ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 11 rup. 62-66
  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 11 rup. 62-66

Ikigabane ca 11

Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana

ABANTU bamwebamwe bavuga yuko bemera gusa ico bashobora kubona. Mugabo ubwo ni ubujuju. Hariho ibintu vyinshi biriho koko, mugabo tutarigera tubona n’amaso yacu. Woba ushobora kuvuga kimwe muri ivyo?—

Tuvuge iki ku biraba impemu duhema? Twoba dushobora kuzikorakora?— Duza ikiganza cawe, maze ugihuheko. Hoba hari ico wumvise kuri ico kiganza?— Egome wacumvise, mugabo ntushobora kubona izo mpemu, si ko?—

Turamaze kuyaga ku vyerekeye ibiremwa vy’impwemu tudashobora kubona. Twize yuko bimwe ari vyiza ibindi na vyo ko ari bibi. Nuvuge amazina y’abantu beza bo mu buryo bw’impwemu tudashobora kubona.— Hariho Yehova Imana, hariho Yezu, hariho n’abamarayika beza. Hoba hariho n’abamarayika babi?— Bibiliya ivuga yuko bariho. Mbwira ivyo wize ku biraba abo bamarayika babi.—

Ico tuzi coco ni uko abamarayika beza be n’abamarayika babi, bompi bakomeye kudusumba. Wa Mwigisha Ahambaye yari azi vyinshi ku vyerekeye abamarayika. Yari abizi kubera yuko yari umumarayika imbere y’uko avuka ari akayoya ngaha kw’isi. Yari yarabanye n’abandi bamarayika mw’ijuru. Yari azi abamarayika amamiliyoni n’amamiliyoni. Abo bamarayika bose boba bafise amazina?—

Urumva, twize yuko Imana yise inyenyeri amazina. Ni co gituma ata mazinda dufise ko abamarayika bose, na bo nyene bafise amazina. Ikindi kandi, turazi yuko bashobora kuganira hagati yabo, kubera yuko Bibiliya ivuga ibiraba ‘ururimi rw’abamarayika’ (1 Ab’i Korinto 13:1). Wibaza ko abamarayika baganira iki? Boba baganira ku bitwerekeye twebwe abari kw’isi?—

Turazi yuko abamarayika ba Shetani, ni ukuvuga amadayimoni, bagerageza kudusuka mu vyo kugambararira Yehova. Rero, bategerezwa kuba baganira ku kuntu bashobora kubigira. Bashaka ko tumera nka bo kugira ngo na twebwe nyene Yehova ntadukunde. Mugabo, abamarayika b’Imana b’abizerwa bo baganira iki? Woba wibaza ko na bo nyene baganira ibitwerekeye?— Ego cane. Barashaka kudufasha. Reka ndakubwire ukuntu abamarayika bamwebamwe b’Imana bafashije abantu bakunda Yehova kandi bamukorera.

Nk’akarorero, hari umugabo yitwa Daniyeli yaba i Babiloni. Abantu benshi b’aho i Babiloni ntibakunda Yehova. Abantu mbere barashinze itegeko ryohanye umuntu wese yari gusenga Yehova Imana. Mugabo, Daniyeli ntiyahagaritse gusenga Yehova. Woba uzi ico bakoreye Daniyeli?—

Emwe, abantu babi baratumye Daniyeli atabwa mu rwobo rw’intambwe. Muri urwo rwobo, Daniyeli yari kumwe n’intambwe zishonje. Woba uzi ivyaciye bishika?— Daniyeli yavuze ati: “Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge”. Nta n’urwara zamuriye! Abantu bakorera Yehova, abamarayika barashobora kubagirira ibintu bitangaje.—Daniyeli 6:18-22.

Imana yakoze iki kugira ngo irokore Daniyeli?

Ikindi gihe, Petero yari mw’ibohero. Niwibuke yuko Petero yari umugenzi wa wa Mwigisha Ahambaye, Yezu Kirisitu. Abantu bamwebamwe ntibanezerewe igihe Petero yababwira yuko Yezu ari Umwana w’Imana. Ni co gituma baciye bata Petero mw’ibohero. Hari abasoda bari barinze Petero kugira ngo ntatoroke. Hoba hari umuntu n’umwe yari gushobora kumufasha?—

Petero yari asinziriye, ari hagati y’abarinzi babiri, kandi aboshwe iminyororo ku maboko. Mugabo, Bibiliya ivuga iti: ‘Maze umumarayika w’Umwami Imana araza, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura ati: “Vyuka n’ingoga”’.

Umumarayika yafashije gute Petero kuva mw’ibohero?

Umumarayika amubwiye atyo, iminyororo yari iboshe amaboko ya Petero iracika ica irakoroka! Maze umumarayika amubwira ati: ‘Kenyera, ambara inkweto zawe maze unkurikire’. Umurinzi ntiyashobora kubahagarika, kubera yuko nya mumarayika yariko arafasha Petero. Bashitse ku rugi rw’icuma, haca haba ikintu gitangaje. Urwo rugi ruriyugurura ata wurukozeko! Uyo mumarayika yabohoje Petero kugira ngo ashobore kubandanya kwamamaza inkuru nziza.—Ivyakozwe 12:3-11.

None abamarayika b’Imana boba bashobora kudufasha na twebwe?— Egome, barashobora kudufasha. Ivyo vyoba bisobanura yuko batazokwigera bareka ngo hagire ikitubabaza?— Ekaye, mu gihe dukoze ibintu bibi, abamarayika ntibatangira ikintu kitubabaza ngo ndikidushikire. Mugabo, n’igihe nyene tutakoze ikintu kitabereye, harashobora kuba ikintu kitubabaza. Abamarayika ntibahabwa ibwirizwa ryo kubuza ivyo bintu ngo ntibishike. Ahubwo, Imana yabahaye igikorwa kidasanzwe.

Bibiliya iravuga ivyerekeye umumarayika ariko abwira abantu bo mu mihingo yose ngo basenge Imana (Ivyahishuriwe 14:6, 7). Uwo mumarayika abigenza gute kugira ngo ababwire ivyo bintu? Yoba asemerera ari mw’ijuru ku buryo abantu bose bamwumva?— Ekaye. Ahubwo, abayoboke ba Yezu bari kw’isi barabwira abandi bantu ivyerekeye Imana, maze abamarayika bakabarongora muri ico gikorwa bakora. Abamarayika baritwararika abantu bashaka koko kumenya Imana, bakabafasha kuronka akaryo ko kwumva ibiyerekeye. Turashobora kugira uruhara muri ico gikorwa co kuvuga inkuru nziza, kandi abamarayika bazobidufashamwo.

Mugabo, vyogenda gute mu gihe abantu badakunda Imana baduteye ingorane? Vyogenda gute mu gihe badutaye mw’ibohero? Abamarayika boba botubohoza?— Barafise ububasha bwo kubigira. Mugabo, ivyo ntibama nantaryo babigize.

Umumarayika ariko abwira iki Paulo?

Paulo umuyoboke wa Yezu, igihe kimwe yari imbohe. Yari ku rugendo mu bwato, igihe hari igihuhusi gikomeye. Mugabo, abamarayika ntibaciye ubwo nyene bamubohora. Ntibaciye babigira kubera yuko hariho n’abandi bantu bari bakeneye kwumva ivyerekeye Imana. Umumarayika umwe yavuze ati: “Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari”. Emwe, Paulo yari kurengutswa imbere ya Kayisari umutware aganza isi, kugira ngo ashobore kumubwira inkuru nziza. Abamarayika bama imisi yose bazi aho Paulo ari, kandi bakamufasha. Na twebwe bazodufasha niba vy’ukuri dukorera Imana.—Ivyakozwe 27:23-25.

Hariho ikindi gikorwa gihambaye abamarayika bazokora, kandi bagiye kugikora vuba. Igihe Imana yashinze co gusangangura abantu babi kiregereje cane. Abantu bose badasenga Imana y’ukuri bazosangangurwa. Abavuga ko batemera yuko abamarayika babaho kubera gusa badashobora kubabona, bazomenya ko bihenze cane.—2 Ab’i Tesalonike 1:6-8.

Ivyo bizoba bivuze iki kuri twebwe?— Niba turi ku ruhande rumwe n’abamarayika b’Imana, bazodufasha. Mugabo none, twoba turi ku ruhande rumwe na bo?— Tuba turi ku ruhande rumwe na bo igihe dukorera Yehova. Kandi, niba dukorera Yehova, tuzoba turiko tubwira abandi bantu kumukorera na bo nyene.

Kugira ngo umenye ibindi vyerekeye ukuntu abamarayika bagira ico bakoze mu buzima bw’abantu, soma Zaburi 34:7; Matayo 4:11; 18:10; Luka 22:43; n’Ivyakozwe 8:26-31.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika