ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 9 rup. 79-89
  • Ububasha bw’Icizigiro c’Izuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ububasha bw’Icizigiro c’Izuka
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Izuka Ari Ikintu Ngenderwako ku Kwizera kw’Umukirisu
  • Gukoresha ‘Urupfunguzo rwa Hadesi’
  • Abaremeshejwe n’Icizigiro c’Izuka
  • Inkomezi Duhabwa n’Icizigiro c’Izuka
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Izuka ni inyigisho igira ico ikora kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Icizigiro c’izuka kivuze iki kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Umuti rudende!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 9 rup. 79-89

Ikigabane c’Icenda

Ububasha bw’Icizigiro c’Izuka

1. Ata cizigiro c’izuka, abapfuye vyoca bibagendera gute?

WOBA umaze kubura abawe? Ata zuka ririho, nta cizigiro cohaba co kuzoteba tugasubira kubabona. Boguma bameze nk’uko Bibiliya idondora igihe ivuga gutya: “Abapfuye nta co baba bakizi, . . . [n]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja.”—Umusiguzi 9:5, 10.

2. Ni icizigiro ikihe gishoboka kubera izuka?

2 Mu buryo buranga ikigongwe, Yehova, biciye kw’izuka yaratanze uburyo bwiza ntangere bwo gutuma amasinzi n’amasinzi y’abantu bapfuye basubira kuba bazima, kugira ngo binovore ubuzima bwamaho. Ivyo bisigura yuko ushobora kugira icizigiro ceza umutima c’uko umusi uri izina, mw’isi nshasha y’Imana wewe uzosubira kubonana n’abawe basinziriye mw’itiro ry’urupfu.—Mariko 5:35, 41, 42; Ivyakozwe 9:36-41.

3. (a) Ni mu buryo ubuhe izuka ryagaragaye ko rihambaye mu vyo gushitsa umugambi wa Yehova? (b) Ni ryari canecane izuka riba isoko ry’inkomezi kuri twebwe?

3 Kubera hariho izuka, ntidukeneye gutinya urupfu. Ata kwirengagiza abasavyi biwe b’abizigirwa ngo bagirirwe nabi ubutakivayo, Yehova arashobora kureka Shetani akagerageza ivyo ashoboye vyose, arondera kwemeza vya birego vyiwe vy’uko ngo “ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Yezu yarabaye umwizigirwa ku Mana no gushika ku gupfa, hanyuma rero Imana iramuzurira ubuzima bwo mw’ijuru. Gutyo, Yezu yarashoboye gushikiriza agaciro k’inkuka yiwe yatanze bwa muntu atagira agasembwa, ayishikiriza imbere y’intebe ya Se mw’ijuru, ivyo bituma ubuzima bwacu bushobora kurokoka. Biciye kw’izuka, abo mu “busho buto,” kubera ko ari abaraganwa na Kirisitu, barafise icizigiro co gufatanya na we mu Bwami bwo mw’ijuru. (Luka 12:32) Ku bandi na bo, hariho icizigiro c’ukuzukira ubuzima budahera bwo kw’isi y’iparadizo. (Zaburi 37:11, 29) Abakirisu bose basanga icizigiro c’izuka ari isoko ry’ “ubushobozi buhebuje,” igihe bashikiwe n’ibigeragezo bituma bahangana n’urupfu amaso mu yandi.—2 Ab’i Korinto 4:7.

Igituma Izuka Ari Ikintu Ngenderwako ku Kwizera kw’Umukirisu

4. (a) Ni mu buryo ubuhe izuka ari “inyigisho y’intangamarara”? (b) Izuka rivuze iki ku bantu b’isi muri rusangi?

4 Izuka, nk’uko bivugwa mu Bahebreyi 6:1, 2 (UB), ni “inyigisho y’intangamarara.” Riri mu bigize umushinge w’ukwizera, kandi ritahari ntitwokwigera tuba Abakirisu bahumuye. (1 Ab’i Korinto 15:16-19) Ariko rero, inyigisho yo muri Bibiliya yerekeye izuka isa n’iyidashoboka mu vyiyumviro vy’abantu bo mw’isi muri rusangi. Kubera ko batagira ukwizera, abantu barushirije kuba benshi babona gusa ko ubu buzima ari bwo buzima nyakuri. Ivyo bituma babaho bironderera ibibahimbara. Hariho n’abantu bumira ku madini barazwe, haba mu Biyita Abakirisu canke mu batari bo, bakiyumvira yuko bafise ubugingo budapfa. Ariko kwemera ibintu nk’ivyo ntivyoba bijanye n’inyigisho ya Bibiliya yerekeye izuka, kuko izuka ritoba rikenewe mu gihe abantu boba bafise ubugingo budapfa. Kugerageza gusukiranya ivyo vyiyumviro bibiri, biratuma umuntu azazanirwa aho kumuzanira icizigiro. None dushobora gute gufasha ab’imitima nzirabugunge bashaka kumenya ukuri?

5. (a) Imbere y’uko umuntu atahura ivy’izuka, ni ibiki akeneye kumenya? (b) Ni ivyanditswe ibihe wokoresha kugira ngo usigure ivy’ubugingo, be n’ukuntu abapfuye bamererwa? (c) Hokorwa iki mu gihe umuntu akoresheje impinduro ya Bibiliya isa n’iyipfukiranya ukuri?

5 Imbere y’uko mwene abo bantu batahura ukuntu iyo ntunganyo y’izuka ari nziza igitangaza, birakenewe ko batahura neza ivyerekeye ubugingo hamwe n’ukuntu abapfuye bamererwa. Kenshi usanga ivyanditswe bikeyi gusa bikwiye kugira ngo umuntu anyotewe ukuri kwa Bibiliya ivyo bintu bimutomokere. (Itanguriro 2:7; Zaburi 146:3, 4; Ezekiyeli 18:4) Ariko rero, Bibiliya zimwezimwe zahinduwe muri iki gihe hamwe n’izisohorwa zigenda zirasigura ibisomwa, usanga zipfukiranya ukuri kwerekeye ubugingo. Ni co gituma vyokenerwa ko turimbura imvugo zakoreshejwe mu ndimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango.

6. Wewe wofasha gute umuntu ngo atahure ico ari co ubugingo?

6 Bibiliya yitwa Traduction du monde nouveau iri n’agaciro canecane mu gukora ivyo, kubera ko ijambo ry’Igiheburayo neʹphesh hamwe n’ijambo bijanye ry’Ikigiriki ari ryo psy·kheʹ iguma iyahindura mu buryo bumwe ikoresheje ijambo “ubugingo.” Mu gahimba kayo gasigura amajambo, haratondetswe ivyanditswe vyinshi dusangamwo ayo majambo. Izindi mpinduro nyinshi za Bibiliya ntiziguma zihindura ayo majambo mu buryo bumwe, mugabo zirashobora guhindura ayo majambo nyene atari ngo “ubugingo” gusa, mugabo ngo “ikiremwa,” “ikinyabuzima,” “umuntu,” na “ubuzima”; nk’imvugo ngo “neʹphesh yanje” ishobora guhindurwa ngo “jewe,” imvugo ngo “neʹphesh yawe” na yo igahindurwa ngo “wewe.” Ukugereranya izindi mpinduro na Bibiliya ya Traduction du monde nouveau, bizofasha umutohoji wa Bibiliya atabigirana uburyarya gutahura yuko amajambo yo mu rurimi rw’intango yahinduwe ngo “ubugingo” yerekeza ku bantu no ku bikoko. Mugabo ayo majambo ntiyigera atanga iciyumviro c’uko ubugingo ari ikintu kitaboneka, kidafadika, gishobora kuva mu mubiri iyo umuntu apfuye hanyuma kikabandanya kuba ahandi hantu.

7. Wosigura gute ukoresheje Bibiliya ukuntu abari muri Sheoli bamerewe? Abari muri Hadesi na bo? Abari muri Gehinomu bobo?

7 Bibiliya ya Traduction du monde nouveau ikoresha kandi mu buryo bumwe ijambo “Sheoli” mu guhindura ijambo ry’Igiheburayo sheʼohlʹ, no mu kuntu ikoresha ijambo “Hadesi” ahari ijambo ry’Ikigiriki haiʹdes, igakoresha kandi “Gehinomu” mu buryo bumwe n’ahari ijambo ry’Ikigiriki geʹen·na. Ijambo “Sheoli” rihuye n’ijambo “Hadesi.” (Zaburi 16:10; Ivyakozwe 2:27) Bibiliya iratomora yuko Sheoli na Hadesi vyompi bivuga imva abantu bose bajamwo, kandi ayo majambo akaba yerekeza ku rupfu, si ku buzima. (Zaburi 89:48; Ivyahishuriwe 20:13) Ivyanditswe biradoma kandi urutoke ku cizero c’uko umuntu azova mu mva biciye kw’izuka. (Yobu 14:13; Ivyakozwe 2:31) Ariko ku baja muri Gehinomu bobo, nta cizigiro kihari c’uko bazovayo, kandi ubugingo ntibwigera buvugwa yuko aho hantu buri hari ubuzima.—Matayo 10:28.

8. Ugutahura neza izuka vyosha gute inyifato y’umuntu be n’ivyo akora?

8 Igihe ivyo bintu bimaze gutomorwa, umuntu arashobora rero gufashwa gutegera ico izuka ryoshobora kumumarira. Arashobora gutangura kunyurwa n’urukundo Yehova yerekanye mu gutunganya ikintu ciza igitangaza mwene ico. Intuntu ababuze ababo bagira, irashobora kworoshwa n’ukwitegana umunezero ukuzosubira kubonana na bo mw’isi nshasha y’Imana. Gutahura ivyo bintu kandi ni rwo rupfunguzo rwo gutahura insobanuro y’urupfu rwa Kirisitu. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baratahura yuko izuka rya Yezu Kirisitu ari ryo shingiro ry’ukwizera kwa gikirisu, kukaba kwugururira abandi inzira y’ukuzuka. Baramamaza n’umwete ivyerekeye izuka rya Yezu hamwe n’icizigiro ritanga. Abategera izuka muri iki gihe na bo nyene rero, barashashaye kubwira abandi ukwo kuri kw’agaciro.—Ivyakozwe 5:30-32; 10:42, 43.

Gukoresha ‘Urupfunguzo rwa Hadesi’

9. Yezu abanza gukoresha ‘impfunguzo z’urupfu n’iza Hadesi’ gute?

9 Abantu bose bafatanya na Kirisitu mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru amaherezo bategerezwa kubanza gupfa. Mugabo barazi neza ukuntu yabasubirije umutima mu nda igihe yavuga ati: “Nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu [“Hadesi,” NW].” (Ivyahishuriwe 1:18) Aho yashaka kuvuga iki? Yariko yerekeza ku vyamubayeko ubwiwe. Na we nyene yabwirijwe gupfa. Mugabo Imana ntiyamurekeye muri Hadesi. Ku musi ugira gatatu, Yehova ubwiwe yaramuzuye amuha ubuzima bw’impwemu, amuha n’ukudapfa. (Ivyakozwe 2:32, 33; 10:40) Vyongeye, Imana yaramuhaye ‘impfunguzo z’urupfu na Hadesi’ ngo azozikoreshe mu kuzura abandi ngo na bo bave mu mva ya bose, baruhuke ingaruka zazanywe n’icaha ca Adamu. Kubera ko afise izo mpfunguzo, Yezu arashoboye kuzura mu bapfuye abayoboke biwe b’abizerwa. Abanza kuzura abagize ishengero ryiwe basizwe impwemu, akabaha ya ngabirano y’agaciro y’ubuzima bw’ukudapfa bwo mw’ijuru, nk’uko na Se yayimuhaye.—Abaroma 6:5; Ab’i Filipi 3:20, 21.

10. Izuka ry’Abakirisu b’abizerwa basizwe riba ryari?

10 Ni ryari Abakirisu b’abizerwa basizwe bozukiye kuja mw’ijuru? Bibiliya irerekana yuko iryo zuka ryamaze gutangura. Intumwa Paulo yarasiguye yuko bozuwe ‘mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu,’ (NW) ukwo kuhaba kwiwe kukaba kwatanguye mu mwaka w’1914. (1 Ab’i Korinto 15:23) Iyo Abakirisu basizwe barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi muri iki gihe c’ukuhaba kwiwe, ntibarinda kuguma mu rupfu gushika aho Umukama wabo azogarukira. Buno nyene bagipfa, baca bavyurwa mu mpwemu, ‘bagahindurwa mu kanya nk’ako gukubita ingohe.’ Ese umunezero bagira, kubera ko ibikorwa bakoze “bijana na bo bibakurikiye”!—1 Ab’i Korinto 15:51, 52; Ivyahishuriwe 14:13.

11. Ni izuka nyabaki rizohaba ku bw’abantu muri rusangi, kandi rizotangura ryari?

11 Mugabo izuka ry’abaragwa Ubwami bazukira ubuzima bwo mw’ijuru si ryo zuka ryonyene rihari. Kuba ryitwa “ukuzuka kwa mbere” mu Vyahishuriwe 20:6 birerekana yuko hari irindi zuka ritegerezwa gukurikira. Abungukira kw’izuka rya kabiri bazoba biteganye umunezero wo kuzogira ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo. Uti none ivyo bizoba ryari? Igitabu c’Ivyahishuriwe cerekana yuko hazoba ari igihe “isi n’ijuru” bizoba vyakuweho, ivyo bikaba ari urunkwekwe rw’ibintu rw’ubu hamwe n’abategetsi batwara muri rwo. Uwo muhero w’urunkwekwe rushaje uregereje cane. Mu nyuma yaho, igihe Imana yashinze kigeze, izuka ryo kw’isi rizotangura.—Ivyahishuriwe 20:11, 12.

12. Mu bantu b’abizerwa bazozurirwa kuba kw’isi hazoba harimwo na bande, kandi ni kuki ico ari ikintu twiteganye akanyamuneza koko?

12 Mu bazozukira kuba kw’isi hazoba harimwo bande? Muri bo hazoba harimwo abasavyi ba Yehova b’abizerwa bo kuva mu bihe vya kera cane, ni ukuvuga abagabo n’abagore ‘batemeye gucungurwa’ kubera bari bizeye izuka bimwe bikomeye. Ni ukuvuga ko batokwemeye kudohoka ku Mana barondera kwikingira ugupfa nabi kwoba kubajaniranije hakiri kare. Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubamenya ubwacu no kubiyumvira batubwira ido n’ido ry’ivyabaye usanga bivugwa muri make gusa muri Bibiliya! Abandi bazozurirwa kuba kw’isi ni Abeli, ca cabona ca mbere co kwizigirwa ca Yehova; Henoki na Nowa, bakaba bari abamamaji badatinya b’ubutumwa bw’Imana bwaburira abantu imbere y’uko rya Segenya riza; Aburahamu na Sara, bamwe bakira abamarayika; Musa, umwe yahabwa Ivyagezwe ku Musozi Sinayi; ba bahanuzi b’umutima rugabo nka Yeremiya umwe yibonera isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C.; be na Yohani Umubatizi, umwe yiyumvira Imana ubwayo ivuga ko Yezu ari Umwana wayo. Vyongeye, hazoba hariho abagabo n’abagore benshi b’intahemuka bapfuye muri iyi misi y’iherezo y’uru runkwekwe rw’ibintu.—Abaheburayo 11:4-38; Matayo 11:11.

13, 14. (a) Ni ibiki bizoshikira Hadesi n’abapfuye bari muri yo? (b) Mu bazozuka hazoba harimwo bande, kandi kuki?

13 Mu nyuma, abandi turetse abasavyi b’Imana b’abizerwa, na bo nyene bazozurwa mu bapfuye, ntihagire n’umwe asigara muri ya mva abantu bose bajamwo. Turashobora kubona ingene iyo mva izosigara yera, turabiye ku kungene Yezu azokoresha ‘impfunguzo za Hadesi’ ku neza y’abantu. Ivyo birerekanwa mu vyo intumwa Yohani yeretswe, aho yabonye Hadesi ‘itabwa mu kiyaga caka umuriro.’ (Ivyahishuriwe 20:14) Ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko Hadesi, ya mva abantu bose bajamwo, izokurwaho ubutagisubira kubaho. Izovaho, ni ukuvuga ikurwemwo abari barapfuye bakayitabwamwo bose, kubera ko turetse ukuzura abasenga Yehova bose b’abizerwa, Yezu azogarukana n’abantu b’abagabitanya abitumwe n’ikigongwe. Ijambo ry’Imana riradukura amazinda riti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”—Ivyakozwe 24:15.

14 Nta n’umwe muri abo bantu b’abagabitanya azozurwa kugira gusa acirwe urubanza rwo gusubira gupfa. Kubera ko ukugororoka kuzoba kwuzuye kw’isi yose ku ngoma y’Ubwami bw’Imana, bazofashwa guhuza ubuzima bwabo n’inzira za Yehova. Iryo yerekwa ryerekanye yuko hari “[i]gitabo c’ubu[zima]” kizozingururwa. Bazoronka rero akaryo ko kugira ngo amazina yabo yandikwe muri co. ‘Bazocirwa imanza zikwiranye n’ivyo bakoze’ inyuma y’ukuzuka kwabo. (Ivyahishuriwe 20:12, 13) Gutyo, hihwejwe ico bazovamwo, ukuzuka kwabo kurashobora kuzogaragara ko kwabaye ‘ukuzukira ubuzima,’ ntikube ‘ukuzukira ugucirwako iteka.’—Yohana 5:28, 29.

15. (a) Ni bande batazozuka? (b) Kumenya ukuri kwerekeye izuka bikwiye gukora iki kuri twebwe?

15 Ariko rero, si ababayeho bose hanyuma bagapfa bazozuka. Bamwebamwe bakoze ivyaha bidashobora kurekurirwa. Mwene abo ntibari muri Hadesi, ahubwo bari muri Gehinomu, ari ho bahonera ubutakivayo. Muri abo hazoba kandi harimwo abazotikirira muri ya “marushwa ahambaye” yimirije. (Matayo 12:31, 32; 23:33; 24:21, 22; 25:41, 46; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-9) Gutyo rero, naho Yehova agira ikigongwe kidasanzwe mu gukura abapfuye muri Hadesi, icizigiro c’izuka nta shimikiro gitanga ry’uko twokwibera ba sindabibazwa ku kuntu tubaho muri iki gihe. Nta zuka rishoboka ku bagarariza n’ibigirankana ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Kumenya ivyo bikwiye kutuvyurira umutima wo kwerekana yuko dukenguruka vy’ukuri ubuntu tudakwiriye bw’Imana, mu kubaho twisunga ivyo igomba.

Abaremeshejwe n’Icizigiro c’Izuka

16. Icizigiro c’izuka gishobora gute kuba isoko ry’inkomezi zihambaye?

16 Abo muri twebwe bagize icizigiro c’izuka icabo bwite, barashobora kukironkeramwo inkomezi zihambaye. Ubu, iyo twegereje iherezo ry’ubuzima bwacu, turazi ko tudashobora kwigiza kure urupfu, naho hokoreshwa ubuhinga bumeze gute mu vy’ubuvuzi. (Umusiguzi 8:8) Nimba twarakoreye Yehova twifatanije n’ishirahamwe ryiwe tudahemuka, turashobora kwitegana igishika kazoza ata bwoba. Turazi yuko biciye kw’izuka, tuzosubira kwinovora ubuzima, mu gihe kibereye Imana yashinze. Kandi ese ukuntu ubwo buzima buzoba buryoshe! Buzoba ari ‘ubuzima nyakuri,’ nk’uko intumwa Paulo yabwise.—1 Timoteyo 6:19; Abaheburayo 6:10-12.

17. Ni igiki gishobora kudufasha tukaguma turi intadohoka kuri Yehova?

17 Kumenya yuko hariho izuka be no kumenya Uwatunganije ico kintu biratuma dushobora gukomera mu kwizera. Ivyo biradukomeza kugira ngo tube intahemuka ku Mana no mu gihe twoba duhanamiwe n’urupfu rutewe n’abaturwanya b’inkazi. Shetani aramaze igihe kirekire akoresha ubwoba kugira ngo dutinye gupfa ningoga, akabukoresha nk’uburyo bwo kugumiza abantu mu buja. Mugabo Yezu ntiyari afise ubwoba mwene ubwo. Yarerekanye yuko ari umwizerwa kuri Yehova, gushika ku gupfa. Biciye ku nkuka y’incungu yiwe, Yezu yaratanze uburyo bwotuma abandi bakizwa mwene ubwo bwoba.—Abaheburayo 2:14, 15.

18. Ni igiki cafashije abasavyi ba Yehova kuba intadohoka bimwe biboneka gutyo?

18 Bivuye ku kungene bari bizeye iyo ntunganyo y’inkuka ya Kirisitu be n’izuka, abasavyi ba Yehova barabaye intadohoka bimwe biboneka. Igihe bashirwako umukazo, baragaragaje yuko ‘badakunda amagara yabo’ kuruta uko bakunda Yehova. (Ivyahishuriwe 12:11) N’ubukerebutsi bwinshi, ntibaheba ingingo ngenderwako za gikirisu mu kugerageza gukiza ubuzima bwabo bwo muri iki gihe. (Luka 9:24, 25) Barazi yuko naho bobura ubuzima bwabo ubu bivuye ku gushigikira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova badahemuka, Yehova azobaronsa impera biciye kw’izuka. Wewe woba ufise ukwizera mwene ukwo? Uzokugira nimba ukunda Yehova vy’ukuri kandi ukaba ushira ku mutima ico icizigiro c’izuka gisobanura koko.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ni kuki umuntu akeneye gutahura ivyerekeye ubugingo be n’ukuntu abapfuye bamererwa imbere y’uko ashobora gutahura ivy’izuka?

• Ni bande bazogaruka bavuye mu bapfuye, kandi kumenya ivyo bikwiye gukora iki kuri twebwe?

• Icizigiro c’izuka kidukomeza gute?

[Ifoto ku rup. 84, 85]

Yehova asezerana yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abagabitanya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika