Ururirimbo 63
Ntitugeza guhemuka
Integuro icapuwe
1. Ntitugeza guhemuka
Ku Mana yo Segaba.
Bwa basavyi biyeguye
Dushits’ivy’adusaba.
Impanuro aturonsa
Ni zo zidukingira.
Ntahemuka, tumwizere.
Ntituzomuvirira.
2. Ntitugeza guhemuka
Ku bavukanyi bacu.
Iyo bari mu ngorane
Tubitaho nk’abacu.
Twama tubater’iteka
Mu buryo tubafata.
Twame turi hafi yabo;
Oya ntituzobata.
3. Ntitugeza guhemuka
Ku nyobozo duhabwa,
Tukaguma tuzisunga.
Kwumvira birasabwa.
Nitwaba intahemuka
Ntituzobur’ivyiza.
Nitwirinda guhemuka,
Yehov’azodukiza.
(Raba kandi Zab. 149:1; 1 Tim. 2:8; Heb. 13:17.)