ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bh rup. 199-rup. 201 ing. 4
  • Yezu Kristu ni we Mesiya yari yarasezeranywe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kristu ni we Mesiya yari yarasezeranywe
  • Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ivyo bijanye
  • Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yezu Kirisitu—Ni We Rupfunguzo rw’Ubumenyi Bwerekeye Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
bh rup. 199-rup. 201 ing. 4

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Yezu Kristu ni we Mesiya yari yarasezeranywe

KUGIRA ngo Yehova Imana adufashe kumenya Mesiya, yarahumekeye abahanuzi batari bake bo muri Bibiliya, baratanga ido n’ido ry’ibintu vyerekeye ivuka, igikorwa be n’urupfu vy’Umurokozi yari yarasezeranywe. Ubwo buhanuzi bwose bwo muri Bibiliya bwarangukiye kuri Yezu Kristu. Biratangaje kubona ukuntu ata gakosa na kamwe kari muri ubwo buhanuzi be n’ukuntu buvuga ibintu ido n’ido. Mu kubitangira akarorero, reka turimbure ubuhanuzi bukeyi bwari bwaravuze ibintu vyerekeye ivuka rya Mesiya be n’ubwana bwiwe.

Umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ko Mesiya yokomotse ku Mwami Dawidi. (Yesaya 9:7) Ni ivy’ukuri Yezu yakomotse mu muryango wa Dawidi.​—Matayo 1:1, 6-17.

Uwundi muhanuzi yavugishwa n’Imana yitwa Mika, yari yaravuze ko uwo mwana yohavuye aba umutware be n’uko yovukiye i “Betelehemu Efurata.” (Mika 5:2) Mu gihe c’ivuka rya Yezu, hari ibisagara bibiri muri Isirayeli vyitwa Betelehemu. Kimwe cari hafi ya Nazareti mu ntara iri mu buraruko bw’ico gihugu, ikindi kikaba hafi ya Yeruzalemu muri Yuda. Betelehemu yo hafi ya Yeruzalemu yari yahoze yitwa Efurata. Yezu yavukiye muri ico gisagara, nk’uko nyene ubuhanuzi bwari bwarabivuze!​—Matayo 2:1.

Hari ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ko Umwana w’Imana yohamagawe “ngo ave mu Misiri.” Yezu akiri umwana yarajanywe mu Misiri. Yagarukanywe inyuma y’urupfu rwa Herodi, gutyo ubwo buhanuzi buba burarangutse.​—Hoseya 11:1; Matayo 2:15.

Mu gicapo gifise umutwe uvuga ngo “Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya”, ivyanditswe bitondetse mu nkingi ivuga ngo “Ubuhanuzi,” birimwo ido n’ido ry’ibintu vyerekeye Mesiya. Turagusavye ubigereranye n’ivyanditswe bitondetse mu nkingi ivuga ngo “Iranguka.” Kubigenza gutyo bizotuma urushiriza kwizera ko Ijambo ry’Imana ari ukuri.

Igihe usuzuma ivyo vyanditswe, nugume wibuka ko ibivuga ivy’ubuhanuzi vyanditswe hagisigaye imyaka amajana ngo Yezu avuke. Yezu yavuze ati: “Ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi no mu Mazaburi ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka.” (Luka 24:​44) Nk’uko ushobora kubisuzuma muri Bibiliya yawe, vyararangutse ata gahaze.

UBUHANUZI BWEREKEYE MESIYA

ICABAYE

UBUHANUZI

IRANGUKA

Yavukiye mu muryango wa Yuda

Itanguriro 49:10

Luka 3:23-33

Yavyawe n’umwigeme w’isugi

Yesaya 7:14

Matayo 1:18-25

Yakomotse ku Mwami Dawidi

Yesaya 9:7

Matayo 1:1, 6-17

Yehova atangaza ko ari Umwana wiwe

Zaburi 2:7

Matayo 3:17

Ntibamwemeye

Yesaya 53:1

Yohani 12:37, 38

Yinjira i Yeruzalemu ari ku ndogobwa

Zekariya 9:9

Matayo 21:1-9

Agurishwa n’umugenzi pfampfe

Zaburi 41:9

Yohani 13:18, 21-30

Agurishwa ibiceri 30 vy’ifeza

Zekariya 11:12

Matayo 26:14-16

Yinumira imbere y’abamwagiriza

Yesaya 53:7

Matayo 27:11-14

Bapfindira ivyambarwa vyiwe

Zaburi 22:18

Matayo 27:35

Baramushinyagurije amanitswe ku giti

Zaburi 22:7, 8

Matayo 27:39-43

Nta gufa ryiwe na rimwe ryavunywe

Zaburi 34:20

Yohani 19:33, 36

Ahambwa hamwe n’abatunzi

Yesaya 53:9

Matayo 27:57-60

Yazutse atarabora

Zaburi 16:10

Ivyakozwe 2:24, 27

Ashirwa hejuru iburyo bw’Imana

Zaburi 110:1

Ivyakozwe 7:56

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika