw’abakirisu ntirwizigira gushika naho ruhendwa. Bibiliya iduhimiriza iti: «Mugumize ijisho ku bazana amacakubiri n’ibitsitaza, . . . kandi mubirinde.»—Abaroma 16:17.