Ivyo abana bakeneye ku bavyeyi babo
ABAVYEYI bose baragira uruhara mu kintu umuntu adashobora gutahura bimwe vyuzuye. Sebibondo na inabibondo, umwe wese aragira ico atanze kivuye muri we. Igihe ivyo bintu bihuye bica bivamwo ubuzima, bugatangura gukurira mu nda ya inabibondo, hakazovamwo umuntu. Ntibitangaje rero kwumva abantu bavuga yuko igihe uruyoya ruvutse haba habaye “igitangaro c’ivuka”.
Birumvikana, kuvyara abana ni intango gusa y’ibanga abavyeyi bajejwe. Abana bakivuka ivyo bakenera vyose ahanini babikesha abavyeyi babo, ariko uko bagenda barakura, usanga ari ko barushiriza gukenera kwitwararikwa no mu bindi bintu atari mu vy’umubiri gusa. Barakenera gufashwa kugira ngo bakure mu bwenge, mu vy’inyiyumvo, mu vy’inyifato no mu vy’impwemu.
Kugira ngo abana bakure neza, barakeneye canecane urukundo rw’abavyeyi. Naho kuvuga amajambo agaragaza urukundo bihambaye, ayo majambo akwiye gushirwa mu ngiro. Ego cane, abana barakeneye akarorero keza k’abavyeyi. Barakeneye uburongozi mu vy’inyifato be n’ingingo ngenderwako bokwisunga mu buzima. Ivyo na vyo bakaba babikeneye kuva bakivuka. Ibintu bivuna umutima birashobora gushika igihe abana badafashijwe hakiri kare.
Ingingo ngenderwako ziboneka aho ari ho hose kandi ziruta izindi zose, tuzisanga muri Bibiliya. Inyigisho ishingiye kuri Bibiliya ivamwo ivyiza ntangere. Biciye kuri iyo nyigisho, abana baratahura yuko ivyo bariko barabwirwa bitaba bivuzwe n’umuntu, ahubwo ko biba bivuzwe n’Umuremyi wabo, ni ukuvuga Se wabo wo mw’ijuru. Ivyo biratuma impanuro itanzwe igira ububasha ata co bwogereranywa.
Bibiliya iremesha abavyeyi gukora bagatama kugira ngo bashire mu mitima y’abana babo ingingo ngenderwako zigororotse. Ariko rero, uko abana bagenda barakura akenshi usanga abavyeyi bibagora kuyaga na bo ibibazo bihambaye kuruta ibindi. Iki gitabu, Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, canditswe ngo gifashe kugira ngo iyo ngorane ntitsimbatare. Wewe hamwe n’abana bawe, iki gitabu kizobaronsa amayagwa yo mu vy’impwemu yo gusomera hamwe. Vyongeye, kizotuma haba ikiyago hagati y’abakiri bato n’abafatanya na bo gusoma ico gitabu.
Uzobona yuko iki gitabu gisaba ko abana batanga inyishu. Muri ayo mayagwa haratangwamwo ibibazo vyinshi bibereye. Niwashika kuri ivyo bibazo, uzobona agakwego karekare (—). Ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukaremesha umwana gutanga inyishu. Abana barakunda kugira uruhara mu bintu. Mu gihe umwana adahawe ijambo ngo agire ico avuze, ntateba gutakaza ugushimishwa.
Ariko igihambaye kuruta, ivyo bibazo bizogufasha kumenya ico umwana wawe yiyumvira. Ego ni ko, vyoshika umwana agatanga inyishu zitari zo. Mugabo amayagwa akurikira ikibazo kimwekimwe cose yagenewe gufasha uwo mwana kwigana uburyo bwiza bwo kwiyumvira buri muri iki gitabu.
Umuce udasanzwe w’iki gitabu ni amashusho yaco arenga 230. Kuri menshi muri ayo mashusho hariko utubazo dusaba ko umwana yishura yisunze ivyo abona n’ivyo yasomye. Niwihweze rero ayo mashusho uri kumwe n’umwana. Ayo mashusho arashobora kuba uburyo bwo kwigisha bufasha umuntu kwibuka ibintu bihambaye yize.
Mu gihe umwana yiga gusoma, numuremeshe agusomere ico gitabu n’ijwi ryumvikana yongere acisomere n’ijwi ryumvikana. Uko arushiriza kugisoma, ni ko impanuro nziza gitanga zizorushiriza kwiyandika mu bwenge bwiwe no mu mutima wiwe. Mugabo, kugira ngo ukomeze urukundo rurangwa igishika be n’ukwubahana biri hagati yawe n’umwana wawe, mukwiye gusomera hamwe iki gitabu, kandi ivyo mukabigira ubudahorereza.
Abana basigaye bisuka mu ngeso mbi zijanye n’ibitsina, mu vy’ubupfumu be no mu bindi bikorwa biteye isoni, ivyo bikaba ari ibintu mu myaka nk’ingahe iheze abantu batiyumvira ko vyoshobora gukorwa n’abana. Ku bw’ivyo, abana barakeneye gukingirwa; iki gitabu na co kikaba gifasha muri ivyo mu buryo buranga urupfasoni yamara budakikiriza. Ariko rero, abana barakeneye canecane kuyoborwa ku wo ubukerebutsi bwose bukomokako, uwo na we akaba ari Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova Imana. Yezu, wa Mwigisha Ahambaye, yamye nantaryo ayobora abantu muri ubwo buryo. Turizigiye tudakeka ko iki gitabu kizobafasha wewe n’umuryango wawe kugira ivyo muhinduye mu buzima bwanyu kugira ngo muhimbare Yehova, ivyo na vyo bikazotuma muhezagirwa ibihe bidahera.l