ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jr ikig. 11 rup. 128-139
  • “Abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba”
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • URUHARA BAJEJWE RWO GUKINGIRA
  • ‘NTA GUKEKA KO BAZOBARAGIRA’
  • “IBI NI VYO YEHOVA AVUZE”
  • BATOZA INDERO “KU RUGERO RUBEREYE”
  • Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Abungere babera ‘ivyitegererezo ubusho’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Tugamburukire abungere ba Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
jr ikig. 11 rup. 128-139

IKIGABANE CA CUMI NA RIMWE

“Abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba”

1, 2. (a) Vyogenda gute hamwe ubusho bw’intama butokingirwa? (b) Ni ibiki umwungere w’intama wo mu bihe vya Bibiliya yakora?

UWITWA Hiroyasu wo mu Buyapani, yari akiri agahungu gatoyi igihe nyina wiwe yamugurira intama zibiri, impfizi n’ingore. Yarazoroye, kandi nya ntama y’ingore yahavuye iza iravyara imyagazi ibiribiri uko umwaka utashe, maze ubusho butangura kugwira. Igihe yari afise imyaka 12, nya busho bwari bugizwe n’intama 12 canke 13. Hiroyasu arigana ivyo yibuka ati: “Umusi umwe mu gaturuturu nkiryamye, narumvise nya ntama ziriko zirabira. Sinashotse nja kuziraba. Igihe amaherezo naja kuziraba, nabonye imbwebwe zitari nke ziriko ziriruka zihejeje gutabagura imyagazi yanje. Naciye nja kurondera nyina wazo nataye umutwe. Nayisanze mu kidengeri c’amaraso itaracikana. Ya mpfizi ni yo yonyene yarusimvye. Nahatswe gusara. Ese iyo nca nja kuziraba ncumva zabiye! Ntizari zishoboye kwikura mu vyara vy’izo mbwebwe.”

2 Mu bihe vya Bibiliya, abantu nka bose bari bamenyere igikorwa c’umwungere. Umwungere w’intama yaraja kuragira intama ziwe akongera akiyemeza neza yuko zahaze. Vyongeye, yarazikingira ibikoko vyozirya akongera akarondera izazimiye. (1 Sam. 17:34-36) Uwo mwungere yaritwararika ko intama ziwe ziryamira zikaruhuka ata nkomanzi. Yarafasha kandi izaba ziriko ziravyara, akitwararika imyagazi yazo. Abanditsi ba Bibiliya, ushizemwo na Yeremiya, barakoresheje ijambo “umwungere” bashaka kugereranya umuntu yari ajejwe ibanga ryo kwitwararika abantu kanaka, yaba ari indongozi yabo canke uwabaronsa ivyo bakenera mu vy’impwemu.

3. Yeremiya yariko yerekeza kuri bande igihe yakoresha ijambo “umwungere” be n’ijambo ‘kuragira’?

3 Hari abo mw’ishengero rya gikirisu boshobora kwiyumvira ko igikorwa co kuragira abakurambere bajejwe kigarukira gusa ku kugendera abavukanyi babo kugira ngo babafashe bongere babaremeshe. Ariko rero, dufatiye ku kuntu Yeremiya akoresha ijambo “umwungere” be n’ijambo ‘kuragira,’ turabona yuko yakoresheje ayo majambo afise mu muzirikanyi imice yose iranga ubucuti bwari hagati y’Abayuda be n’abari babahagarikiye. Imana yaravuze akatari gake ko abaganwa, abahanuzi be n’abaherezi ba Yuda bari abungere babi kubera ko batarondera ineza y’abantu babayabaye. (Yer. 2:8) Barafata nabi abo twokwita ko bari intama zabo, bakabayovya bakongera bakabirengagiza, magingo baba bariko bikurikiranira inyungu zabo bwite. Abasavyi b’Imana bari bamerewe nabi mu vy’impwemu. Yehova yatangaje ko abo bungere b’ikinyoma bari ‘bagowe,’ yongera arakura amazinda abasavyi biwe yuko yobaronkeje abungere bitwararikana kandi baguma bari maso, bokingiye vy’ukuri ubusho.​—Soma Yeremiya 3:15; 23:1-4.

4. Ni bande bariko bitwararika ubusho bw’Imana muri iki gihe, kandi babigirana agatima akahe?

4 Uwo muhango Imana yatanze warangukiye mu buryo bukomeye kuri wa Mwungere Mukuru w’intama za Yehova, ni ukuvuga Yezu, uwahavuye aba Umutwe w’ishengero rya gikirisu. Yezu ubwiwe yaravuze yuko ari we “mwungere w’agahebuza,” agaragariza impuhwe nyakuri abo ayobora. (Yoh. 10:11-15) Muri iki gihe, Yehova ariko arakoresha abungere batobato kugira ngo bitwararike ubusho bwiwe bwo kw’isi. Abo bungere usanga ari abavukanyi barobanujwe impwemu bo mu mugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge be n’abakurambere bitwararika ibintu bo mu bagize “isinzi rinini.” (Ivyah. 7:9) Abo bungere barihatira kugaragaza agatima ko kwitanga nka kumwe kwa Yezu. Barigana Kristu mu kugaburira ishengero no mu kurikunda. Haragowe umwungere wese yirengagiza abavukanyi biwe canke akabakandamiza, abakarira canke akabagaya! (Mat. 20:25-27; 1 Pet. 5:2, 3) None Yehova yiteze iki ku bungere bakirisu muri iki gihe? Ni igiki dushobora kwigira ku vyo Yeremiya yanditse ku bijanye n’agatima be n’intumbero abakurambere bakwiye kuba bafise mu kwitwararika amabanga bajejwe? Nimuze turimbure ukuntu abakurambere barangura uruhara bajejwe rwo gufasha, gukingira, kwigisha abo mw’ishengero canke abandi bantu, be n’urwo guca imanza.

URUHARA BAJEJWE RWO GUKINGIRA

5-7. (a) Yehova yiteze ko intama ziwe zitwararikwa mu buryo ubuhe, kandi kubera iki? (b) Ni gute abakurambere bokwerekana ko bakunda vy’ukuri abavukanyi babo, ushizemwo n’abazimira bakaja kure y’ishengero?

5 Intumwa Petero yavuze ko Yehova ari “umwungere akaba n’umucungezi w’ubuzima bwa[cu].” (1 Pet. 2:25) Imana ibona gute “intama” zayo? Inyishu y’ico kibazo tuyironka mu kwihweza ivyabaye mu gihe ca Yeremiya. Yehova amaze kunegura abungere babi bashwiragije ubusho bakongera bakabwirengagiza, yaciye avuga yuko ‘yokoranirije’ hamwe intama ziwe, akazigarukana mw’itongo ry’uburagiriro bwazo. Yasezeranye ko yozironkeje abungere beza ‘boziragiye koko’ bakongera bakiyemeza neza yuko abo basavyi biwe bakingiwe abansi b’inkazi. (Yer. 23:3, 4) Emwe, Yehova yarabona ko intama ziwe ziri n’agaciro koko! Intama ziwe zo muri iki gihe na zo nyene ni ko azibona. Yaratanze ikintu c’agaciro ntangere ku bw’ineza yazo y’ibihe bidahera.​—1 Pet. 1:18, 19.

6 Nka kurya kw’abungere nya bungere, abacungezi bakirisu ntibakwiye kwirengagiza ishengero. Niba uri umukurambere, woba wihatira kuguma ugavye ku buryo umenya akantu kose kerekana ko abavukanyi bawe bageramiwe, kandi woba ufise umutima ukunze wo guca ubaserukako udatevye? Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ubwirizwa kumenya ingene umukuku wawe umeze. Shira umutima wawe ku masho yawe.” (Imig. 27:23) Ico canditswe kirashimika ku mwete abungere nya bungere bagira; ariko naho biri ukwo, ivyo birashobora kwerekezwa no ku kuntu abungere bo mw’ishengero bitwararika intama zo mu buryo bw’impwemu. Niba uri umukurambere, woba urwanya wivuye inyuma impengamiro yose woba ufise yo kuganza abandi? Kuba Petero yaravuze ivyo “gukandamiza abari intoranwa y’Imana,” birerekana ko bishoboka rwose yuko umukurambere ivyo yobigira. Wokora iki kugira ngo ugire ico uterereye mw’iranguka ry’ibivugwa muri Yeremiya 33:12? (Soma.) Abavyeyi birerana abana, abapfakazi, imiryango igizwe n’abavyeyi basubiye kwubakana n’abandi, abageze mu zabukuru, be n’abakiri bato cane usanga bakeneye kwitwararikwa no gufashwa bimwe bidasanzwe.

Ifoto ku rup. 130

7 Nka kumwe kw’umwungere nya mwungere, rimwe na rimwe vyoba ngombwa ko umwungere w’ishengero arondera akongera agafasha abantu bazimiye bakaja kure y’ishengero babitumwe n’imvo zitandukanye. Kugira ngo ivyo abishobore, birasaba ko agaragaza agatima ko kwitanga no kwicisha bugufi. Aramara umwanya yihanganye ariko yitwararika ivyo abo ajejwe gucungera bakeneye. Vyoba vyiza abakurambere b’ishengero bibajije ata buryarya bagiranye, bati: ‘Ni ku rugero rungana iki nihatira kuremesha abandi no kubakomeza aho kubacira urubanza canke kubanebagura? Noba vy’ukuri mfise umutima ukunze wo kugira ivyo ndyohoye?’ Rimwe na rimwe vyoshobora gusaba ko abakurambere bagira utwigoro tudatezura kugira ngo bafashe umuntu kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Igihe umuvukanyi canke mushiki wacu atihutiye kwemera impanuro zishingiye ku Vyanditswe (atari izishingiye gusa ku vyiyumviro vy’abakurambere), niwibuke ko Yehova ari we Mwungere Ruheta akaba n’Umucungezi Ruheta. Abigiranye ukwihangana, ‘yagumye abwira’ abasavyi biwe bigira ibiro biteze, arondera kubafasha. (Yer. 25:3-6) Muri iki gihe, si abasavyi b’Imana bose bamogorera gukora ibibi, ariko igihe bibaye ngombwa ko umukurambere atanga impanuro, abwirizwa kuyitanga nk’ukwo kuntu Yehova yabigira.

8. Abungere bakirisu boshobora gute kwigana Yeremiya?

8 Yeremiya yarasenze asabira Abayuda bagenziwe, kubera yuko hari hakiriho icizigiro c’uko bogarutse kuri Yehova. Yabwiye Imana ati: “Niwibuke ko nahagaze imbere yawe kugira ngo mvuge iciza ku biberekeye, ngo nsubize inyuma ubushangashirwe bwawe bubaveko.” (Yer. 18:20) Urabona ko ayo majambo yerekana yuko Yeremiya, aho kwibanda cane kuri kamere mbi z’abavukanyi biwe, yibanda cane kuri kamere nziza zabo. Muri iki gihe, abacungezi bakirisu bakwiye kwigana agatima Yeremiya yari afise gushika habonetse ibimenyamenya bitomoye vyerekana yuko umuntu yiyemeje mu mutima wiwe gukora ikibi, kandi ntiyigaye. Kugira ngo ivyo babishikeko, intambwe nziza abo bacungezi botera ni iyo gukeza abandi kubera ivyiza bakora kandi bagasenga babasabira canke bagasenga bari kumwe na bo.​—Mat. 25:21.

Ni umuhango uwuhe Imana yatanze biciye kuri Yeremiya ku bijanye n’abungere bakirisu? Abacungezi bakirisu bashobora gute gukingira ishengero?

‘NTA GUKEKA KO BAZOBARAGIRA’

9, 10. Ni kubera iki kuba umwungere (umukurambere w’ishengero) mwiza bisobanura kandi kuba umwigisha?

9 Mu buryo buhuje n’ibivugwa muri Yeremiya 3:15, abungere bakirisu bategerezwa ‘kuragirana abandi ubumenyi n’ugutahura kwimbitse,’ ivyo bikaba bisobanura ko ari abigisha. (1 Tim. 3:2; 5:17) Yehova yasezeraniye abasavyi biwe ko ivyo ari vyo abungere beza bogize. Vyongeye, yararemesheje Abayuda kwemera umuhanuzi Yeremiya akabakosora kandi akabigisha. (Soma Yeremiya 6:8.) Kugira ngo intama zigire amagara meza, zirakeneye kugaburirwa neza. Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo abasavyi b’Imana bagume bafise amagara meza mu buryo bw’impwemu, barakeneye kuragirwa, ivyo bikaba bisobanura kuronswa ubuyobozi no kugaburirwa hakoreshejwe Ivyanditswe.

10 Ku bijanye no kwigisha, abakurambere bafise ibanga ririmwo abiri, ni ukuvuga ko bajejwe gufasha abasanzwe bagize ishengero be no gufasha abataracika abakirisu b’ukuri. Ku vyerekeye abo bataracika abakirisu b’ukuri, niwibuke ko kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ari kimwe mu bintu nyamukuru vyatumye ishengero rya gikirisu rishingwa. Ni co gituma abakurambere bategerezwa kuba abamamaji b’injili b’abanyamwete. (Yer. 1:7-10) Muri ubwo buryo, baba bashikije ibanga Imana yabajeje, bakaba kandi babereye akarorero keza abavukanyi babo. Niba uri umukurambere, ntumaze kubona none ko kwamamaza udahorereza uri kumwe n’abavukanyi na bashiki bacu batandukanye bikuronsa akaryo ko kubafasha kuryohora ububangukirwe bwabo bwo kwigisha, na wewe bigatuma uryohora ubwawe? N’ikindi kandi, igihe uja imbere abandi mu kwamamaza injili ubigiranye umwete, uba uriko uraronsa ishengero indemesho ikomeye cane ku buryo ivyo bishobora gufasha abarigize bose gutera imbere.

11, 12. Umukurambere yipfuza kuba umwungere mwiza ategerezwa kuba maso ku biki?

11 Kugira ngo ivyo abakurambere bigisha mw’ishengero bibe vy’ukuri ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu vyubaka, bitegerezwa kuba bishingiye kuri Bibiliya. Uca ubona rero ko kugira ngo abungere b’ishengero babe abigisha babishoboye, bategerezwa kwiga Ijambo ry’Imana babigiranye umwete. Indongozi z’Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya zozo ntizari zibishoboye kubera ko yavuze ku bizerekeye ati: “Abungere berekanye ko batiyumvira, ntibarondera Yehova. Ni co gituma batakoranye ugutahura kwimbitse, kandi ibitungwa vyose baragira vyarashwiragiye.” (Yer. 10:21) Abari bakwiye kuba ari abigisha ntibariko bakurikiza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, eka kandi ntibariko barondera Imana. Ni co gituma bitoshobotse ko bakorana ubukerebutsi nyakuri. Yeremiya yaratangaje urubanza rukomeye kuruta abo bahanuzi b’ikinyoma bociriwe.​—Soma Yeremiya 14:14, 15.

12 Abacungezi bakirisu ntibameze nk’abo bungere b’ikinyoma, kuko bobo biyigisha bakongera bakigana akarorero ka Yezu. Ku bw’ivyo, barashobora gusukura ari abungere b’ubusho b’inkerebutsi. Gukurikiza urutonde rwabo rwo kwiyigisha badahorereza vyoshobora kubabera urugamba, bivanye n’uko usanga bakenera umwanya wo kwitwararika amabanga atandukanye bajejwe. Ariko niba uri umukurambere, woba warajijutse bimwe bishitse yuko igihe ivyo wigisha ubishingira kw’Ijambo ry’Imana be no ku buyobozi butangwa n’umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, ari ho gusa biba ngirakamaro, bikabamwo ubumenyi n’ugutahura kwimbitse kandi ntibibemwo amakosa? Niba ubona ko utagikurikiza urutonde rwawe rwo kwiyigisha nk’uko wahora, ni igiki none wokora kugira ngo ntiwigere umera nka ba bungere b’ikinyoma bo mu gihe ca Yeremiya?

Ifoto ku rup. 135

13. Ni ibiki vyafashije Yeremiya kuba umwigisha mwiza, kandi ni igiki abungere bakirisu bashobora kumwigirako muri iki gihe?

13 Ikintu ahanini catuma Yeremiya aba umwigisha abishoboye ni uko yakoresha ibigereranyo. Mu vy’ukuri, we yakurikiza ivyo Yehova amubwiye. Ese ukuntu cabaye ikintu c’intibagirwa ku bamubonye ariko aramenagurira hasi ikibumbano, maze agatangaza ko Yeruzalemu be n’abanyagihugu baho bomenaguwe nka co! (Yer. 19:1, 10, 11) Akandi karorero ni igihe Yeremiya yakora ingǒgo y’igiti akayishira ku bitugu kugira ngo yerekane amagorwa Abayuda bogize bari mu buja i Babiloni. (Yer., ikig. 27-28) Imana ntitegeka abakurambere bo mw’ishengero ukukira ngo bakore nk’ivyo bintu nyene Yeremiya yakoze igihe bigisha. Naho biri ukwo, ntukenguruka none kubona bita ku rutare kugira ngo bakoreshe mu nyigisho batanga uburorero be n’ivyabonywe bibereye? Mu vy’ukuri, uturorero be n’ibigereranyo vyacaguwe neza birashobora kugira ikintu gikomeye bikoze ku muntu, bikongera bigatuma agira ico akoze.

14. (a) Yeremiya yashaka kwerekana iki igihe yavuga ibijanye n’‘umusomozo w’i Gileyadi’? (b) Abakurambere bakirisu bashobora gute gutuma abavukanyi babo bagira amagara meza mu buryo bw’impwemu?

14 Ese ukuntu dukenguruka cane igikorwa co kwigisha abo bungere bakirisu bakora! Mu gihe ciwe, Yeremiya yarabonye ko vyari bikenewe ko abantu b’ihanga ryiwe bakizwa mu buryo bw’impwemu. Yabajije ati: “Mbega i Gileyadi ntihari umusomozo? Canke ntihariyo umuvūzi?” (Yer. 8:22) I Gileyadi, ni ukuvuga mu gice ca Isirayeli co mu buseruko bwa Yorodani, hari hariho igiterwa c’umusomozo. Amavuta amota neza y’ico giterwa yarakoreshwa cane mu vyo kuvura, kubera ko akenshi bayakoresha mu kugabanya ububabare be no kuvura ibikomere. Ariko rero, nta gukizwa kwo mu buryo bw’impwemu kwariho. Uti kubera iki? Yeremiya yavuze ati: “Vy’ukuri, abahanuzi bavuga ubuhanuzi mu kinyoma; nayo abaherezi, bakandamiza abantu bisunze ububasha bwabo. Kandi abantu banje bakunze ko biba gutyo.” (Yer. 5:31) Bite ho muri iki gihe? Ntiwemera none yuko mw’ishengero ukukira hariho ico twokwita umusomozo w’i Gileyadi? Uwo musomozo ugabanya ububabare twowugereranya n’impumurizo abungere bakirisu bitwararika abandi batanga igihe berekeza abavukanyi babigiranye urukundo ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, igihe babaremesha be n’igihe babashira mu masengesho batura ukwabo canke mu yo batura bari kumwe na bo.​—Yak. 5:14, 15.

Ni igiki canecane kigukora ku mutima ku bijanye n’ingene abakurambere bo mw’ishengero ukukira bigisha? Ni ibiki bituma inyigisho zabo ziba ngirakamaro?

“IBI NI VYO YEHOVA AVUZE”

15, 16. Ni kubera iki, zaba intama nya ntama canke intama zo mu buryo bw’impwemu, zompi zikeneye kwitwararikwa?

15 Iyumvire umunezero umwungere nya mwungere agira igihe havutse imyagazi ifise amagara meza inyuma y’igikorwa kitoroshe aba amaze ikiringo kitari gito arangura. Ariko rero, arazi yuko kugira ngo iyo myagazi ikure neza, abwirizwa kuyitwararika. Uwo mwungere ategerezwa kwiyemeza neza ko iyo myagazi igaburirwa mu buryo bubereye. Mu mihingo imwimwe, imyagazi y’intama usanga ivuka ifise igitsembetsembe kirekera ku buryo gishobora kwanduzwa n’ibisyogororo canke uwundi mwanda. Kubera ko uwo mwungere aba yipfuza ko iyo myagazi yiwe iguma isukuye kandi ifise amagara meza, arashobora kugabanya ibitsembetsembe vyayo, ivyo akabigira avyitondeye cane kugira ngo ntayibabaze bidakenewe. Abungere bakirisu na bo nyene baritwararikana urukundo intama, ni ukuvuga abagize ishengero ryabo. (Yoh. 21:16, 17) Abakurambere baragira kandi umunezero mwinshi igihe babona ingene abashimishijwe n’ukuri batera imbere bakaba abakirisu b’ukuri. Abacungezi bakirisu bipfuza ko intama zose, zaba ari izikiri ntoyi canke izikuze, ziguma zifise amagara meza kandi zigaburirwa neza, akaba ari co gituma bazamizako ijisho, bakanazigarukirako igihe bikenewe. Nta gukeka ko ivyo birimwo kwama bibutsa abavukanyi ‘ivyo Yehova avuga,’ ni ukuvuga, ivyo Ivyanditswe vyigisha.​—Yer. 2:2, 5; 7:5-7; 10:2; Tito 1:9.

16 Yeremiya yari akeneye ubutinyutsi kugira ngo atangaze ubutumwa bw’Imana. Abacungezi b’ishengero na bo nyene barakeneye ubutinyutsi, na canecane igihe bategerezwa kugira ico bavuze kugira ngo bakingire abavukanyi babo. Nk’akarorero, birashobora gushika umwungere mukirisu akabona ko bikenewe kugira ico akoze kugira ngo akingire abo twokwita imyagazi ikivuka canke mbere intama zimaze gukura, ntibanduzwe n’isi ya Shetani. Vyoshika mbere uwuba ari mu kaga ntasabe impanuro. Naho vyoba bimeze gutyo, umwungere yitaho intama ziwe yoguma none yihagarariye arorera ingene imwe mu ntama ziwe itera igana ahari akaga, ntagire ico akora? Oya na we nu! N’ikindi kandi, ivyo ntiyobifata minenerwe yibwira ko ibintu bigenda neza kandi atariko biri, ku buryo bishobora no gutuma uwo musuku mugenzi we atakaza amahoro yari afitaniye na Yehova.​—Yer. 8:11.

17. Ni ryari umwungere yokwitwararika bimwe bidasanzwe intama yinaka, kandi ivyo yobigira gute?

17 Bishitse intama igasamara maze ikaja kure y’ubusho, umwungere yama agavye akwiye guca yihutira kuyigarukana ahantu hatagira inkomanzi. (Soma Yeremiya 50:6, 7.) Muri ubwo buryo nyene, vyoshobora gushika umucungezi akazirikanira hamwe n’ababa bariko berekeza ku gukora ivyobakwegera akarambaraye, ivyo akabigira ata gufyina ariko abigiranye urukundo. Nk’akarorero, yoshobora kubona ko abareshanije bamara umwanya munini bari ahantu bishobora kworoha ko inyiyumvo zabo z’ivy’urukundo zobarengera, kandi akaba ata wubaherekeza bari kumwe. Umukurambere w’umutima mwiza kandi yitwararika abandi yoshobora kubafasha kwirinda ibintu nk’ivyo vyobata mu kaga. Magingo yiyubara kugira ngo yirinde kubagiriza, yoshobora kubereka ibintu bokwirinda kugira ngo ntibakore ikintu Yehova yanka. Nka kumwe kwa Yeremiya, abakurambere b’abizigirwa bariyamiriza ivyo Imana yiyamiriza. Barigana Yehova, uwutakariye abasavyi biwe ahubwo riho akaba yarabinginze biciye ku muhanuzi wiwe ati: “Ndabinginze ntimukore ico kintu giteye ishishi nanka.” (Yer. 5:7; 25:4, 5; 35:15; 44:4) Woba vy’ukuri ukenguruka ukuntu abungere barangwa urukundo bitwararika ubusho?

18. Ni ivyiza biremesha ibihe biva ku twigoro abungere bakirisu bagira?

18 Ego ni ko, abo Yeremiya yahanuye ntibavyakiriye neza bose. Ariko ntiwumve, hari abavyakiriye neza. Nk’akarorero, igihe Baruki, umugenzi wa Yeremiya akaba n’umunyabanga wiwe, yari akeneye guhanurwa ata gufyina, Yeremiya ntiyagonanywe kubigira. (Yer. 45:5) Uti none vyavuyemwo iki? Baruki yaratoneshejwe n’Imana yongera ararokoka isangangurwa rya Yeruzalemu. No muri iki gihe nyene, ivyiza biva ku kuba abakurambere b’ishengero bafasha abo basangiye ukwizera birashobora kuremesha abo bakurambere ‘kubandanya kwijukira uguhimiriza be n’ukwigisha,’ ico kikaba ari igikorwa ndokorabuzima.​—1 Tim. 4:13, 16.

BATOZA INDERO “KU RUGERO RUBEREYE”

Ifoto ku rup. 138

19, 20. Ni ibanga irihe abakurambere baba bajejwe igihe bicarira ibibazo bijanye n’abacumuzi?

19 Muri iki gihe, abacungezi bararangura uruhara rwo kuba abacamanza bo mu buryo bw’impwemu. Hari igihe bishika abakurambere bakicarira ibibazo bijanye n’abakora ibicumuro n’ibigirankana, ivyo bakabigira barondera kubafasha ngo bigaye. Yehova abigiranye ubuntu yamara ata guca ku ruhande, yararemesheje abacumuzi ngo bavavanure n’inzira mbi zabo. (Yer. 4:14) Ariko rero, igihe umuntu wo mw’ishengero atavavanuye n’ingendo yiwe yo gukora igicumuro, abacungezi bategerezwa kugira ico bakoze kugira ngo bakingire ubusho ntibwanduzwe n’akosho gashobora kwonona. Nk’uko Ivyanditswe bibitegeka, boshobora guca mw’ishengero uwo mucumuzi. Yehova yiteze ko abakurambere bashigikira ubutungane bwiwe mu bihe nk’ivyo. Umwami mwiza Yosiya ni akarorero keza muri ivyo. “Yaraburanye urubanza rw’umurushwa n’urw’umworo.” Mu kubigenza gutyo, yariko arigana Imana mu kuntu igaragaza ubutungane ibigiranye urukundo. Ni co catumye Yehova abaza ku bijanye n’ibikorwa vya Yosiya, ati: “None ukwo ntikwari ukumenya jewe?” Yosiya “vyaramugendeye neza” kubera ko yakora yisunze ubutungane n’ubugororotsi. None ntiwumva urushirije gutekanirwa igihe abakurambere bo mw’ishengero ukukira bihatira kwigana Yosiya?​—Yer. 22:11, 15, 16.

20 Niwemere udakeka yuko Yehova atoza indero abacumuzi “ku rugero rubereye.” (Yer. 46:28) Muri ubwo buryo nyene, bivanye n’uko ibintu biba vyifashe be n’agatima abo basangiye ukwizera baba bagaragaje, abakurambere boshobora kubahanura, kubahimiriza, canke na ho bakabakangira. Kandi vyoshobora mbere kuba ngombwa ko umucumuzi atigaya acibwa mw’ishengero. Igihe ibintu bigenze ukwo, amasengesho abakurambere batura ku mugaragaro ntakwiye kujamwo ivyo gusabira uwaciwe abandanya ingendo yiwe yo gukora igicumuro; kuko ivyo ata co vyomara.a (Yer. 7:9, 16) Ariko rero, bazokwigana Imana mu kwereka uwo muntu yaciwe ingene ashobora gusubira gutoneshwa n’Imana. (Soma Yeremiya 33:6-8.) Naho ingingo yo guca umuntu mw’ishengero usanga hari ukuntu ibabaza, turemera tudakeka ko ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse kandi zitunganye be n’uko zashizweho ku bw’ineza y’umwumwe wese muri twebwe.​—Int. 1:18.

21. Ubusho bw’Imana bukwiye kwama bumerewe gute, kandi ushobora gute kugira ico uterereye muri ivyo?

21 Igihe abakurambere bo mw’ishengero baba batahura neza ingingo mfatirwako z’Imana kandi bakazishira mu ngiro, ubusho buragaburirwa neza, bukagira amagara meza bukongera bugakingirwa neza. (Zab. 23:1-6) Yeremiya aratubwira agatima abakurambere botsimbataza be n’ako borandurana n’imizi, akongera akatwereka imvo bokorana ibintu be n’izo bokwirinda kugira ngo bibafashe gushitsa neza ibanga riremereye bajejwe ryo kwitwararika intama z’Imana. Ku bw’ivyo, umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ati: ‘Noba nzobandanya kwerekana ko nkenguruka intunganyo Yehova yashizeho yo kwigisha abasavyi biwe, kubayobora, no kubakingira mu gushigikira abungere ‘baragira koko’ ubusho babigiranye “ubumenyi n’ugutahura kwimbitse”?’​—Yer. 3:15; 23:4.

Ni ryari biba ngombwa ko abacungezi bakorana uburindutsi? Ni igiki Yehova yiteze ku bakurambere bakirisu igihe baba bariko baraca imanza?

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2001, ku rupapuro rwa 29-30.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika