Ikigabane ca 7
Ukugamburuka kuragukingira
WOBISHIMA hamwe woba ushobora gukora ikintu cose ushaka? Hoba hari igihe wumva wipfuza ko hatogira umuntu n’umwe akubwira ico wokora? Mbwiza ukuri none ico wiyumvira.—
Ni kubera iki ukwiye kwumvira abantu bakuze?
Mugabo ni igiki cokubera ciza? Ubwo ugiye urakora ikintu cose wishakira, vyoba ari vyiza? Canke ibintu vyoba bimera neza iyo ugamburukiye so wawe na nyoko wawe?— Imana ivuga yuko ukwiye kugamburukira abavyeyi. Urumva rero ko hategerezwa kuba hariho imvo nziza yotuma ubagamburukira. Reka turabe niba twomenya imvo yotuma ubagamburukira.
Ufise imyaka ingahe?— Woba uzi imyaka so wawe afise?— Nyoko wawe canke nyogokuru wawe canke sogokuru wawe, bafise imyaka ingahe?— Babayeho igihe kirekire cane kukurusha. Kandi uko umuntu amara imyaka myinshi, ni ko aronka umwanya munini wo kumenya ibintu. Arumva ibintu vyinshi kandi akabona ibintu vyinshi, kandi ku mwaka ku mwaka agakora ibintu vyinshi. Urumva rero ko abantu bakiri bato bashobora kwigira ku bakuze.
Woba uzi umuntu akiri mutoyi kuri wewe?— Woba uzi ibintu vyinshi kumurusha?— Ni kubera iki uzi ibintu vyinshi kumurusha? Ni kubera ko wabayeho igihe kirekire kumurusha. Wararonse umwanya munini wo kumenya ibintu uwukiri muto kuri wewe ataramenya.
Ni nde yabayeho igihe kirekire kurusha wewe canke jewe canke kurusha uwundi muntu uwo ari we wese?— Ni Yehova. Arazi ibintu vyinshi kukurusha, kandi na jewe arazi ibintu vyinshi kundusha. Igihe atubwiye gukora ikintu ico ari co cose, turashobora kwemera neza ata mazinda yuko ari co kintu ciza twokora, naho nyene coshobora kuba kigoye gukora. Wari uzi yuko na wa Mwigisha Ahambaye igihe kimwe yasanze kugamburuka bigoye?—
Igihe kimwe, Imana yasavye Yezu gukora ikintu cari kigoye cane. Yezu yaciye abanza gusenga ku bw’ico kintu, nk’uko tubibona ngaha. Yasenze ati: “Asangw’ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne”. Mu gusenga gutyo, Yezu yerekanye yuko bitama vyoroshe gukora ivyo Imana igomba. Mugabo none Yezu yarangije gute isengesho ryiwe? Woba ubizi?—
Ni ibiki dushobora kwigira kw’isengesho Yezu yatuye?
Yezu yarangije iryo sengesho mu kuvuga ati: “Ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba” (Luka 22:41, 42). Egome, yashaka ko ivyo Imana igomba ari vyo biba, ntibibe ivyo we yigombera. Kandi yaciye ashishikara akora ivyo Imana ishaka ko akora, aho gukora ivyo we yiyumvira ko ari vyo vyoba vyiza.
Ni igiki none dushobora kwigira kuri ivyo?— Twiga yuko imisi yose vyama ari vyiza gukora ivyo Imana ivuga, naho vyoba bitoroshe gukora. Mugabo turiga ikindi kintu. Urakizi?— Imana na Yezu si umuntu umwe, nk’uko bamwe babivuga. Yehova Imana ni we mukuru akaba ari na we azi ibintu vyinshi kurusha umwana wiwe Yezu.
Iyo tugamburukiye Imana, tuba turiko twerekana ko tuyikunda. Bibiliya ivuga iti: ‘Ugukunda Imana ni uku, ni uko twitondera amabwirizwa yayo’ (1 Yohana 5:3). Urabona rero yuko twese dukeneye kugamburukira Imana. Nawe urashaka kugamburukira Imana, si ko?—
Reka twakire Bibiliya yacu, hanyuma turabe ico Imana ibwira abana gukora. Tugiye gusoma ivyo Bibiliya ivuga mu Banyefeso ikigabane ca 6, umurongo wa 1, uwa 2 n’uwa 3. Havuga hati: ‘Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kuko ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko: iryo ni ryo bwirizwa rya mbere ririmwo isezerano, kugira ngo uronke amahoro, urambire kw’isi’.
Urabona rero, Yehova Imana ubwiwe ni we akubwira kugamburukira so wawe na nyoko wawe. None ngaho ‘kububaha’ bisobanura iki? Bisobanura yuko ukwiye kubatera iteka. Kandi Imana isezerana yuko igihe ugamburukira abavyeyi bawe, ‘uzoronka amahoro’.
Reka ngutere inkuru y’abantu bamwebamwe barokoye ubuzima kubera bagamburutse. Abo bantu babayeho kera cane, mu gisagara kinini ca Yeruzalemu. Abantu benshi bo muri ico gisagara ntibumviye Imana, ari co gituma Yezu yababuriye yuko Imana yari igiye gutuma igisagara cabo gisenyagurika. Yezu yarababwiye kandi ukuntu bari gushobora kurokoka baramutse bakunze ibigororotse. Yavuze ati: ‘Nimwabona i Yeruzalemu hakikujwe n’ibitero, muze mumenye yuko uguhona kwaho kugira gushike. Ico gihe abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire’.—Luka 21:20-22.
Ukwumvira itegeko rya Yezu kwakijije gute aba bantu?
Emwe, nk’uko Yezu yabivuze, ingabo zaraje gutera Yeruzalemu. Ingabo z’Abaroma zarakikuje ico gisagara cose. Maze, sinzi icatumye abo basoda bavayo barigira. Ico gihe abantu benshi biyumviriye yuko akaga gaheze, baca bigumira muri nya gisagara. Ariko Yezu yari yavuze ko bari bakwiye gukora iki?— Wewe wari gukora iki iyo uba uri i Yeruzalemu?— Abizera Yezu vy’ukuri barahevye amazu yabo, birukira mu misozi kure y’i Yeruzalemu.
Haraciye umwaka wose ata kintu kibaye kuri Yeruzalemu. Mu mwaka ugira kabiri, nta kintu cabaye. Mu mwaka ugira gatatu, nta kintu cabaye. Abantu bamwebamwe bashobora kuba bariyumvira yuko abari bavuye muri ico gisagara bari basaze. Mugabo rero mu mwaka ugira kane, ingabo z’Abaroma zaragarutse. Zasubiye gukikuza Yeruzalemu hose. Ico gihe hari harengeranye guhunga. Buno nya ngabo zarahoneje ico gisagara. Abantu benshi bari muri ico gisagara barapfuye, abasigaye na bo bagirwa imbohe.
Mugabo abagamburukiye Yezu vyabagendeye gute?— Nta cabakomye. Bari bigiriye kure y’i Yeruzalemu. Ni co gituma ata co babaye. Ukugamburuka kwarabakingiye.
None niwaba ugamburuka, weho ukwo kugamburuka kwoba kuzogukingira?— Abavyeyi bawe boshobora kukubwira ngo ntuze wigere ukinira mw’ibarabara. Ni kubera iki babikubuza?— Ni kubera ko umuduga woshobora kukugonga. Mugabo umusi umwe wohava wiyumvira uti: ‘Ubu nta miduga iriho. Nta co mba. Hari n’abandi bana bakinira mw’ibarabara, kandi sindigera mbona hagira ico baba’.
Ni kubera iki ukwiye kugamburuka n’igihe ubona ko ata ngeramizi ihari?
Ukwo ni ko abantu benshi b’i Yeruzalemu biyumviriye. Ingabo z’Abaroma zimaze kuhava, wamengo nta nkomanzi. Abandi bari bigumiye mu gisagara. Na bo baciye bigumirayo. Bari baburiwe, mugabo baranka kwumva. Vyatumye bahasiga ubuzima.
Reka dufate akandi karorero. Woba urigera ukina n’utwampi tw’ikibiriti?— Womenga bisa n’ibiryoshe kwitegereza umuriro igihe urashe akampi. Mugabo gukina n’utwampi tw’ikibiriti vyoshobora gukwega ibara. Inzu yose yoshobora gusha igahera, na wewe ugapfa!
Ibuka, kugamburuka rimwerimwe gusa ntibihagije. Mugabo ugumye ugamburuka imisi yose, ivyo bizogukingira vy’ukuri. Kandi ni nde ababwira ngo: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu”?— Ni Imana. Kandi uribuka yuko Imana ivuga ivyo kubera ko igukunda.
Ubu na ho soma ibi vyanditswe vyerekana ingene kugamburuka ari ikintu gihambaye: Imigani 23:22; Umusiguzi 12:13; Yesaya 48:17, 18; n’Ab’i Kolosayi 3:20.